ICIGWA CA 18
Gushikiriza amakuru yigisha
1 Abakorinto 9:19-23
INCAMAKE: Nutume abakwumviriza bazirikana ku vyo uriko urababwira ku buryo bumva ko bize ikintu c’ingirakamaro.
UKO WOBIGIRA:
-
Nuzirikane ivyo abakwumviriza basanzwe bazi. Aho gusubiramwo gusa ivyo bamaze kwumva, nutume babona ico ciyumviro mu buryo bushasha.
-
Nugire ubushakashatsi kandi uzirikane. Igihe bishoboka, nukoreshe ibintu badakunze kwumva canke ibintu biherutse kuba kugira usigure ivyiyumviro nyamukuru. Nuzirikane cane ku kiganiro uzoshikiriza hamwe n’isano gifitaniye n’uburorero utegekanya gukoresha.
-
Nubereke ko ivyo uvuga bibafitiye akamaro. Nubereke ukuntu ivyiyumviro bishingiye ku Vyanditswe vyobafasha mu buzima bwa misi yose. Nuvuge ibintu, inyifato be n’ibikorwa babona ko bihambaye.