Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 18

Gushikiriza amakuru yigisha

Gushikiriza amakuru yigisha

1 Abakorinto 9:19-23

INCAMAKE: Nutume abakwumviriza bazirikana ku vyo uriko urababwira ku buryo bumva ko bize ikintu c’ingirakamaro.

UKO WOBIGIRA:

  • Nuzirikane ivyo abakwumviriza basanzwe bazi. Aho gusubiramwo gusa ivyo bamaze kwumva, nutume babona ico ciyumviro mu buryo bushasha.

  • Nugire ubushakashatsi kandi uzirikane. Igihe bishoboka, nukoreshe ibintu badakunze kwumva canke ibintu biherutse kuba kugira usigure ivyiyumviro nyamukuru. Nuzirikane cane ku kiganiro uzoshikiriza hamwe n’isano gifitaniye n’uburorero utegekanya gukoresha.

  • Nubereke ko ivyo uvuga bibafitiye akamaro. Nubereke ukuntu ivyiyumviro bishingiye ku Vyanditswe vyobafasha mu buzima bwa misi yose. Nuvuge ibintu, inyifato be n’ibikorwa babona ko bihambaye.