Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

SIERRA LEONE NA GUINÉE

Uwabaye umusoda akiri umwana yahavuye aba umutsimvyi asanzwe

Uwabaye umusoda akiri umwana yahavuye aba umutsimvyi asanzwe

NARI mfise imyaka 16 igihe abasoda b’abaroberi bampata ngo nje mu gisoda cabo. Barampa ibiyayuramutwe n’inzoga kandi akenshi naja kurwana nanyoye ibiyayuramutwe. Nararwanye mu ntambara nyinshi kandi narakoze amabi y’agahomerabunwa. Ndicuza cane kubera ivyo bintu.

Umusi umwe hari Icabona ageze mu zabukuru yaje kwamamaza mu makambi twarimwo. Abantu nka bose baradutinya twebwe abaroberi kandi baratwanka, yamara ico Cabona we yaraza kudufasha mu vy’impwemu. Igihe yantumira ku makoraniro, naremeye. Sinibuka ivyavuzwe kuri ayo makoraniro, ariko ndibuka neza cane ingene banyakiriye n’igishika.

Igihe intambara yakomera, sinasubiye kubonana n’Ivyabona. Mu nyuma narakomerekejwe cane maze ndungikwa mu karere kagenzurwa n’abaroberi kugira ntore mitende. Imbere y’uko intambara irangira, naratorotse nja mu karere kagenzurwa na Leta hanyuma nca nshirwa mu rutonde rw’abasubiza ibirwanisho n’abasubizwa mu buzima busanzwe.

Nari nkeneye cane imfashanyo yo mu vy’impwemu. Naragiye gusenga mu ba pentekoti, ariko abo bantu hagati yabo banyita ngo ndi Shetani. Naciye rero ntangura kurondera Ivyabona vya Yehova. Maze kubatora, naratanguye kwiga no kwitaba amakoraniro. Igihe natura ibikorwa bibi nari narakoze, abavukanyi baransomeye amajambo ahumuriza Yezu yavuze, agira ati: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera. . . . [Sina]je guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi.”Mat. 9:12, 13.

Ese ukuntu ayo majambo yankoze ku mutima! Narahaye umuvukanyi yanyigisha Bibiliya intambi yanje, ndamubwira nti: “Nari naragumije iyi ntambi kugira nivune aborondera kunyihora. Ariko ubu ko nzi yuko Yehova na Yezu bankunda, nta yo ngikeneye na gato.”

Abavukanyi baranyigishije gusoma no kwandika. Amaherezo, narabatijwe nca ndaba umutsimvyi asanzwe. Muri iki gihe, iyo ndiko ndamamaza ku bahoze ari abaroberi, bavuga ko banyubaha kubera ko natyoroye ubuzima bwanje. Mbere narize Bibiliya n’uwahora ari umukomanda wanje.

Igihe nari umusoda, naravyaye abahungu batatu. Aho mariye kwiga ukuri, naciye nshaka kubafasha mu vy’impwemu. Naranezerejwe cane no kuba babiri muri bo baremeye ukuri! Umwe mu bahungu banje ni umwamamaji atarabatizwa, kandi umuhungu wanje w’imfura ni umutsimvyi wo gufasha.