Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

KWAMAMAZA NO KWIGISHA KW’ISI YOSE

Afrika

Afrika
  • IBIHUGU 58

  • ABANYAGIHUGU 979.685.702

  • ABAMAMAJI 1.363.384

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 3.265.314

“Ubu nditeguriye kuva muri Babiloni Akomeye”

Thomson, umusore aba mu Buganda, ntiyari agishimishwa n’idini. Kubera ko yababajwe n’ukuntu abakuru b’amadini baguma basaba amahera, yaciye ahagarika kuja mu bintu vyose bijanye n’idini. Ariko, yarabandanije gusoma Bibiliya yiwe buri musi. Yarakwegerewe canecane n’igitabu c’Ivyahishuwe kandi yaragerageza kugisigura, akaza aragira utwo yiyandikiye mu gakaye. Igihe umuvukanyi umwe yabonanira na Thomson aho akorera, aho hakaba hari kw’ishantiye ntoya y’ubwubatsi, yasanze ariko arasoma Bibiliya yiwe. Baragiraniye ikiganiro kiryoshe cane, kandi Thomson yarakiriye igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Yagisomye cose mw’ijoro rimwe. Bukeye, wa muvukanyi yararonse ubutumwa kuri telefone buvuga buti: “Ndakengurukira Umukama kubera amakuru wampaye. Ubu nditeguriye kuva muri Babiloni Akomeye.” Thomson yarasavye ibisohokayandikiro vyose vyerekanwa muri ico gitabu mu tujambo tw’epfo no mu mayagwa y’inyongera. Yariga Bibiliya neza cane, aratera imbere ningoga, maze arabatizwa kuri rya Hwaniro ry’intara ryo mu 2012 ryavuga ngo “Zigama umutima wawe!” Muri Ntwarante 2013, Thomson yaratanguye gusukura ari umutsimvyi asanzwe, agafasha abandi kubona ko bikenewe yuko bava muri Babiloni Akomeye.

Yize n’abavukanyi umunani

Jimmy yakuriye i Port-Louis, umurwa mukuru wa Maurice. Yatanguye kunywa inzoga afise imyaka 16 kandi budakeye na kabiri yari asigaye aborerwa imisi yose. Kubera inzoga, akenshi vyarashika akabura ukwigumya kandi yarapfunzwe akatari gake. Rimwe na rimwe, ku musi yaranywa amacupa atatu y’inzoga iboreza cane ikorwa mw’isukari (yitwa rhum) be n’amatabi mirongo itandatu. Bishitse akabura amahera, yarashobora kunywa umuti urimwo ibintu biboreza wakoreshwa mu kwoza amadirisha. Yaranyoye mbere n’iparufe ya nyina wiwe. Igihe umuntu umwe yamubwira ko yasa n’umupfu, yaciye aja kwivuza mu kigo gifasha abiziziwe n’ibiyovyabwenge. Yahamaze umwaka n’igice, ariko nticamufashije vy’ukuri.

Muri Rodrigues: Jimmy yari yiyemeje guhindura ukuntu yari abayeho

Amaherezo, Jimmy yarahuye n’Ivyabona vya Yehova maze aremera kwiga Bibiliya. Vyarashika agaheba kwiga yigiriye kwinywera inzoga. Yahavuye yiga n’abavukanyi umunani. Amaherezo Jimmy yarabonye ko yabwirizwa guhindura ukuntu yari abayeho. Yavuze ati: “Numvise umengo ya nkota yo mu buryo bw’impwemu ivugwa mu Baheburayo 4:12 iriko iransogota mu mutima. Umusi umwe igihe nariko ndasoma Bibiliya yanje, narabonye icanditswe co mu Migani 24:16, ikivuga giti: ‘Umugororotsi yoshobora kugwa mbere n’incuro indwi, kandi ntazobura guhaguruka.’ Ico canditswe caratumye ubuzima bwanje buhinduka.” Aho Jimmy amariye “kugwa” n’abavukanyi indwi bamwigishije, yariyemeje guhinduka no “guhaguruka” abifashijwemwo n’umuvukanyi agira umunani. Jimmy yaratakambiye Yehova amusaba inkomezi, aritaba amakoraniro y’ishengero yongera araheba ingeso ziwe mbi. Yabatijwe mu 2003 kandi yabaye ubutsimvyi asanzwe mu 2012. Ubu asukura ari umukozi w’ishengero mw’ishengero ryo mw’izinga rya Rodrigues.

