Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

KWAMAMAZA NO KWIGISHA KW’ISI YOSE

Amerika

Amerika
  • IBIHUGU 57

  • ABANYAGIHUGU 970.234.987

  • ABAMAMAJI 3.943.337

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 4.341.698

Barahaye indaro umugabo n’umugore wiwe

I Las Vegas, muri Nevada, hari umugabo n’umugore bubakanye batari Ivyabona vya Yehova bipfuza ahantu hatekanye ho kuba, baca baragurisha inzu yabo kugira ngo bimukire muri République Dominicaine. Ariko rero, bategerezwa kuva muri iyo nzu hagisigaye imisi cumi ngo indege yari kubatwara igende. Ababanyi babo, bano bakaba bari Ivyabona vya Yehova, barafashije uwo mugabo n’umugore wiwe barabaha indaro. Mu kiringo uwo mugabo n’umugore wiwe bamaze ng’aho baritavye amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami. Baratangajwe bongera barashimishwa no kwumva bavuga umwaka wa 1914. Bari bazi ko uwo wari umwaka udasanzwe muri kahise k’isi. Igihe uwo mugabo n’umugore wiwe bashika muri République Dominicaine, barasavye Ivyabona ba mbere babagendeye ngo babigishe Bibiliya. Inyuma y’umwaka n’amezi abiri, bompi bari bariyeguriye Imana barabatizwa.

Ico nyene yari akeneye

Abavukanyi barateretse akantu kariko ibisohokayandikiro ahantu hariko harabera ihayanishwa mpuzamakungu ry’ibitabu ryabaye mu 2012 mu gisagara citwa Panama, mu gihugu ca Panama. Hari abakobwa babiri b’abanyeshure begereye ako kantu k’ibisohokayandikiro. Umwe muri abo bakobwa yarabwiye mushiki wacu yari ng’aho yuko yari afise umubabaro. Uwo mukobwa yavuze ko se wiwe yari yariziziwe n’ibiyayuramutwe kandi ko atari azi ukuntu yovyifatamwo. Uwo mushiki wacu yareretse uwo mukobwa ikigabane ca 23 c’igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2, kivuga ngo “Nokora iki umuvyeyi yiziziwe n’inzoga canke ibiyayuramutwe?” Uwo mukobwa yaciye avuga atangaye ati: “Iki ni co nyene nkeneye!” Abo bakobwa baraguye mu nda uwo mushiki wacu maze haheze isaha baragaruka kumushimira. Mu misi itanu iryo hayanishwa ryamaze, abavukanyi batanze ibitabu 1.046, ibinyamakuru 1.116 be n’udutabu 449. Abantu 56 barasize amaderese yabo kugira ngo Ivyabona bashobore kuzobagendera.

Imyaka ine yamamaza ata wumufashije

Fredy, uwo ururimi yonse ari urwitwa cabecar, aba ku musozi uri iyo catawe muri Kosta Rika. Haraheze nk’imyaka ine Fredy aronse igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? be n’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, akaba yabironse igihe yariko arakorera ku murwa mukuru, San José. Umwamamaji yahaye Fredy ivyo bisohokayandikiro yamubwiye yuko yogenda kwamamaza ku bantu b’iwabo, akaba rero yaciye asubira iwabo. Fredy yariyigishije ca gitabu Ivyo Bibiliya yigisha, maze aragira ivyo ahinduye mu buzima bwiwe, nko kwandikisha umubano wiwe. Yaciye yigisha ukuri uko ashoboye kwose abantu bavuga rwa rurimi rwitwa cabecar.

Fredy yaragabuye mu migwi inyigisho ziwe za Bibiliya. Yari afise imigwi itandatu itandukanye, ashira izo nyigisho muri iyo migwi yisunze amanota bari baronse mu kibazo yari yabahaye kugira asuzume ubumenyi bwo muri Bibiliya bafise. Yaratunganije amakoraniro mbere aranagira Icibutso, akaba yariyandikiye ubutumire, ubwavuga buti: “Ivyabona vya Yehova turagutumiye ngo wifatanye natwe ku Cibutso c’urupfu rwa Kristu.” Yamaze imyaka ine agira ivyo bintu vyose atarasubira kubonana n’Ivyabona! Muri ico gihe, yarasenga Yehova amusaba ngo arungike Ivyabona bamufashe.

Isengesho rya Fredy riheruka kwishurwa. Hari Ivyabona bagize urugendo rugoye bagiye mu karere iwabo kandi baratangajwe no kubona ibintu vyose yari yararanguye. Biganye bati: “Naho Fredy atari Icabona yabatijwe, abayeho nka we!” Inyuma y’amezi atatu gusa, yaragenywe ngo abe umwamamaji atarabatizwa. Kugira ngo Fredy abatizwe, yaramanutse uwo musozi araza kwitaba ihwaniro ari ryo rya mbere, aza azananye na 19 mu nyigisho ziwe za Bibiliya. Ubu yaratunganije iyindi migwi itatu ikoresha rwa rurimi rwa cabecar mu turere mbere turi kure cane kuruta ako abamwo.

