Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 12

Impuhwe n’ikibabarwe

Impuhwe n’ikibabarwe

1 Abatesalonika 2:7, 8

INCAMAKE: Nuvugane impuhwe kandi wereke abakwumviriza ko ubitwararika.

UKO WOBIGIRA:

  • Nuzirikane abakwumviriza. Nutegure umutima wawe mu kwiyibutsa ingorane zihanze abakwumviriza. Nugerageze kwiyumvisha ukuntu bamerewe.

  • Nuhitemwo neza amajambo ukoresha. Nurondere kuruhurira abakwumviriza, kubahumuriza no kubakomeza. Niwirinde imvugo zobababaza bidakenewe kandi ntunebagure abatari Ivyabona canke ngo uvuge nabi ivyo bemera ata buryarya.

  • Niwereke abakwumviriza ko ubitwararika. Ukoresheje ijwi ryiza n’ibimenyetso vy’umubiri bibereye, nubereke ko ubitwararika. Ntiwijirwe mu maso. Nuze uramwenyura.