RÉPUBLIQUE DOMINICAINE
Abantu 22 baravuye mw’idini ryabo
GERMAN GOMERA yari umwana agira cumi mu bana 11. Inyuma y’aho se wiwe na bashiki biwe babiri bapfiriye, nyina wiwe Luisa yaciye yimurira uwo muryango mu gisagara. Baciye baja mw’idini ry’abamenonite, aho hakaba ari ho basaza ba Luisa n’imiryango yabo basengera.
German yigana ati: “Mu 1962, hari umugabo n’umugore bubakanye b’abatsimvyi badasanzwe baje mu gisagara twabamwo. Vyavugwa ko bariko baronona abanyagisagara n’inyigisho za Shetani. Naho vyari ukwo, igihe uwo mugabo n’umugore bagendera umuryango w’umuntu yitwa Piña, uwo muryango warabakiriye neza. Uwo muryango wa Piña wari ugizwe n’abantu benshi. Barakozwe ku mutima n’ukuntu abo batsimvyi bari bameze neza hamwe n’igishika bari bafise, ku buryo baciye bumviriza bitonze ivyo bababwiye. Icavuyemwo ni uko umuryango wa Piña na bashikanje batatu baciye batangura kwiga Bibiliya.”
German abandanya ati: “Umusi umwe igihe abo batsimvyi bari bagendeye umuryango wa Piña, mawe yaratumiwe. Barasomye ivyanditswe vyo muri Bibiliya bivuga ibijanye n’icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera. Mawe yabajije ati: ‘Kubera iki none mw’idini ndimwo batwigisha ko tuzoja mw’ijuru?’ Aho uwo muvukanyi amwishuriye akoresheje Bibiliya kandi akamusigurira
ico Ivyanditswe bivuga ku bijanye no kuzukira kw’isi, mawe yaravyemeye aca aratangura kubwira abandi ivyo yari yize.“Igihe abapasitori bo muri rya dini ry’abamenonite bamenya ko abayoboke babo bari basigaye biga n’Ivyabona vya Yehova, baragerageje kubajijura ngo bahagarike. Yamara, ivyo babigize mu buryo buranga ishavu n’iterabwoba. Maximina inarugo wo mu muryango wa Piña yababwiye ati: ‘Murazi! Jewe ndakuze, kandi ni je nifatira ingingo.’”
German avuga ati: “Amaherezo abantu 22 baravuye mw’idini ry’abamenonite maze batangura kwitaba amakoraniro yabera mu nzu yari ipanzwe. Mawe yabatijwe mu 1965, nanje mbatizwa haheze imyaka ine mu 1969 mfise imyaka 13.”