Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Guhuza n’iyongerekana

Guhuza n’iyongerekana

Yehova agomba ko “abantu b’uburyo bwose bakizwa”

Yehova agomba ko “abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Tim. 2:4) Mu buryo buhuye n’ico kintu Imana igomba, Ivyabona vya Yehova bo muri République dominicaine baragize akigoro gakomeye ko gushikira abantu bo mu duce twose tw’icibare cabo, harimwo n’abanyororo bo mu busho butandukanye bwo mu gihugu.

Mu 1997 hari abatsimvyi badasanzwe babiri bari bagiye kw’ibohero ryitwa Najayo ryo muri San Cristóbal, nk’uko bari basanzwe babigira buri ndwi. Baraganiriye n’umugore yitwa Gloria w’imyaka 23 yava muri Kolombiya yari yapfunzwe kubera ko yadandaza ibiyayuramutwe. Yari yarigeze kuba ayaga na mushiki wacu umwe yari apfunzwe ku karenganyo. Kugira ngo abo bavukanyi bafashe Gloria kuronka inyishu z’ibibazo yari afise bishingiye kuri Bibiliya, baramuzaniye igitabu Comment raisonner à partir des Écritures hamwe n’ibindi bisohokayandikiro. Igishika n’umwete yari afitiye ivyo yariko ariga vyarakwegereye abandi banyororo, bica bituma abama bagenderwa buri ndwi baguma biyongera.

Ukuri kwarahinduye cane Gloria. Mu 1999 yarakwije ibisabwa vyo kuba umwamamaji atarabatizwa. Buri kwezi yamara amasaha arenga 70 ariko aramamaza mu cibare ciwe, ari co gasho. Kandi yari afise inyigisho za Bibiliya zitandatu ziteye imbere z’abagore bari bapfunganywe. Mu 2000, yarasavye kuronka ikigongwe c’umukuru w’igihugu kandi yarakironse kubera yigenza neza. Yararekuwe aca arungikwa iwabo muri Kolombiya. Mu 2001, haheze igihe gito asubiye iwabo, yarabatijwe, naho abo mu muryango bamurwanije cane.

Gloria Cardona yigiye ukuri mw’ibohero. Ubu ni umutsimvyi ari kumwe n’umunega wiwe

Inyuma y’aho Gloria abatirijwe, yaciye atangura ubutsimvyi. Yarubakanye n’umuvukanyi w’umukurambere, kandi bompi ni abatsimvyi basanzwe. Ubu bakorera muri Kolombiya mu karere karimwo inkenero. Gloria yarafashije benshi mu nyigisho ziwe gushika n’aho biyegurira Imana bakabatizwa. Avuga ko yumva yuko afitiye ideni Yehova, kandi ko uburyo bwiza bwo kuririha ari ugukorera abandi nk’ivyo na we yakorewe, na vyo akaba ari kubafasha kumenya ukuri.

Nk’uko ivyashikiye Gloria bivyerekana, agasho ntikabujije abanyororo kwiga ukuri kurokora ubuzima. Hari abavukanyi barungitswe n’ibiro vy’ishami ngo baganire n’abategetsi bo mu Buyobozi bukuru bw’amabohero kugira ngo babasabe ko abavukanyi bokwemererwa kuja no mu yandi mabohero kuyobora inyigisho za Bibiliya. Ivyo vyatumye abavukanyi 43 na bashiki bacu 6 baronka uruhusha rwo kwigisha Bibiliya mu busho 13.

“Rehura imigozi yawe y’ihema”

Mu mpera y’ikinjana ca 20, muri République dominicaine hari abamamaji b’inkuru nziza 21.684 mu mashengero 342, kandi hayoborwa inyigisho za Bibiliya 34.380. Abitavye Icibutso bari 72.679. Kubera iryo yongerekana, abasavyi ba Yehova baritabiriye bihuta akamo kari mu majambo ya Yesaya agira ati: “Agura ikibanza c’ihema ryawe. Nibaramvure ibitambara vy’ihema vy’itaberenakulo yawe ihambaye. Ntiwitinye. Rehura imigozi yawe y’ihema.”Yes. 54:2.

Imwe mu ngorane zariho kwari ukuronka Ingoro y’amateraniro ishobora gukwiramwo abo bamamaji baguma biyongera. Mu 1996 Ingoro y’amateraniro yari iruhande y’ibiro vy’ishami i Santo Domingo yarahejeje kwubakwa, kandi yarakwiramwo neza abamamaji bo ku murwa mukuru no mu micungararo yawo. Ariko, Ingoro y’amateraniro y’i Villa González, iyakoreshwa n’abamamaji bo mu gice gisigaye c’igihugu, yari ikeneye cane gusanurwa canke gusubirizwa.

Mu 2001, Inama Nyobozi yaremeye ko mw’itongo ryari i Villa González hubakwa Ingoro y’amateraniro ijamwo abantu 2.500. Abavukanyi barahimbawe no kwumva ko hokwubatswe kandi inyubakwa yoza irakoreshwa ku bw’Ishure rimenyereza abasuku (ubu ryasubiriwe n’Ishure ry’abamamaji b’Ubwami). Yokwubatswe iruhande y’Ingoro y’amateraniro kandi yobaye ifise uburaro, isomero, ububiko bw’ibitabu, igikoni, n’aho gufungurira. Mu 2004, Theodore Jaracz wo mu Nama Nyobozi yarashikirije insiguro yo kwegurira Yehova izo nyubakwa nshasha. Kuva ico gihe, hamaze kubera amashure 15.