Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 7

Amakuru yo kwizigirwa

Amakuru yo kwizigirwa

Luka 1:3

INCAMAKE: Nukoreshe amakuru yo kwizigirwa kugira ufashe abakwumviriza gushika ku ciyumviro c’ukuri.

UKO WOBIGIRA:

  • Nukoreshe amakuru yo kwizigirwa. Ivyo uvuga nubishingire kw’Ijambo ry’Imana, usomere abantu muri Bibiliya igihe cose bishoboka. Nimba ukoresheje ivyavuzwe n’abahinga, ivyavuzwe mu makuru, ikintu cabaye canke amakuru ukuye ahandi, nurabe neza ko isoko uyakuyemwo ari iryo kwizigirwa be n’uko ahuye n’igihe.

  • Nukoreshe neza ayo makuru. Nusigure ivyanditswe wisunze imirongo ibikikuje, ubutumwa buri muri Bibiliya muri rusangi be n’ibitabu vya wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mat. 24:45) Nimba ukoresheje ayandi makuru, nuyasigure mu buryo buhuye n’ico nyene kuyandika yashaka kuvuga be n’intumbero yari afise.

  • Nufashe abumviriza kuzirikana. Uhejeje gusoma icanditswe canke kuvuga amakuru ukuye mu rindi soko, nubaze utubazo canke utange akarorero kugira ubafashe gushika ku ciyumviro c’ukuri.