“Yehova n’abamarayika bazoba abagenzi banje”

Uwitwa Mary w’imyaka 70 wo muri Kenya mu buzima bwiwe bwose yari mw’idini ry’abapresubitero. Akenshi yarafasha iryo dini kuronka intererano kandi yari yarafashije kwubaka rumwe mu masengero y’aho iwabo. Igihe umwe mu bahungu biwe yaba Icabona, ntivyamuhimbaye. Uwo muhungu wiwe yaramutumira ku makoraniro y’ishengero, ariko akanka kuyitaba, akavuga ko ashaka kwumva ubutumwa bwo muri Bibiliya mu rurimi yonse rw’igikuyu, aho kubwumva mu giswahili. Amaherezo, Mary yaremeye kwitaba ihwaniro ry’intara ryari kuba mu gikuyu. Kuri iryo hwaniro, yicaye ahagenewe abageze mu zabukuru. Yarakozwe ku mutima cane n’ukuntu bamufatanye umutima mwiza n’urukundo. Mary yavuze ko atari bwigere abona urukundo nk’urwo mw’idini yarimwo. Yarumvirije yitonze insiguro zose kandi yarahimbawe n’ivyo yumvise. Igihe bamubaza nimba yokwemera kwiga Bibiliya mu gatabu Niwumvirize Imana, yaciye ubwo nyene yemera.

Mary amaze amezi makeyi yiga, yarafashe ingingo yo kuba Icabona ca Yehova, rero aca arava mw’idini yarimwo. Abakuru b’iryo dini barashavuye cane. Baratumyeko umupasitori ku murwa mukuru i Nayirobi, ngo aze agire ico amubwiye. Uwo mupasitori yaragerageje kujijura Mary ngo ntave muri iryo dini, ariko Mary yagumye ashikamye. Uwo musenyeri yaciye amubaza ati: “Ni nde azoba umugenzi wawe niwava muri iri dini? Ufise abagenzi benshi n’ababanyi benshi bari muri iri dini.”

Mary yishuye ati: “Yehova n’abamarayika bazoba abagenzi banje. Kandi Ivyabona na bo nyene bazoba abagenzi banje.”

Uwo mupasitori ananiwe no kujijura Mary, yaciye agenda. Mary arabandanya gutera imbere neza mu nyigisho yiwe ya Bibiliya kandi aritaba amakoraniro ya gikirisu yose, naho aba kure y’aho abera. Mu misi iheze, ntivyashobotse ko afata imodoka agiye ku makoraniro, aca agira urugendo rw’amasaha abiri n’amaguru mu mvura. Naho ababanyi biwe bamurwanya, Mary yiyemeje gushikira umugambi wiwe wo kubatizwa.

Muri Liberiya: Bariko barazana intebe zo kwicarako ku Cibutso. Mu 2013, Icibutso citabwe n’abantu 81.762, hakaba hari abamamaji 6.148

Umupasitori yaramunaze!

Ashton ni umukobwa w’imyaka 14 aba muri Kamerune. Igihe yatangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, yararwanijwe bimwe bidasanzwe na sewabo be n’umugore wiwe yabako. Baramubwira bashimitse ngo ajane na bo gusenga mu bapentekoti. Umusi umwe bari mu misa, umupasitori yarashize ibiganza ku mitwe y’abari aho, kugira abahe ico bita impwemu, iyaca ituma barwa hasi. Ashton we ntiyaguye hasi. Uwo mupasitori yarasenze yongera arasenga, ariko Ashton aguma ahagaze. Rero uwo mupasitori yaciye amunaga! Aho basubiriye i muhira, Ashton yarabwiye sewabo n’umugore wiwe ko bamunaze, ariko baranka kuvyemera. Kuva ico gihe yaciye afata ingingo y’uko atazokwigera asubira muri iryo dini. Muri iki gihe, naho abo mu muryango iwabo be n’ababanyi bamurwanya kandi bakamutuka, Ashton arabandanya kwitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami.