Muri Kosta Rika: Fredy, ubu akaba ari umutsimvyi asanzwe, aragira ingendo ndende agiye kuyobora inyigisho za Bibiliya

Yaraburaniye ukwizera kwiwe kw’ishure

Umusi umwe Anna, uno akaba yiga mu mashure yisumbuye muri Leta Zunze Ubumwe, yabwirijwe kuburanira ukwizera kwiwe imbere y’abatari bake mu bo bigana bari bababajwe no kuba atemera Ubutatu. Anna avuga ati: “Baciye bandundanako, ariko nagumye ntekanye kubera ko ntashaka ko abambona babona Ivyabona vya Yehova ukutari kwo.” Muri iryo joro yarasenze Yehova amusaba umutima rugabo yongera aragira ubushakashatsi ku vyerekeye inyigisho y’Ubutatu. Bukeye, Anna yarazanye Bibiliya yiwe kw’ishure. Abo bigana baramukikuje, benshi muri bo bakamutwengera mw’ijigo. Naho vyari ukwo, abigiranye umutima rugabo yaraberetse ivyanditswe vyinshi yongera arabibasigurira. Amaherezo, abariko baramuhaririza baranumye. Uwari yafashe iya mbere mu kumurwanya, akaba ari na we yaserukira iryo somero, yahavuye yemera icese ko ubu asigaye yubaha Ivyabona vya Yehova. Mu kiringo cose c’umwaka w’ishure, yaguma abaza Anna ibibazo bitandukanye ku bijanye n’ivyo yemera.

Ikirato cacitse ku gihe kibereye

Umugore umwe akiri muto wo muri Barbade yariko araja mu misa umusi umwe ku w’iyinga mu gitondo igihe ikirato ciwe cacika. Yaciye aja ku muhana wari hafi kugira ngo bamuhe icomufasha kugikora. Kuri uwo muhana haba mushiki wacu w’Icabona be n’umukobwa wiwe. Igihe uwo mugore yariko arakora nya kirato, uwo mushiki wacu yaramusiguriye ukuntu ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buriko buraranguka. Umukobwa w’uwo mushiki wacu yaciye atumira uwo mugore ngo bajane ku makoraniro yari kuba muri ico gitondo ku Ngoro y’Ubwami. Uwo mugore abonye ko yacerewe mu misa iwabo, yaciye yemera kujana na bo. Mu gihe c’amakoraniro, yaza arasoma ivyanditswe vyose muri Bibiliya yiwe yitwa King James Version. Ayo makoraniro yaramuryoheye cane. Yavuze ko yari yararuhijwe n’urwamo rw’ibicurarangisho be n’ukuntu mu misa iwabo bavuga cane rwose mu gusigura kandi ko yama yipfuza kwigira Bibiliya ahantu hatekanye. Yarakiriye igitabu Ivyo Bibiliya yigisha yongera aremera kwiga Bibiliya. Aritaba amakoraniro yose kandi arayagiramwo uruhara abigiranye umwete.

Umuntu umwe gusa ni we ashobora kumubuza kwamamaza

Umuvukanyi umwe akiri muto wo muri Guyana yigana ati: “Ndakunda kubwira inkuru nziza abo twigana kw’ishure, ariko hariho umuhungu umwe adakunda ko namamaza. Umusi umwe, yaransunikiye ku ruhome aca ambwira ngo ‘Ntusubire kwamamaza!’ Namwishuye ko umuntu ashobora kumbuza kwamamaza ari Yehova gusa. Mbandanije kwamamaza, uwo muhungu yaciye atabura isakoshi yanje yo mu mugongo. Yarankubise ikofe mu maso, umunwa uca urasaduka. Twese uko turi babiri twararengukijwe mu biro vy’umuyobozi w’ishure, uno akaba yarambajije ico nakoze catumye uwo muhungu ankubita ikofe. Nishuye ko nariko ndamamaza inkuru nziza, ko ico ari co catumye uwo muhungu ankubita. Umuyobozi yarambajije igituma nanje ntamusubije, mbere arambwira ko nategerezwa kubigira. Navuze ko nari narize muri Bibiliya mu Baroma 12:17 yuko abakirisu badakwiye ‘kugira n’umwe bishura ikibi ku kindi.’ Uwo muyobozi avyumvise, yaciye ansaba imbabazi kandi avuga ko aza kwihurira n’uwo muhungu yankubise.”

I Catamarca muri Arjantine