Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 8

Uburorero bwigisha

Uburorero bwigisha

Matayo 13:34, 35

INCAMAKE: Nukoreshe uburorero busanzwe, bukora ku mutima kandi bushimika ku vyiyumviro nyamukuru.

UKO WOBIGIRA:

  • Nuhitemwo uburorero busanzwe. Nka kumwe kwa Yezu, nukoreshe uburorero busanzwe kugira usigure ibintu bihambaye. Ntushiremwo ibintu bidakenewe bituma akarorero kagora gutahura. Nurabe ko akarorero ukoresha gahuye neza n’icigwa ushaka gutanga kugira abakwumviriza ntibazazanirwe.

  • Nuzirikane abakwumviriza. Nuhitemwo uburorero bufatiye ku bikorwa bakora no ku bintu bakunda. Uriyubara ntukoreshe uburorero bubatera ubuyega canke bubababaza.

  • Nushimike ku vyiyumviro nyamukuru. Nutange uburorero bushimika ku vyiyumviro nyamukuru, atari ku vyiyumviro bitobito. Niwitwararike ko abakwumviriza batazoguma bibuka ako karorero gusa, ariko bazokwibuke n’icigwa carimwo.