Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Bavukanyi namwe bashiki bacu bakundwa,

“Twama dukengurukira Imana iyo tubashize mwese mu masengesho yacu, kuko tuguma twibuka igikorwa canyu kiva ku kwizera, ukubira akuya kwanyu kuvuye ku rukundo, be n’ukwihangana kwanyu, kubera icizigiro mufise mu Mukama wacu Yezu Kristu imbere y’Imana yacu ikaba na Data.” (1 Tes. 1:2, 3) Ese ukuntu ayo majambo aserura neza ukuntu twiyumva ku biberekeye! Turakengurukira Yehova ku bwanyu no ku bw’ibikorwa vyiza muriko murarangura. Uti kubera iki?

Mu mwaka uheze, mu bijanye n’ibikorwa vy’Ubwami, mwarakoze rwose “igikorwa . . . kiva ku kwizera” mwongera ‘murabira akuya kavuye ku rukundo.’ Benshi muri mwebwe mwararondeye uturyo two kwagura ubusuku bwanyu. Hari abimukiye mu turere dukeneye cane abamamaji b’Ubwami canke mbere mu bindi bihugu. Abandi baraguye umurimo mu kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza ku mugaragaro. Benshi barakoze ubutsimvyi bwo gufasha mu kiringo c’Icibutso, mu kwezi bari bagendewe n’umucungezi w’umuzunguruko, canke muri rya sekeza ridasanzwe twagira muri Myandagaro 2014. Naho ivyanyu bitifashe kumwe, turabona ko muriko murakorera Yehova mutiziganya, kandi turabakeza. (Kol. 3:23, 24) “Igikorwa canyu kiva ku kwizera” ni imvo vy’ukuri ituma dukengurukira Yehova!

Turakenguruka cane kandi “ukubira akuya kwanyu kuvuye ku rukundo” mu bikorwa bijanye n’ubwubatsi bw’inyubakwa zitandukanye z’ivya gitewokarasi ziri hirya no hino kw’isi. Turakeneye cane izo nyubakwa, kubera ko igitigiri c’abasavyi ba Yehova kiguma ciyongera. (Yes. 60:22) Iyumvire nawe, mu mwaka uheze twari abamamaji 8.201.545, kandi buri kwezi twayoboye inyigisho za Bibiliya 9.499.933 tugize incahagati. Bitumwe n’iryo yongerekana, ibiro vyinshi vy’amashami birakeneye cane kwagurwa canke gusanurwa. Ata gukeka, ivyo bisigura kandi ko dukeneye izindi Ngoro z’Ubwami. Muri ico gihe nyene, Ibiro vy’ubuhinduzi biri ukwa vyonyene birakenewe mu turere twinshi two hirya no hino kw’isi kugira ngo abahinduzi bashobora kuba no gukorera mu turere tuvugwamwo indimi bahinduramwo.

Ku bw’ivyo, umwe wese yokwibaza ati: ‘Ni igiki nokora kugira ngo nshigikire ubwubatsi bw’izo nyubakwa?’ Bamwe muri twebwe boshobora kwitanga bagafasha mu bwubatsi. Kandi, twaba tuzi ivyo kwubaka canke ata vyo tuzi, twese turafise agateka ko guterera ibintu vyacu vy’agaciro muri ivyo bikorwa vy’ubwubatsi. (Imig. 3:9, 10) Igihe itaberenakulo yariko irubakwa, Abisirayeli baratanze cane ku buryo hatanzwe itangazo ryababuza gusubira gutanga. (Kuv. 36:5-7) Nta gukeka ko uburorero nk’ubwo bwo mu Vyanditswe budukora ku mutima kandi bugatuma tugira ico dukoze. “Ukubira akuya kwanyu kuvuye ku rukundo” muri iyo mice ihambaye y’umurimo mweranda ni iyindi mvo ituma dukengurukira Yehova.

Turafise imvo idasanzwe yo guhimbarwa iyo tubonye ingene abavukanyi bacu bihangana cane. Nk’akarorero, raba ivyerekeye abavukanyi bacu bo muri Koreya y’Epfo. Kuva mu 1950, abavukanyi bakiri bato bo muri ico gihugu baramara ibiringo bitandukanye mu munyororo kubera ko banka kudohoka ku mwiyemezo w’abakirisu wo kutaja mu gisirikare. Abavukanyi bacu bo mu mayaruka atandukanye barihanganiye ico kintu batadohoka. Ese ukuntu akarorero kabo ko kwihangana gakomeza ukwizera kwacu!

Muri Eritreya, hari abavukanyi bacu batatu bamaze imyaka irenga 20 bapfunzwe. Abandi na bo, harimwo bashiki bacu n’abana babo, usanga bamara igihe gito bapfunzwe. Haragizwe utwigoro twinshi kugira ngo barekurwe ariko n’ubu ntibararekurwa. Abo bavukanyi bacu baracari intadohoka. Baguma ari intadohoka mu bihe bitoroshe. Ntitwibagira abo bavukanyi b’intahemuka mu masengesho dutura.Rom. 1:8, 9.

Ego ni ko, benshi muri mwebwe ntimupfunzwe kubera ukwizera kwanyu. Yamara, benshi muri mwebwe murashaje cane, abandi murwaye indwara zidakira, murarwanywa n’abo mwubakanye canke incuti zitari Ivyabona, aho tukaba tutavuze n’izindi ngorane usanga zizwi na mwebwe gusa. Naho ari ukwo, murabandanya mukorera Yehova mudahemuka. (Yak. 1:12) Turabakeje cane. Ukuntu mwihangana mudahemuka ni iyindi mvo ituma dukengurukira Yehova.

Emwe, igikorwa canyu kiva ku kwizera, ukubira akuya kwanyu kuvuye ku rukundo, be n’ukwihangana kwanyu biraduha imvo nziza cane zituma “[dukengurukira] Yehova, kuko ari mwiza.” (Zab. 106:1) Turabakunda cane mwese, kandi dusenga dusaba Yehova ko yobakomeza, akabashigikira, akongera akabahezagira kugira mugume mumukorera ibihe bidahera.

Abavukanyi banyu,

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova