Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibimenyeshejwe abavyeyi

Ibimenyeshejwe abavyeyi

Ni ingabirano nziza kuruta izindi iyihe mwoha abana banyu? Hariho ibintu vyinshi bakeneye, harimwo kubakunda, kubayobora no kubakingira. Ariko rero, ingabirano y’agaciro kuruta izindi zose mwobaha, ni ubumenyi bwerekeye Yehova be n’ubwerekeye ukuri kwo mw’Ijambo ryiwe Bibiliya. (Yohani 17:3) Ubwo bumenyi burashobora gufasha abana banyu gukura bakunda Yehova no kumukorera n’umutima wabo wose, mbere kuva bakiri bato.—Matayo 21:16.

Abavyeyi benshi basanze abana batoyi baryoherwa n’ivyigwa bigufibigufi be no gukora ibintu bikeyi bijanye na vyo. Turahimbawe rero no kubaronsa aka gatabu Ivyigwa vyanje vya Bibiliya. Icigwa kimwekimwe cose kigenewe kwigisha mu buryo bworoshe. Amashusho be n’amajambo biri kumwe vyateguriwe canecane abana batarenza imyaka itatu. Harimwo inama mugirwa ku bijanye n’ivyokorwa. Agatabu Ivyigwa vyanje vya Bibiliya si igikinisho c’abana. Ahubwo nyabuna, kateguwe kugira ngo mugasome muri kumwe n’abana banyu, gutyo kabafashe kuyaga.

Twizigiye yuko aka gatabu kazobafasha kwigisha abana banyu ukuri kwo muri Bibiliya “guhera mu buhinja.”—2 Timoteyo 3:14, 15.

Abavukanyi banyu,

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova