Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Gupfungwa no kubuzwa

Gupfungwa no kubuzwa

Bapfungwa bazira kutaja mu gisirikare

Enrique be n’agasho yamaze indwi zibiri apfungiwemwo

Ku wa 19 Ruheshi 1949, hari abantu b’imvukira zo muri République dominicaine binjiye muri ico gihugu bavuye iyo bari barahungiye baje gutembagaza ubutegetsi bw’intwazagikenye Rafael Trujillo. Naho abo bantu baciye baneshwa budakeye na kabiri, Leta ya Trujillo yarataye mu mvuto abanse kuja mu gisirikare, hamwe n’abo bose iyo Leta yabona ko ari abansi bayo. León Glass n’abo bavukana Enrique Glass na Rafael Glass, hamwe na bamwe mu bakorana na León b’Ivyabona bari mu Vyabona ba mbere na mbere bapfunzwe bazira kwanka kuja mu gisirikare.

León yarasiguye ivyamushikiye ati: “[Twe n’abo twakorana] twarafashwe twongera turasambishwa n’igipolisi c’iperereza. Bamaze kudukubagura, baraturekuye. Ariko baturekuye bataturekuye, kuko haheze imisi mikeyi baciye badutumako ngo tuje mu gisirikare, mugabo ivyo babigira mu buryo budahuye n’uko vyari bisanzwe bigirwa. Twanse gukora ivyo bari badusavye baciye badupfunga. Twasanzeyo abandi bavukanyi bane, babiri muri bo bakaba bari abo tuvukana. Tumaze kurekurwa, baciye basubira kudufata. Ivyo vyabaye incuro zitatu; hari aho badufata bukeye canke bakadufata haciye imisi mikeyi gusa. Imyaka yose hamwe twapfunzwe yabaye imyaka hafi indwi, ku ncuro ya nyuma tukaba twapfunzwe itanu.”

“Naho badukubita ibimoko canke ibibando n’ikirindi c’inkoho, twaguma dushikamye kubera ko Yehova yaduha inkomezi zo kwihangana”

Mu gasho, abavukanyi nta gahengwe baronka. Imbohe n’abarinzi b’ibohero barabaryagagura ijoro n’umurango. Umukuru w’agasho kitwa Fort Ozama abo bavukanyi batanguye gupfungirwamwo, yababwiye ati: “Vyabona vya Yehova, nimwaba ivyabona vya Shetani, muzoce mumbwira ndabarekure.” Ariko, abo bantu ntibashoboye gutuma abo bavukanyi b’intahemuka badohoka. León yarasiguye igituma ati: ‘Twama turonka inkomezi zivuye kuri Yehova zidufasha kwihangana kandi twarashobora kwibonera ingene adufasha no mu tuntu dutoduto. Naho badukubita ibimoko canke ibibando n’ikirindi c’inkoho, twaguma dushikamye kubera ko Yehova yaduha inkomezi zo kwihangana.’

Igikorwa c’Ivyabona vya Yehova kibuzwa

Hirya no hino mu gihugu, abansi b’ugusenga kw’ukuri bariko bararushiriza kurwanya Ivyabona. Naho vyari ukwo, muri Rusama 1950 muri République dominicaine hariho abamamaji 238, abo bakaba biyongera ku bamisiyonari. Muri abo bamamaji, 21 bari abatsimvyi b’igihe cose.

Ikinyamakuru cavuze ko abavukanyi bacu baciriwe umunyororo kubera ko banse kuja mu gisirikare

Muri ico gihe, hari umukozi wo mw’iperereza yandikiye umunyamabanga wo mu biro kwa Prezida, ati: “Abayoboke b’akadumbi k’Ivyabona vya Yehova barabandanije ibikorwa vyabo babigiranye umwete mu bice vyose vy’iki gisagara [Ciudad Trujillo].” Yaciye avuga ati: “Ndasubiye gusaba ko Ivyabona vya Yehova bocungerwa cane kuko igikorwa cabo co kwamamaza kiriko kirahuvya abantu, canecane abanyagihugu batobato.”

Umunyamabanga w’intwaro yo hagati mu gihugu n’igipolisi, J. Antonio Hungría, yasavye umuvukanyi Brandt ngo arungike ikete ryerekana impagararo y’Ivyabona vya Yehova ku bijanye n’igisirikare, kuririmbira ibendera, no kuriha amakori. Uwo muvukanyi yanditse iryo kete yisunze amakuru yari mu gitabu “Imana iboneke ko ari inyakuri.” Ariko, ku wa 21 Ruheshi 1950 uwo munyamabanga Hungría yarasohoye ingingo yabuza igikorwa c’Ivyabona vya Yehova muri République dominicaine. Hungría yarategetse umuvukanyi Brandt ngo aze mu biro vyiwe kugira ngo amwibwirire iyo ngingo yari yafashwe. Umuvukanyi Brandt yarabajije nimba abamisiyonari bobwirijwe guca bava muri ico gihugu. Hungría yamubwiye ko boshobora kugumayo mu gihe bokwubahiriza iryo tegeko kandi bakirinda kubwira abandi ibijanye n’idini ryabo. *

^ ing. 2 Mu mayinga makeyi imbere y’uko iyo ngingo ifatwa, abapadiri ba Gatolika barasohoye mu binyamakuru ibiganiro birebire vyatyoza Ivyabona vya Yehova, bikabita ko ari abakoministe.