Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 14

Gushira ahabona ivyiyumviro nyamukuru

Gushira ahabona ivyiyumviro nyamukuru

Abaheburayo 8:1

INCAMAKE: Nufashe abakwumviriza kugukurikira, werekane neza ingene buri ciyumviro nyamukuru gifitaniye isano n’umutwe w’ikiganiro cawe hamwe n’intumbero yawe.

UKO WOBIGIRA:

  • Numenye intumbero yawe. Ikiganiro cawe coba gifise intumbero yo gutanga amakuru gusa, kujijura abakwumviriza canke kubahimiriza? Nuce ugishikiriza wisunze iyo ntumbero. Nushikirize ivyiyumviro nyamukuru vyose urondera gushika kuri iyo ntumbero.

  • Nushimike ku mutwe w’ikiganiro cawe. Nuze uragaruka ku mutwe w’ikiganiro cawe mu kuza urasubiramwo amajambo nyamukuru awugize canke ivyitiranwa vyayo.

  • Nutomore ivyiyumviro nyamukuru kandi ntubiremereze. Nuhitemwo gusa ibihuye n’umutwe w’ikiganiro cawe kandi uhitemwo ivyo ushobora gushikiriza mu mwanya wahawe. Ntugire ivyiyumviro nyamukuru vyinshi; tomora kimwekimwe cose; ruhuka imbere yo gutandukira igikurikira, kandi ushireho ikiraro hagati y’iciyumviro n’ikindi.