Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBINTU BIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

Udukuru two hirya no hino kw’isi

Udukuru two hirya no hino kw’isi

Abapolisi barafashije gupakurura amatafari

I Koutaïssi, ico kikaba ari igisagara kigira kabiri mu bunini muri Jeworojiya, hari haciye imyaka 13 amateraniro abera mu kizu kinini cari kimeze nabi, kino kikaba cahora ari ihinguriro ry’umuvinyu. Kugira imvura ntibanyagire, baramanika amahema. Ubu abavukanyi barafise Ingoro y’Ubwami nshasha nziza cane yagurwa ikaberamwo amateraniro n’amahwaniro. Mu gihe c’ubwubatsi, hari abavukanyi 50 bariko barapakurura amaborokosima bayakura mu gikamyo, maze abapolisi baca baza kuraba ivyariko biraba. Kubera ko batangajwe n’umunezero be n’umwete abo bavukanyi bari bafise, abo bapolisi barabakeje baca barabafasha gupakurura. Baciye babwira abo bavukanyi ngo nihagira umuntu aza kubagora bazoce babahamagara. Abo bapolisi baremeye kuzokwitaba ihwaniro rya mbere ryobereye muri iyo Ngoro y’amateraniro nshasha.

Yaragurishije ikinga ryiwe

Malaki, umukurambere aba mu Burundi, kugira yibesheho yararima akongera agakora akazi ko gutwara imizigo akoresheje ikinga ryiwe. Kugira ngo Malaki ashigikire ubwubatsi bw’Ingoro y’Ubwami yabo, yahisemwo kwama ari kw’ishantiye imisi yose. Kugira ngo ivyo bishoboke, yari akeneye amahera yo gutunga umuryango mu kiringo c’amezi abiri ubwo bwubatsi bwari kumara. Yaciye rero agurisha rya kinga ryiwe, amahera amwe ayaha umukenyezi wiwe ku bw’ivyo umuryango wari ukeneye, ayasigaye aca ayashira mu gasandugu k’intererano kugira afashe mu bwubatsi. Ico utwo twigoro yagize twavuyemwo ni uko abari baje kwubaka iyo Ngoro y’Ubwami bamumenyereje mu vy’ubwubatsi. Iyo Ngoro y’Ubwami imaze guhera, Malaki yarashoboye kuronka akazi k’ubwubatsi kubera ko abantu babona ko ari umwubatsi w’umuhanga. Mu nyuma, Malaki yarashoboye kugura irindi kinga!

Baravyuriwe umutima wo gufasha

Kwubaka Ingoro z’Ubwami mu turere twa kure two muri Malawi birimwo ingorane zidasanzwe. Mu mwaka w’umurimo uheze, ingoro imwe yarubatswe mu karere karimwo amabarabara mabi cane. Kugira abavukanyi bo kw’ishami bashikane ibikoresho ahariko harubakwa, bakoresha imodoka y’insimbabisaka. Abavukanyi bo ng’aho bavuze ko abantu bo mu kibano bashimishijwe cane n’ubwo bwubatsi. Abantu benshi bo muri ako karere batari Ivyabona baritanga bagafasha kandi bagakora gushika mw’ijoro bariko barapakurura umusenyi, bimba amabuye, canke bapakurura isima kibure ivyuma vyo gusakaza. Mbere vyarashika abatari Ivyabona bakaba benshi kuruta Ivyabona! Kubera ko abantu bo ng’aho bakorwa ku mutima n’akigoro Ivyabona vya Yehova bagira ko kwubaka ibibanza vyo gusengeramwo biteye iteka mu turere twa kure nk’ako k’iwabo, barumvise bavyuriwe umutima wo gufasha.

Abana badandaje imbombo

Hari umugabo n’umugore bubakanye b’abatsimvyi badasanzwe bo muri Côte d’Ivoire basanzwe bigisha Bibiliya umugabo n’umugore bafise abana cumi, bakaba biga mu rurimi rwo ng’aho rwitwa bete. Muri Rusama 2013 iteraniro rya mbere ryo muri urwo rurimi ryari kubera mu gisagara ca Daloa, kandi uwo muryango wose waripfuza kuryitaba. Ariko rero, umwumwe wese yari akeneye itike ryo kugenda no kugaruka ry’amahera y’ama CFA 800 (nk’amarundi 2.500), mugabo serugo ntiyari gushobora kurihira uwo muryango munini. Kubera ko yari yiyemeje kuryitaba, hari umugambi yigiriye. Yahaye umukobwa wiwe mukuru amahera y’ama CFA 300 (nk’amarundi 900) ngo aze arakora imbombo zitwa tofe ace azidandaza, kandi yarabigize. Yarungutse amahera akwiye yo kwirihira urwo rugendo. Serugo yarabigenjeje gutyo nyene no ku bandi bana, araha umwe wese ama CFA 300 kugira ngo batangure kudandaza izo mbombo gushika bose baronse amahera akenewe ku bw’urwo rugendo. Amaherezo, bari kumwe n’abandi, baritavye iryo teraniro. Ese ukuntu bahimbawe no gukurikira porogarama y’iryo teraniro mu rurimi rwabo!