Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

SIERRA LEONE NA GUINÉE

Yehova yarampagurukije

Jay Campbell

Yehova yarampagurukije
  • YAVUTSE 1966

  • YABATIJWE 1986

  • IVYIWE MURI MAKE Umuntu arwaye ubukangwe yabaye umutsimvyi asanzwe.

NAKUZE mugaye guhera mu kiyunguyungu kumanuka, kandi naba mu kigo kimwe c’i Freetown twe na mama be n’iyindi miryango ikenye itari mike. Kubera ko numva isoni kandi ngatinya ukuntu nohava mbonwa n’abandi bantu, nasohotse ico kigo rimwe gusa mu myaka 18.

Igihe nari mfise imyaka 18, Pauline Landis, umumisiyonari w’Icabona, yaragendeye ico kigo cacu maze aransaba ngo twige Bibiliya. Igihe namubwira ko ntazi gusoma no kwandika, Pauline yambwiye ko na vyo nyene yobinyigishije. Rero, naciye nemera.

Ivyo nize muri Bibiliya vyaratumye nezerwa cane. Umusi umwe, narabajije Pauline niba noshobora kwitaba ikoraniro ry’ishengero, rino aho ryabera ukaba warengana inyubakwa imwe uvuye aho naba. Namubwiye nti: “Mu kuza nzokoresha utubaho twanje ngenderako.”

Igihe Pauline yaza kuntora, mama be n’ababanyi baranyitegereje bahagaritse umutima. Mfise mu minwe twa tubaho twanje, naratuma amaboko imbere ngaca ndadufatisha hasi. Naca ntaruka nkarengana twa tubaho. Igihe nariko ndarengana ku mbuga, ababanyi basemereye babwira Pauline ngo: “Uriko uramugora. Yari yaragerageje gutambuka ariko biramunanira.”

Pauline yaciye ambaza yitonze ati: “Jay, urashaka kuza?”

Nishuye nti: “Ego! Iyi ni yo ngingo nafashe.”

Ababanyi baranyihweje badakurako umunwa uko negera irembo. Igihe nasohoka ico kigo, baciye bakoma amashi.

Ese ukuntu iryo koraniro ryandyoheye! Mu nyuma, naciye mfata ingingo yo kuja ku Ngoro y’Ubwami. Ivyo vyasaba ko ngenda gushika ku mpera y’ibarabara, ngaca mfata itagisi, maze nkakenera abavukanyi banterura bakandugana ahari ingoro. Akenshi nashika natose kandi nacafuye ku buryo ngeze ku ngoro nabwirizwa kwihindura. Mu nyuma, hari umuvukanyikazi wo mu Buswise yandungikiye abigiranye umutima mwiza intebe y’abamugaye ifise amapine, ivyo bikaba vyaratumye nshobora kugenda mu buryo bumpesha icubahiro.

Gusoma amakuru y’ibindi Vyabona bamugaye vyaramvyuriye umutima wo gukorera Yehova mu buryo burushirije kuba ubushitse. Mu 1988, narabaye umutsimvyi asanzwe. Narasenze Yehova ndamusaba ngo amfashe gushitsa umugambi wanje, uno ukaba wari uwuko nofasha umuntu wo mu muryango wanje be n’umuntu wo mu cibare canje bagakorera Yehova. Amasengesho yanje yarishuwe igihe nashobora gufasha babiri mu bahungwacu be n’umukenyezi umwe twahuye ndiko ndamamaza kw’ibarabara, baramenya ukuri.

Ubu amaboko yanje ntagifise inguvu, kandi bisaba ko abandi bansunika. Mfise n’ububabare budahera. Ariko nasanze umuti w’ubwo bubabare ari kwigisha abandi ivyerekeye Yehova. Umunezero ndabikuramwo uratuma ubwo bubabare bugabanuka kandi urampumuriza kubera ko Yehova yampagurukije, ubu nkaba mfise ubuzima buri n’intumbero.