Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igihimba ca 8

Nuhebe Idini y’Ikinyoma, Ukurikire Idini y’Ukuri

Nuhebe Idini y’Ikinyoma, Ukurikire Idini y’Ukuri

1. Ku vyerekeye ugusenga, ni ihitamwo irihe abantu bahanganye muri iki gihe?

YEZU yavuze ati: “Ūtamperereyeko n’umwansi wanje.” (Matayo 12:30) Turi ku ruhande rwa Yehova canke ku ruhande rwa Shetani. Abantu benshi biyumvira yuko bariko barakorera Imana mu buryo yemera, mugabo Bibiliya ivuga yuko Shetani ariko ‘arazimiza abari kw’isi yose.’ (Ivyahishuriwe 12:9) Abantu amamiliyoni bemera yuko bariko barasenga Imana, mugabo mu vy’ukuri bariko bakorera Shetani wa Mucokoranyi! Abantu muri iki gihe barahanganye n’ihitamwo: bategerezwa gukorera Yehova, ‘Imana y’ukuri’ canke Shetani ‘Se w’ibinyoma.’—Zaburi 31:5; Yohana 8:44.

Nuvavanure n’Idini y’Ikinyoma

2. Ni uburyo bumwe ubuhe Shetani agerageza gutangira abantu ngo ntibasenge Yehova?

2 Gufata ingingo yo gukorera Yehova ni ihitamwo riranga ubukerebutsi, ihitamwo rituma umuntu yemerwa n’Imana. Mugabo Shetani ntanezerwa n’uko hagira umuntu n’umwe akorera Imana; ababigira arabateza ingorane. Uburyo bumwe abigira ni mu gutuma abandi bagucokora canke bakurwanya, mbere akaba ari abagenzi hamwe n’abo mu muryango. Yezu yagabishije ati: “Kand’abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo rwiwe.”—Matayo 10:36.

3. Uzogira iki nimba umuryango wawe canke abagenzi bawe barwanya ugusenga Imana kwawe?

3 Ivyo nivyagushikira, uzovyifatamwo gute? Abantu batari bake barazi yuko uburyo bwabo bwo gusenga atari bwo, yamara baragonanwa kuvavanura na bwo. Biyumvira yuko babigize boba bahemutse ku muryango wabo. Ivyo vyoba bifise ishingiro? Nimba umenye yuko abo mu muryango wawe ushika bakoresha ibiyayuramutwe birimwo ingeramizi, ntiwobaburira yuko ivyo biyayuramutwe bizobagirira nabi? Ntiworeka kwifatanya na bo mu kunywa ivyo biyayuramutwe, siko?

4. Yosuwa yabwiye iki Abisirayeli bo mu gihe ciwe ku vyerekeye ugusenga?

4 Yosuwa yaremesheje Abisirayeli guheba imigenzo mibi y’idini be n’imigenzo ya basekuruza babo. Yavuze ati: “Rero ni mwubahe Uhoraho, mumusabe mu vy’ukuri ata buryarya; mukūreho za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi no muri Egiputa, Uhoraho abe ari we musaba.” (Yosuwa 24:14) Yosuwa yari intahemuka ku Mana, kandi Yehova yaramuhezagiye. Nimba turi intahemuka kuri Yehova, natwe azoduhezagira.—2 Samweli 22:26.

Niwiyambure Ibintu Bikoreshwa mw’Idini y’Ikinyoma

5. Ni kuki dukwiye kwiyambura ibintu bijanye n’ubupfumu?

5 Kuvavanura n’idini y’ikinyoma bisobanura kandi yuko dukwiye kumenagura ikintu ico ari co cose kijanye n’ivy’ubupfumu dushobora kuba dufise, nk’ibiheko, imiringa y’ivy’ubupfumu n’ubukomo be n’ibindi bintu nk’ivyo. Ivyo birahambaye kubera vyerekana yuko twizigiye Yehova bimwe bishitse.

6. Abakirisu bo mu ntango ibitabu vyabo vy’ubupfumu babigize iki?

6 Rimbura kandi ivyo bamwebamwe mu Bakirisu bo mu ntango bagize igihe bafata ingingo yo gukurikira idini y’ukuri. Bibiliya ivuga iti: “Benshi no mu bakora ivy’ubupfumu bakoranya ibitabo vyabo vy’ubupfumu, babituririra mu maso ya bose.”—Ivyakozwe 19:19.

