Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

SIERRA LEONE NA GUINÉE

2002-2013 Amaterambere ya vuba (Igice ca 1)

2002-2013 Amaterambere ya vuba (Igice ca 1)

“Yehova, urakoze!”

Uko ibintu vyarushiriza kumera neza, ni ko abavukanyi na bashiki bacu bagenda barasubira iwabo kuraba ivyari vyasigaye. Amashengero yarasubiye gushingwa aho yahora imbere y’intambara, canecane mu buseruko bwa Sierra Leone, ahari haratabaguwe n’intambara. Abatsimvyi badasanzwe bo mu karere kamwe bavuze bati: “Abantu 16 ni bo bitavye amakoraniro twagize ubwa mbere, ayakurikira yitabwa na 36, ayakurikiye 56, hanyuma 77 baritaba Icibutso! Twari tunezerewe cane!” Harashinzwe amashengero mashasha icenda, bica bituma yose hamwe aba 24. Abamisiyonari cumi bashasha basohotse Ishure rya Gileyadi baraje, bakaba baratumye igikorwa co kwamamaza kirushiriza gutera imbere. Mu 2004, Icibutso citabwe n’abantu 7.594, ni ukuvuga ko barenga igitigiri c’abamamaji ukigwije na gatanu! Iterambere nk’iryo ryarabaye no muri Guinée.

Bidatevye Inama Nyobozi yarasohoye amahera yo gufasha abo bavukanyi bari bahungutse ngo batangure ubuzima. (Yak. 2:15, 16) Imigwi yaza iraja hirya no hino mu gihugu y’abitanga bavyishakiye yarubatse canke irasanura Ingoro z’Ubwami 12 yongera irasanura Ingoro y’amateraniro y’i Koindu. Barubatse kandi inzu zibayabaye 42 z’amatafari ahiye kugira baronse uburaro imiryango yari yarabomorewe amazu. Mushiki wacu umwe w’umupfakazi afise imyaka 70 yavuze ahagaze imbere y’inzu yiwe isakajwe amabati ariko arakorora amosozi kubera umunezero, ati: “Yehova, urakoze! Yehova, urakoze! Bavukanyi, murakoze!”

Ibiro vy’ishami vyaratanguye kandi kwubaka Ingoro z’Ubwami bikoresheje amahera avuye muri ca kigega kigenewe ya porogarama yo gufasha ibihugu bikenye. Saidu Juanah, umukurambere akaba n’umutsimvyi mw’ishengero rya Bo Ouest, yigana ati: “Mushiki wacu umwe yambwiye ati: ‘Hamwe nokwumva ko tugira turonke Ingoro y’Ubwami nshasha, nokomesha amashi iminwe n’ibirenge!’ Igihe natangaza ko tugiye kuronka ingoro nshasha, wa mushiki wacu yaciye asimba ava aho yari yicaye, akoma amashi atamba, ni ukuvuga ‘akomesha amashi’ iminwe n’ibirenge!”

Mu 2010, ishengero rya Waterloo ryareguriye Imana Ingoro y’Ubwami nshasha ishobora kwagurwa ikaba Ingoro y’amateraniro ijamwo abantu 800. Umusi iryo shengero ryagura iryo tongo bubatsemwo, nyene ryo yari yaronse uwundi mukiriya amuha amahera menshi kuruta ayo abavukanyi bari bamuhaye. Yavuze ati: “Nopfuma mbona itongo ryanje ririko rikorerwamwo ivy’idini hako ndaribona ririko rikorerwamwo ivy’ubudandaji.”

Biciye kuri ya porogarama yo gufasha ibihugu bifise uburyo buke, Ingoro z’Ubwami 17 zarubatswe muri Sierra Leone, 6 na zo muri Guinée. Ivyo bibanza biciye bugufi ariko biteye iteka vyo gusengeramwo vyaratumye abandi bantu benshi batangura kwitaba amakoraniro.

