Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 6

Gusigura neza ivyanditswe

Gusigura neza ivyanditswe

Yohani 10:33-36

INCAMAKE: Ntupfe gusa gusoma icanditswe ngo uce wigira ku ciyumviro gikurikira. Nurabe neza ko abakwumviriza babona neza isano riri hagati y’icanditswe wasomye n’iciyumviro muriko muraganirako.

UKO WOBIGIRA:

  • Nushire ahabona amajambo nyamukuru. Uhejeje gusoma icanditswe, nushimike ku majambo afitaniye isano n’iciyumviro nyamukuru. Ushobora kubigira mu gusubiramwo ayo majambo canke mu kubaza ikibazo gituma abakwumviriza bayatora.

  • Nushimike ku ciyumviro nyamukuru. Nimba werekanye impamvu ugiye gusoma icanditswe, niwerekane ukuntu amajambo nyamukuru ari muri co ashigikira iyo mpamvu.

  • Ntushimike ku bintu bidakenewe. Niwirinde gusigura amajambo adahuye n’iciyumviro nyamukuru. Ufatiye ku vyo abakwumviriza basanzwe bazi ku ciyumviro muriko muraganirako, nuhitemwo amakuru akenewe yobafasha kugitahura neza.