7. Dushobora gukora iki mu gihe amadayimoni aduturubitse?

7 Bamwebamwe mu batangura gukorera Yehova kandi bahora bakoresha ubupfumu, uburaguzi canke amareba barashobora guturubikwa n’amadayimoni. Igihe ivyo bigushikiye, nutakambire Yehova mw’isengesho n’ijwi rirenga, ukoresheje izina ryiwe. Azogufasha.—Imigani 18:10; Yakobo 4:7.

8. Abakirisu babona gute ibigirwamana, ibishusho be n’amasanamu bikoreshwa mu gusenga kw’ikinyoma?

8 Abipfuza gukorera Yehova bategerezwa kutabika canke ngo bakoreshe ikigirwamana na kimwe, igishushanyo canke isanamu n’imwe vyo mu gusenga kw’ikinyoma. Abakirisu nyakuri ‘barongorwa n’ukwizera ntibarongorwa n’ivyo babona.’ (2 Ab’i Korinto 5:7) Barubaha itegeko ry’Imana ribuza gukoresha igishusho na kimwe mu gusenga.—Kuvayo 20:4, 5.

Niwifatanye n’Abasavyi ba Yehova

9. Ni impanuro iyihe Bibiliya itanga ku vy’ugucika umunyabwenge?

9 Bibiliya ivuga iti: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge.” (Imigani 13:20) Nimba dushaka kuba abanyabwenge, dukwiye kugendana canke kwifatanya n’Ivyabona vya Yehova. Ni bo bantu bariko bagendera mu nzira ijana mu buzima.—Matayo 7:14.

10. Ivyabona vya Yehova bashobora kugufasha gute gukorera Imana?

10 Ivyabona mu vy’ukuri baritwararika abantu. Igikorwa cabo ni ugufasha abantu b’imitima nziraburyarya gutahura ukuri kwa Bibiliya kujana mu buzima budahera. Barashobora kugufasha mu kwigana nawe Bibiliya, ata co urishe. Bazokwishura ibibazo vyawe bongere bakwereke ukuntu woshira mu ngiro mu buzima bwawe ubumenyi bwo muri Bibiliya.—Yohana 17:3.

11. Amakoraniro ya gikirisu azogufasha gute?

11 Ku makoraniro yabo kenshi abera ku Ngoro y’Ubwami, uzokwiga vyinshi ku vyerekeye inzira za Yehova. Uzokomezwa mu cipfuzo ufise co gukurikira idini y’ukuri. Ikindi, uzomenyerezwa mu kuntu wofasha abandi kwiga ukuri kwo muri Bibiliya.—Abaheburayo 10:24, 25.

12. Isengesho rishobora kugufasha gute gukorera Imana?

12 Uko wiga vyinshi ku vyerekeye ukugomba kwa Yehova be n’umugambi wiwe, nta mazinda yuko uzokwongereza ugukenguruka kwawe ku bw’inzira ziwe ziranga urukundo. Ukwiye kandi gukuza icipfuzo ufise co gukora ibimuhimbara no kwirinda ibitamuhimbara. Niwibuke yuko ushobora kwegera Yehova mw’isengesho ukamusaba kugira ngo agufashe gukora ibigororotse no kwirinda ibibi.—1 Ab’i Korinto 6:9, 10; Ab’i Filipi 4:6.

Ushobora gukurikira ugusenga kw’ukuri gute?

13. Ushobora gute gutuma umutima wa Yehova unezerwa?

13 Mu nyuma, uko ukura mu buryo bw’impwemu, nta nkeka uzobona ko bikenewe gucika Icabona ca Yehova yamwiyeguriye kandi yabatijwe. Mu kwifatanya n’abasavyi ba Yehova, uzotuma umutima wa Yehova unezerwa. (Imigani 27:11) Uzoba mu bantu bahimbawe, abo Imana ibwira iti: “Nzogerēra muri bo, nzogendera muri bo, mbe Imana yabo, na bo babe abantu banje.”—2 Ab’i Korinto 6:16.