Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

SIERRA LEONE NA GUINÉE

Ikintu gisumba kure n’iyo diyama

Tamba Josiah

Ikintu gisumba kure n’iyo diyama
  • YAVUTSE 1948

  • YABATIJWE 1972

  • IVYIWE MURI MAKE Yakorera ahantu bimba diyama imbere y’uko aza mu kuri. Ubu ari mu bagize Komite y’ishami yo muri Sierra Leone.

MU 1970, nakora mw’ishirahamwe ry’Abongereza ryimba ubutare mu karere ka Tongo, ako kakaba ari akarere karimwo diyama nyinshi mu buraruko bwa Kenema. Narimba kandi ku giti canje diyama igihe ntaba nagiye ku kazi. Igihe cose naba ndonse diyama zanje bwite, naca nambara neza nkaja i Kenema kuzigurisha hanyuma ngaca nja kwiryohera.

Mu 1972, narahuye n’Ivyabona vya Yehova nca ndatangura kwiga Bibiliya. Haheze amezi atanu, narakwije ibisabwa vyo kubatizwa. Kubera ko ata misi y’akaruhuko nari nsigaranye, narasavye uwo twakorana ngo ankorere kugira ngo nshobore kwitaba ihwaniro ry’intara nongere mbatizwe. Yambwiye ko yokwemera ari uko mbanje kumwemerera kumuha umushahara w’indwi imwe. Ibatisimu yanje yari ihambaye cane kuruta amahera, rero sinagonanywe kwemera. Igihe nagaruka mvuye kw’ihwaniro, yaciye ambwira ko nogumana amahera yanje kubera ko gusukurira Imana cari ikintu ciza. Haheze amezi atandatu, narahevye ako kazi kanje kandonsa amahera menshi kugira ngo nje kwirundaniriza ubutunzi mw’ijuru ndi umutsimvyi adasanzwe.Mat. 6:19, 20.

Mu myaka 18 narasukuye ndi umutsimvyi adasanzwe be n’umucungezi w’umuzunguruko mu turere dutandukanye tw’igihugu. Muri ico gihe, narubakanye na Christiana, umukenyezi w’intahemuka kandi ashigikirana, kandi twarahezagiwe no kuronka umwana w’umukobwa yitwa Lynette.

Narigeze kuba ata kindi ndota atari kuronka diyama, ariko ubu nararonse ikintu kizisumba kure n’iyo, na co kikaba ari ubutunzi bwo mu buryo bw’impwemu

Mu gihe c’intambara y’abanyagihugu muri Sierra Leone, twe na Christiana twari abatsimvyi i Bo, aho hakaba ari mu karere nyamukuru bimbamwo diyama. Aho twaraharonse diyama nyinshi zo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga abigishwa bakirisu b’ukuri. Mu myaka ine, ishengero ryacu ryarongerekanye gushika ku bice birenga 60 kw’ijana. Ubu i Bo hari amashengero atatu arangwamwo umwete.

Mu 2002, naratumiwe ngo mbe umwe mu bagize Komite y’ishami yo muri Sierra Leone. Twe na Christiana tuba hafi ya Beteli. Nkora ntaha buri musi, Christiana na we asukura ari umutsimvyi adasanzwe. Lynette akorera kuri Beteli mu buhinduzi, mu mugwi uhindura mu rurimi rwitwa Krio.

Narigeze kuba ata kindi ndota atari kuronka diyama, ariko ubu nararonse ikintu kizisumba kure n’iyo, na co kikaba ari ubutunzi bwo mu buryo bw’impwemu. Nararonse kandi diyama 18 zo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga abigishwa bakirisu b’ukuri 18. Vy’ukuri, Yehova yarampezagiye cane rwose.