Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 2

Kuvuga nk’uwuyaga

Kuvuga nk’uwuyaga

2 Abakorinto 2:17

INCAMAKE: Nuvuge nk’uwuganira, uvuge ibivuye ku mutima ku buryo bigaragara ko wiyumvamwo ivyo uriko uravuga n’abo uriko urabwira.

UKO WOBIGIRA:

  • Nusenge kandi utegure witonze. Nusabe Yehova agufashe gushira umutima ku butumwa ushikiriza, ntuwushire kuri wewe. Nutahure neza ivyiyumviro nyamukuru wipfuza gushikiriza. Nubivuge mu majambo yawe bwite; ntuze urasubiramwo gusa amajambo nk’uko ari ku rupapuro.

  • Nuvuge ibivuye ku mutima. Nuzirikane igituma abakwumviriza bakeneye ubutumwa ushikiriza. Nushire umutima kuri bo. Gutyo, ibimenyetso ugira, mu maso hawe hamwe n’ukuntu wifata bizogaragaza ko ubiyumvamwo be n’uko uvuga ibivuye ku mutima.

  • Nurabe abakwumviriza. Nurabe abakwumviriza nimba ata co bitwaye. Igihe utanga insiguro, nuze uracishamwo urabe umwe mu bakwumviriza, aho kubaraba muri rusangi ucisha hejuru.