Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igihimba ca 2

Ushobora Gute Kumenya Ukuri Kwerekeye Imana?

Ushobora Gute Kumenya Ukuri Kwerekeye Imana?

1, 2. Ni akarorero akahe kerekana yuko hakenewe ikintu co kwisunga mu vyo kumenya ibintu vy’idini?

UKUMENYA Imana dushobora kugushikako gute? Vyoba bikenewe ko dusuzuma inyigisho zose zitangwa mu madini menshi? Ivyo ntivyoshoboka. Naho ivyo twoshobora kubigira, twomenya gute inyigisho y’ukuri iyo ari yo?

2 Nta nkeka, turavye ivyiyumviro vyose bitandukanye vyerekeye Imana bitangwa, turakeneye uburyo bwo kumenya ivy’ukuri ivyo ari vyo, ni ukuvuga ikintu co kwisunga abantu bashobora guhurizako. Tubitangire akarorero: Dufate ko havyutse ibihari kw’isoko ku vyerekeye ukuntu igitambara c’impuzu kireha. Uwugurisha avuze yuko ico gitambara c’impuzu ari ic’imetero zitatu, mugabo uwugura na we akiyumvira ko zidashika. Ico kibazo cotorerwa inyishu gute? Cotorerwa inyishu mu gupima ico gitambara bakoresheje imetero.

3. Ni kuki Bibiliya yanditswe?

3 Hoba hariho imetero, ni ukuvuga ikintu twokwisunga mu vyo kumenya ibintu vy’idini? Egome, ni Bibiliya. Imana yarandikishije Bibiliya kugira ngo abantu b’ahantu hose bashobore kumenya ukuri ku biyerekeye. Amabibiliya amamiliyaridi n’amamiliyaridi yaracapuwe. Bibiliya yarahinduwe, yose uko ingana canke igice, mu ndimi zirenga 2.100. Abantu nka bose barashobora gusoma ukuri kwerekeye Imana mu rurimi rwabo bwite.

4. Ni amakuru ayahe ari muri Bibiliya?

4 Bibiliya ni ingabirano y’agaciro iva ku Mana. Irasigura ibintu tutokwigeze tumenya. Iravuga ivyerekeye ababa mu karere k’impwemu. Irahishura ivyiyumviro vy’Imana, uko imeze be n’umugambi wayo. Iravuga ukuntu Imana yafashe abantu mu kiringo c’imyaka ibihumbi n’ibihumbi. Iravuga ibintu bizoba muri kazoza. Vyongeye irerekana ukuntu dushobora gutora inzira ijana mu buzima budahera.

Igituma Ushobora Kwizigira Bibiliya

5. Ni akarorero akahe kerekana yuko Bibiliya ihuza na siyansi?

5 Hariho imvo nyinshi zituma dushobora kwemera yuko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana koko. Imvo imwe ni uko Bibiliya ihuza na siyansi. Mu bihe vya kera abantu kw’isi yose biyumvira yuko hari ikintu kigumije isi. Nk’akarorero, muri Afirika yo mu Burengero, abantu bahora bemera yuko isi igumijwe n’inzoka yizinze, ikoresheje ibigonzi 3.500 hejuru y’isi be n’ibigonzi 3.500 munsi y’isi. Yamara, mu buryo buhuje na siyansi, haciye imyaka 3.500 umwanditsi wa Bibiliya yanditse yuko Imana “isi iyenetsa ku busa.”—Yobu 26:7.

6. Ni icemeza ikihe gikomeye kuruta ibindi c’uko Bibiliya iva ku Mana?

6 Icemeza gikomeye kuruta ibindi c’uko Bibiliya iva ku Mana koko, ni uko ibiyanditsemwo bitagira amahinyu mu vyo kubura ivya kazoza. Mu buryo buhushanye n’ivyo abantu babura, Imana irazi kazoza koko; ikintu cose ivuga cama nantaryo kiranguka.

7. Ni ubuhanuzi bumwebumwe ubuhe bwa Bibiliya bwarangutse muri kahise?

7 Ubuhanuzi bwa Bibiliya amajana n’amajana bwararangutse mu bihe vya kera. Nk’akarorero, hagisigaye imyaka 700 ngo bibe, Bibiliya yari yaravuze mu buryo butagira agakosa yuko Yezu yari kuvukira mu gisagara c’i Betelehemu, kandi ukwo ni ko vyabaye. (Mika 5:2; Matayo 2:3-9) Uretse ubundi buhanuzi bwinshi bwerekeye Yezu, Bibiliya yari yarabuye kandi yuko yovyawe n’isugi, kandi ko mu nyuma yogurishijwe intete 30 z’ifeza. Ubwo buhanuzi na bwo nyene bwararangutse. Tuvugishije ukuri, nta muntu yari gushobora kubūra ivyo bintu!—Yesaya 7:14; Zekariya 11:12, 13; Matayo 1:22, 23; 27:3-5.

8. Ni ubuhanuzi bumwebumwe ubuhe bwo muri Bibiliya buriko buraranguka muri iki gihe, kandi bwerekana iki?

8 Ubuhanuzi bwinshi bwo muri Bibiliya buriko buraranguka muri iki gihe cacu. Ngubu bukeyi muri bwo:

  • “Ihanga rizotera irindi hanga [mu ntambara], n’ubgami buzotera ubundi bgami. Kand’isi izonyiganyiga cane henshi, kandi hamwe-hamwe hazotera amapfa, hatere n’ikīza.”—Luka 21:10, 11.

  • ‘Ubugarariji bwogwiriye’—Matayo 24:12.

  • “Mu misi y’iherezo . . . abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, . . . batumvira abavyeyi, . . . batigarura, inkazi, badakunda ivyiza, . . . abikakisha, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana.”—2 Timoteyo 3:1-5.

Ntiwemera none yuko ivyo bintu biriko birashika muri iki gihe? Ukuba ubuhanuzi bwa Bibiliya ari ubw’ukuri kandi butagiramwo agakosa birerekana yuko Bibiliya atari igitabu gisanzwe. Ni Ijambo ry’Imana ryahumetswe!—2 Timoteyo 3:16.

Bibiliya Yoba Yarahindutse?

9, 10. Ni igiki cerekana yuko Imana itaretse abantu ngo bahindure Bibiliya?

9 Dufate yuko uri nyene ihinguriro kandi ukaba waramanitse urutonde rw’amategeko agenga abakozi bawe. Igihe umwansi kanaka ahinduye ivyo wari waranditse, wokora iki? Ntiwokosora ivyahinduwe? Muri ubwo buryo nyene, Imana ntireka ngo abantu bahindure ukuri kw’Ijambo ryayo, ari ryo Bibiliya.

10 Abagerageje guhindura inyigisho z’Ijambo ry’Imana ntibaroraniwe. Iyo tugereranije Bibiliya dufise muri iki gihe n’amakopi ya Bibiliya ya kera, usanga ari cokimwe. Ivyo vyerekana yuko Bibiliya itahindutse mu myaka n’iyindi ihaciye.