Huburwa intama za Yehova zari zarazimiye

Uko abantu benshi baguma baba abanyamwete mu gikorwa co kwamamaza, ibiro vy’ishami ryaratunganije isekeza ry’amezi abiri ryo kwamamaza mu cibare cakorerwamwo gake. Abamamaji baratanze ibitabu hafi 15.000 bongera baribonera ibintu vyinshi bishimishije. Hari abantu babaza nimba mu bisagara vyose vyo muri ako karere ata ho Ivyabona vya Yehova boshinze amashengero. Ivyo vyatumye amaherezo hashingwa amashengero abiri mashasha. Mu kigwati kimwe kiri ukwa conyene, abavukanyi barahabonye bashiki bacu babiri batasubiye kubonana n’abavukanyi igihe bahunga mu kiringo c’intambara. Abo bavukanyi baciye ubwo nyene batunganya ivy’uko muri ico kigwati hokwama hagirirwa amakoraniro kandi barahatanguje inyigisho za Bibiliya zitari nke.

Mu 2009, ibiro vy’ishami vyarumvise ko mu kigwati kimwe kiri hagati mu kibira co muri Guinée hari abantu bavuga ko ari Ivyabona vya Yehova. Ishami rimaze kurungika abavukanyi gutohoza ayo makuru, ryasanze hari umuvukanyi ageze mu zabukuru yari yarasubiye mu kigwati c’iwabo igihe yakukuruka. Yarigishije abagabo batari bake imbere y’uko apfa. Umwe muri abo bagabo yarizeye Yehova maze aratangura kubwira abandi ivyo yari yarize muri Bibiliya. Yaragirisha kandi amakoraniro, akoresheje ibisohokayandikiro vya wa muvukanyi yapfa. Uwo mugwi wari umaze imyaka 20 usenga Yehova imbere y’uko hagira umwamamaji abubukako. Ishami ryaciye ryihutira kurungika abavukanyi boja gufasha uwo mugwi mu vy’impwemu. Mu 2012, abantu 172 bo muri ico kigwati baritavye Icibutso c’urupfu rwa Kristu.

Mu bihe vya vuba, hagiye haruburwa izindi ‘ntama zari zarazimiye’ nyinshi. Abo ni abantu bari baragiye akayombekere barava mw’ishengero canke bari bararikuwemwo. Benshi muri abo bana b’ivyangazi baragarutse barasubira mu kuri. Abasavyi ba Yehova barabakiranye igishika.Luka 15:11-24.

Abisilamu b’imitima nziraburyarya bemera ukuri

Igihe intumwa Paulo yaba ariko arabwira abandi inkuru nziza, yaracika “vyose ku bantu b’uburyo bwose.” (1 Kor. 9:22, 23) Muri ubwo buryo nyene, abasavyi ba Yehova bo muri Sierra Leone no muri Guinée baragize ico baryohoye ku buryo bwabo bwo gutanguza ibiyago kugira ngo bakwegere abantu batandukanye. Nk’akarorero, rimbura ukuntu abamamaji bamwebamwe bafasha kuzirikana abisilamu batumira cane ku vyo bemera, iryo rikaba ari ryo dini ririmwo abantu benshi gusumba ayandi muri ivyo bihugu vyompi.

Saidu Juanah, uwahoze ari umwisilamu, asigura ati: “Abisilamu bemera ko Adamu yaremwe akuwe mu mukungugu ariko ko mu ntango yaba mw’iparadizo yo mw’ijuru. Kugira ndabafashe gutahura ukuri ukwo ari kwo, ndababaza nti: ‘Umukungugu uva he?’

“Baca bishura bati: ‘Kw’isi.’

“Nca mbandanya nti: ‘None wumva Adamu ategerezwa kuba yaremewe hehe?’

“Baca bishura bati: ‘Kw’isi.’

“Mu gutomora ico ciyumviro, ndabasomera Itanguriro 1:27, 28 maze nkababaza nti: ‘Ababa mw’ijuru boba bafise abana?’

“Bishura bati: ‘Oya. Abamarayika si abagabo kandi si abagore.’

“Nca ndabafasha kuzirikana nti: ‘Igihe Imana yabwira Adamu na Eva ngo bavyare, bategerezwa kuba bari hehe?’

“Baca bishura bati: ‘Kw’isi.’

“Nca nongera nti: ‘None Imana niyagarukana Iparadizo, iyo Paradizo itegerezwa kuzoba iri he?’

“Baca bishura bati: ‘Ng’aha kw’isi.’ ”

Saidu arangiza ati: “Ubwo buryo bwo kuzirikana hakoreshejwe Ivyanditswe buratuma abisilamu b’umutima nziraburyarya bumviriza n’ibindi kandi bakakira ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya.”

