Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 13

Kwerekana akamaro k’ivyo wigisha

Kwerekana akamaro k’ivyo wigisha

Imigani 3:21

INCAMAKE: Nufashe abakwumviriza gutahura ukuntu ikiganiro cawe kiberekeye, ubereke n’ingene boshira mu ngiro ivyo bize.

UKO WOBIGIRA:

  • Nuzirikane abakwumviriza. Niwiyumvire igituma bakeneye amakuru uriko urabashikiriza, uzirikane n’ivyobagirira akamaro cane mu kiganiro cawe.

  • Nuze urabereka ico bokora. Kuva ugitangura ikiganiro cawe, umwe wese mu bakwumviriza akwiye kubona ko kimuraba. Nuze urabereka ingene boshira mu ngiro iciyumviro nyamukuru kimwekimwe cose. Nutomore, ntuvuge muri rusangi.