Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 16

Imvugo iremesha

Imvugo iremesha

Yobu 16:5

INCAMAKE: Nushimike ku bintu vyiza kandi biremesha.

UKO WOBIGIRA:

  • Nubone abakwumviriza mu buryo bwiza. Niwizigire ko abo musangiye ukwemera bipfuza guhimbara Yehova. N’igihe vyoba ngombwa ko ubaha impanuro, nubanze ubakeze bivuye ku mutima igihe cose bishoboka.

  • Gabanya ibintu bica intege. Ibintu bitaremesha nubicishemwo igihe gusa bikenewe. Muri rusangi, ikiganiro cawe gikwiye kuba ikiremesha.

  • Nukoreshe neza Ijambo ry’Imana. Nushimike ku vyo Yehova yakoreye abantu, ku vyo ariko arabakorera no ku vyo azobakorera. Nuremeshe abakwumviriza wongere ubakomeze.