Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 9

Gukoresha neza amashusho

Gukoresha neza amashusho

Itanguriro 15:5

INCAMAKE: Nukoreshe amashusho kugira ufashe abakwumviriza gutahura neza ivyo uriko urabigisha no kuvyibuka.

UKO WOBIGIRA:

  • Nuhitemwo neza ivyo werekana. Nukoreshe amafoto, ibicapo, imirongo yerekana ibihe, amakarata n’ibindi kugira ushimike ku vyiyumviro nyamukuru. Nufashe abakwumviriza kwibuka icigwa washatse kwigisha, aho kwibuka gusa ico kintu waberetse.

  • Niwitwararike ko babona neza ivyo uriko urabereka.