Raporo yo mu 2022 yose ifatiwe hamwe
Ibiro vy’amashami vy’Ivyabona vya Yehova: 86
Igitigiri c’ibihugu bitanga raporo: 239
Amashengero yose hamwe: 117.960
Abitavye Icibutso kw’isi yose: 19.721.672
Abihereje ku bimenyetso vy’Icibutso kw’isi yose: 21.150
Abamamaji bose hamwe a: 8.699.048
Incahagati y’abamamaji buri kwezi: 8.514.983
Iyongerekana ugereranije na 2021: 0,4
Ababatijwe bose hamwe b: 145.552
Incahagati y’abatsimvyi c buri kwezi: 1.465.202
Incahagati y’abatsimvyi bafasha buri kwezi: 381.310
Amasaha yo mu ndimiro yose hamwe: 1.501.797.703
Incahagati y’inyigisho d zayobowe buri kwezi: 5.666.996
Mu mwaka w’umurimo wa 2022 e, Ivyabona vya Yehova basohoye amadolari arenga imiliyoni 242 (nk’amarundi arenga imiliyaridi 490) mu kubungabunga abatsimvyi badasanzwe, abamisiyonari n’abacungezi b’imizunguruko mu gikorwa bashinzwe co mu ndimiro. Kw’isi yose, Ivyabona bose hamwe bakorera ku biro vy’amashami ni 21.629. Bose bari mu Rwego rwo kw’isi yose rw’abasuku badasanzwe b’igihe cose b’Ivyabona vya Yehova.
a Umwamamaji ni umuntu yigisha abigiranye umwete inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. (Matayo 24:14) Kugira umenye ivyo twisunga mu guharura, raba ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo “Kw’isi yose hari Ivyabona vya Yehova bangahe?”
b Wipfuza kumenya ibisabwa kugira umuntu abatizwe mu Vyabona vya Yehova, raba ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo “Ushobora gute kuba Icabona ca Yehova?”
c Umutsimvyi ni Icabona yabatijwe w’intangakarorero, yitanga akamara igitigiri kanaka c’amasaha buri kwezi ariko arigisha inkuru nziza.
d Wipfuza ayandi makuru, raba ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo “Ivyigwa mutanga vya Bibiliya bigirwa gute?”
e Umwaka w’umurimo wa 2022 watanguye ku wa 1 Nyakanga 2021, urangira ku wa 31 Myandagaro 2022.