Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 20

Insozero nziza

Insozero nziza

Umusiguzi 12:13, 14

INCAMAKE: Mu majambo uvuga mu gusozera, nuhimirize abakwumviriza kwemera ivyo wabigishije no kubishira mu ngiro.

UKO WOBIGIRA:

  • Nuhuze insozero yawe n’ikiganiro cawe. Nusubiremwo ivyiyumviro nyamukuru hamwe n’umutwe w’ikiganiro cawe nk’uko nyene biri, canke ubivuge mu yandi majambo.

  • Nuhimirize abakwumviriza kugira ico bakoze. Nubereke ico bokora, ubabwire n’imvo zumvikana zotuma bagikora. Nuvugane ukujijuka kandi biboneke ko ivyo uriko uravuga bihambaye.

  • Nugire insozero ngufi kandi yoroshe. Ntusobekemwo ivyiyumviro bishasha. Ukoresheje amajambo make ashoboka, nusozere ubahimiriza kugira ico bakoze.