Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 4

Gucira inzira neza ivyanditswe

Gucira inzira neza ivyanditswe

Matayo 22:41-45

INCAMAKE: Nutegure ubwenge bw’abakwumviriza imbere yo gusoma icanditswe.

UKO WOBIGIRA:

  • Numenye igituma ugomba gusoma ico canditswe. Igihe cose ugira usome icanditswe, nugicire inzira ku buryo abakwumviriza babona iciyumviro nyamukuru ugomba gushira ahabona muri uwo murongo.

  • Nutume abantu baha agaciro Bibiliya. Igihe uganira n’abantu bemera Imana, ntiwitinye kuvuga ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana. Gutyo, uba werekanye ko ivyo wigisha biva ku Mana.

  • Nutume bumva bashashaye gusoma ico canditswe. Nubaze ikibazo cishurwa n’ico canditswe. Nuvuge ingorane ico canditswe cofasha gutorera umuti canke uvuge ingingo ngenderwako ico canditswe kiza kubafasha gutahura.