ICIGWA CA 9
Gukoresha neza amashusho
Itanguriro 15:5
INCAMAKE: Nukoreshe amashusho kugira ufashe abakwumviriza gutahura neza ivyo uriko urabigisha no kuvyibuka.
UKO WOBIGIRA:
-
Nuhitemwo neza ivyo werekana. Nukoreshe amafoto, ibicapo, imirongo yerekana ibihe, amakarata n’ibindi kugira ushimike ku vyiyumviro nyamukuru. Nufashe abakwumviriza kwibuka icigwa washatse kwigisha, aho kwibuka gusa ico kintu waberetse.
-
Niwitwararike ko babona neza ivyo uriko urabereka.