Ubutumire bwatanzwe n’umwana aciga gutambuka

Naho Anilpa yari afise gusa umwaka n’amezi atanu, yaragize uruhara n’umwete mw’isekeza ryo gutumira abantu ngo bitabe ihwaniro ry’intara ryo mu mwaka uheze muri Angola. Anilpa yahawe igikorwa co kudodora ku miryango, agaca arindira kugira ahe umunyamuhana ubutumire, mu gihe nyina wiwe yaca asigura muri make igituma babagendeye. Anilpa n’umunezero n’akantu ntiyama igihe cose arindira ko nyina wiwe aheza kuvuga imbere y’uko adodora ku muryango ukurikira. Yarashimishije cane abanyamihana. Nk’akarorero, ku musi wa nyuma w’ihwaniro hari umugore yegereye ka Anilpa akabwira ati: “Nariko ndakurondera. Ndaryohewe cane kuba ndagutoye, kubera ko ari wewe wantumiye kuri iri hwaniro.”

Bararuhishijwe no gucinyizwa

Muri Myandagaro 2012, abamamaji bo mw’ishengero rya Antaviranambo muri Madagaskari barahuye n’umugwi w’abantu bavuga ko bashaka kuba Ivyabona vya Yehova. Abo bantu bumva ko bacinyizwa n’indongozi z’amadini barimwo, izigisha ibi ariko zigakora biriya. Abo banywanyi b’ayo madini bavuze ko mu madini iwabo ata porogarama yo kubigisha Bibiliya yari ihari kandi ko ata bisohokayandikiro bari bafise bisigura ivyo bemera. Amahera bariha kugira bakorerwe ibikorwa kanaka yari menshi cane, nta kivukano nyakuri cariho, kandi nta kintu na kimwe cerekana ko hari urukundo rwa gikirisu. Bavuze kandi ko bari bazi yuko Ivyabona vya Yehova bobo badafise izo ngorane.

Mu nyuma, uwo mugwi warandikiye ikete ibiro vy’ishami. Iryo kete ryavuga riti: “Twanditse kugira tubamenyeshe icipfuzo dufise co gukorera Yehova. Ariko rero, tuba kure. Bamwe muri twebwe baba ahantu bagenda amasaha ava kuri 9 gushika kuri 15 n’amaguru kugira bashike ku makoraniro. Rero, turabasavye ngo muturungikire umuntu yodufasha kwiga Bibiliya. Ntidushobora gushitsa icipfuzo dufise co gukorera Yehova n’umutima wacu wose mutadufashije gukomeza urukundo tumufitiye. Turi abantu 215 bava mu bigwati n’imiburiburi bitatu bitandukanye. Twari mu madini atandukanye, ariko ubu twese twipfuza gukorera Yehova no kumugamburukira n’umutima wacu wose. Turizigiye ko muzodufasha.”

Abavukanyi baragiye kuraba abo bantu, bagenda amasaha icenda kugira bashike ku kigwati ca mbere. Ng’aho abo bavukanyi barahagiriye amakoraniro, kandi abantu 65 bashimishijwe ni bo bayitavye. Amakuru yaranyarutse kugenda, maze abantu bo mu bindi bigwati baca baraserura icipfuzo bari bafise c’uko bogenderwa kandi bakigishwa Bibiliya. Rero, abo bavukanyi baciye bagenda ayandi masaha ane bagiye mu kigwati kigira kabiri maze barahagirira amakoraniro yitabwe n’abantu barenga 80. Ng’aho barahasanze abandi bantu babinginze ngo baje mu kigwati cabo, kikaba cari ahantu bagenda amasaha abiri. Abo bavukanyi baremeye babikunze maze n’aho nyene barahagirira amakoraniro. Abantu barenga 50 barayitavye.

Mu bihe bibiri bitandukanye, abantu barenga 30 bo muri ivyo bigwati baritavye iteraniro ryabera i Mahanoro, bakaba bagira urugendo n’amaguru rw’umusi umwe n’igice mu kugenda n’urundi nk’urwo mu gusubira inyuma. Mirongo ibiri na batanu muri bo baraje ku rugendo rw’umucungezi w’umuzunguruko, bakaba bari bagizwe n’abagabo n’abagore babo, imiryango be n’abageze mu zabukuru. Bose bashikiye mu nzu imwe, bakaganira ivyo baba bize bakongera bakabaza ibibazo gushika ijoro ryitereye. Abo bantu bo mu bigwati baravuze ko n’abandi benshi bipfuza gusenga mu Vyabona kubera ko abantu bari baruhijwe no gucinyizwa n’abakuru b’amadini yabo.