Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 17

Imvugo itahurika

Imvugo itahurika

1 Abakorinto 14:9

INCAMAKE: Nufashe abakwumviriza gutahura ivyo uriko uravuga.

UKO WOBIGIRA:

  • Nutegure neza ikiganiro cawe. Nutegure neza ivyiyumviro uzoshikiriza ku buryo ushobora kubisigura mu buryo bworoshe kandi mu majambo yawe bwite.

  • Nukoreshe amungane magufimagufi. Naho atari bibi gukoresha amungane maremare, nushikirize ivyiyumviro nyamukuru ukoresheje amungane magufimagufi, adomako.

  • Nusigure amajambo atamenyerewe. Nimba bishoboka, niwirinde gukoresha amajambo abakwumviriza batamenyereye. Bibaye ngombwa ko ukoresha ijambo batamenyereye, umuntu avugwa muri Bibiliya batamenyereye, ingero za kera canke imico ya kera, nuce ubisigura.