Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibintu bikurubikuru vyaranze umwaka uheze

Ibintu bikurubikuru vyaranze umwaka uheze

Yehova Imana yarahumekeye umuhanuzi Yesaya kuvuga ibizoba ati: “Mu kibanza c’umujumpu nzozana inzahabu, mu kibanza c’icuma nzane ifeza, mu kibanza c’igiti nzane umujumpu, mu kibanza c’amabuye na ho, icuma.” (Yes. 60:17) Mu mwaka uheze, twariboneye ibimenyamenya bitomoye vyerekana ko ubwo buhanuzi bubandanya kuranguka. Nka kurya nyene gusubiriza ikintu ikindi kikiruta vyerekana ko uryohoye ibintu, Ivyabona vya Yehova baragize ivyo baryohoye mw’ishirahamwe ryabo muri iki gihe ca nyuma.Mat. 24:3.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

Igikorwa kiriko kiratera imbere cane i Warwick

Raba ibintu biteye umunezero biriko biraba aho bariko barubaka icicaro gikuru gishasha c’Ivyabona vya Yehova.

Urwego rwo kw’isi yose rujejwe imigero n’ubwubatsi

Urwo rwego rushasha rujejwe igikorwa kidasanzwe co kwihutisha amashantiye y’ubwubatsi arenga 13.000.

Ntikomeye ngo isigaze!

Integuro yo mu 2013 ya Bibiliya y’isi nshasha irabereye ijisho kandi irakomeye.

Ikoraniro ryakurikiranywe n’Ivyabona benshi cane

Ikoraniro riba buri mwaka rigira 129 ry’ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania ryitabwe n’Ivyabona benshi kuruta abigeze gukurikira iyindi porogarama iyo ari yo yose.

Kwegurira Imana inyubakwa z’ishami rya Sri Lanka

Muri iyo porogarama harakoreshejwe ubuhinga budasanzwe bwatuma abari mu bibanza bitandukanye bashobora kubonana.

Raporo y’ivy’imanza

Ivyabona vya Yehova barabandanya kuburanira umwidegemvyo wabo w’ivy’ugusenga.

Udukuru two hirya no hino kw’isi

Ni igiki catumye udukobwa tubiri two muri Jeworojiya dutanga amahera twari twategekanirije kugura telefone ngendanwa?

“Turabonye ibintu bitabaho”

Ni ibintu ibihe biriko biraba muri kino gihe vyogereranywa n’ibitangaro vyabaye mu gihe ca Yezu?