Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibintu bikurubikuru vyaranze umwaka uheze

Ibintu bikurubikuru vyaranze umwaka uheze

Yehova yareretse Ezekiyeli mw’iyerekwa umukogote amahero wo mw’ijuru, uwugereranya igice kitaboneka c’ishirahamwe rya Yehova. Naho uwo mukogote ari munini cane, uranyaruka cane rwose kandi mu guhindura amerekero uranyarutsa buravyo. (Ezk. 1:15-28) Amaterambere ateye umunezero yabaye muri uwu mwaka uheze arerekana ko n’igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova Imana kiriko kiragenda nk’uwo mukogote.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

Ishirahamwe ririko ririmuka

Biragaragara ko Yehova ariko arayobora igikorwa co kwimura icicaro gikuru kikava mu gisagara ca New York.

JW.ORG—“Intahe ku mahanga yose”

Umuhora wacu uriko uratuma inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ishikira “amahanga yose.”

Barakunda ICEGERANYO C’IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower

Abakoresha ico gikoresho c’agaciro co kugira ubushakashatsi gishingiye kuri Bibiliya bararungitse amakete yo gukenguruka.

Amavidewo ya dessin animé arakora ku mitima igororotse

Raba ikintu ciza ayo mavidewo ariko aragira ku bana be n’imiryango yo hirya no hino kw’isi.

Kugendera iratiro riteye igomwe

Nusome amakuru agutumira kugendera iratiro rishasha ririmwo ibijanye na kahise k’Ivyabona vya Yehova be n’umurongo werekana igihe ibintu bijanye n’abakirisu vyabereyeko.

Raporo y’ivy’imanza

Izo raporo z’ivy’imanza zavuye mu bihugu 12 zirerekana ko Ivyabona vya Yehova bagifise ibibazo bitari bike ku bijanye n’umwidegemvyo wo gusenga.

Udukuru two hirya no hino kw’isi

Ivyabona vya Yehova baragira utwigoro dukomeye mu kwubaka ibibanza biteye iteka vyo gusengeramwo no mu kuja kuvyikoranirizamwo.

Kwegurira Imana ibiro vy’amashami

Raba ibintu bimwebimwe vyaranze ivyo biringo biteye umunezero vyabaye mu bihugu bitandukanye.