Rimbura ivyerekeye Momoh, umwisilamu yadandaza mu mangazini yari yizigiye kuzoba uwo bita Imamu. Igihe abamisiyonari b’Ivyabona bamufasha kuzirikana bakoresheje Ivyanditswe, Momoh yaciye ashaka kumenya n’ibindi. Yaritavye igice c’iteraniro ry’umuzunguruko kandi yarashimye ivyo yumvise. Haheze imisi itanu, we n’umukenyezi wiwe Ramatu be n’abana babo batanu baritavye Icibutso c’urupfu rwa Yezu. Momoh yaciye atangura kwiga Bibiliya abigiranye ubwira. Amaze kwiga akatari gake, yaciye aheba kudandaza itabi. Yabwira abakiriya biwe ko itabi ryonona amagara kandi ko Imana iryanka. Yaratanguye kandi kwiga ari kumwe n’umukenyezi wiwe n’abana babo, bakigira aho ku mangazini yiwe. Hagize abakiriya bamurondera mu kiringo c’iyo nyigisho y’umuryango, yaca ababwira ngo bicare barindire, akabasigurira ko iyo nyigisho ihambaye cane ku muryango wiwe. Igihe we na Ramatu bandikisha umubano wabo, imiryango yabo yarabarwanije bimwe bibi. Ata gucika intege, Momoh na Ramatu barabwira inkuru nziza badatinya incuti zabo, bano bakaba amaherezo bahavuye bubaha inyifato yabo nziza. Momoh yabatijwe mu 2008, Ramatu na we mu 2011.

Gushigikira ubweranda bw’amaraso

Abasavyi ba Yehova barashigikiye babigiranye umutima rugabo ingingo mfatirwako z’Imana zigenga inyifato runtu, harimwo ukuntu ibona amaraso. (Ivyak. 15:29) Abaganga bakanongoreye bo muri Sierra Leone na Guinée bubashe iyo mpagararo bagiye barongerekana.

Abavukanyi bariko bararemesha mushiki wacu yari mu bitaro

Mu 1978, abavukanyi barahaye abaganga, abaforoma, abakuru b’ibitaro, abashingwamanza be n’abacamanza bo hirya no hino muri Sierra Leone agatabu kavuga ibijanye n’amaraso (Les Témoins de Jéhovah et la question du sang). Budakeye na kabiri, hari mushiki wacu yariko aribaruka yaviriraniye imbere, ariko abaganga baranka kumuvura badakoresheje amaraso. Yamara, umuganga umwe yaremeye gufasha kubera ibintu yari yarasomye muri ka gatabu kavuga ibijanye n’amaraso. Uwo mushiki wacu yaribarutse umwana w’umuhungu akomeye yongera arakira neza.

Nko mu 1991, umuganga yize ivyo kubaga yitwa Bashiru Koroma yakora ku bitaro vy’i Kenema yarasomye agatabu kamwe (Comment le sang peut-il vous sauver la vie?). Kubera ko yakwegerewe cane n’ibiri muri ako gatabu, yaratanguye kwiga Bibiliya no kwitaba amakoraniro ya gikirisu. Igihe agahungu k’imyaka icenda k’Icabona katabuka urwagasha bivuye kw’isanganya, abaganga b’ako gahungu baranse kukabaga badakoresheje amaraso. Babwiye abavyeyi bako bati: “Twara umwana wanyu muhira aje gupfirayo!” Abo bavyeyi barituye muganga Koroma, uno akaba yaramubaze kandi biragenda neza.

Muganga Koroma ntiyatevye gucika umuvukanyi Koroma, akaba yaraburanira ivyo kuvura hadakoreshejwe amaraso. Abandi baganga baramwinuba kubera iyo mpagararo yiwe, ariko abo yavura bose barakira neza. Mu nyuma, bamwe mu bo bakorana baratanguye kumusaba ngo abafashe igihe baba bagomba kubaga mu buryo bukomeye.

Kuva mu 1994, Ibiro bijejwe guhanahana amakuru n’ibitaro vyo kw’ishami ry’i Freetown vyarashinze Amakomite aja inama n’ibitaro muri Sierra Leone no muri Guinée. Abari muri ayo makomite babigiranye urukundo barafashije Ivyabona benshi barwaye bongera barajijura abaganga benshi ngo bemere kuvura Ivyabona badakoresheje amaraso.