Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Icigwa ca 2

Icigwa ca 2

Raba ivyo bikoko biri hafi y’ubwato bwa Nowa.

Ni ibihe vyabira kandi ni ibihe bikuga?

Ibikoko vyose, bigufi na birebire, ubwato bwa Nowa bwarabirokoye vyose.

KORA IBI

Somera umwana wawe:

Itanguriro 7:7-10; 8:15-17

Saba umwana wawe yerekane:

Idubu Imbwa Inzovu

Intama Intambwe Inkende

Ingurube Umusumbarembo

Imparage Umunywamazi

Saba umwana wawe yigane ijwi ry’ibi bikoko:

Imbwa Inyoni Inka

Ingurube Intama