Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Igikorwa co kwamamaza kibandanya

Igikorwa co kwamamaza kibandanya

Abamisiyonari bakora mu kinyegero

Igihe igikorwa cabuzwa abavukanyi baciye batangura gushikirwa n’ingorane. Umumisiyonari yitwa Alma Parson yavuze ati: ‘Ingoro zacu zarugawe, kandi kwamamaza vyari bibujijwe. Abavukanyi bacu bariko barashikirwa n’ibigeragezo vyinshi n’ingorane nyinshi.’ Hariho kandi n’abatakaje akazi abandi nabo barapfungwa. Ariko, uwo mumisiyonari yaravuze iki kintu camunezereje ati: ‘Vyaragaragaye incuro nyinshi, nyinshi cane ko Yehova yatuyobora akongera akadukingira.’ Kubera ko abavukanyi bizigira ‘ko Yehova yobayoboye,’ barabandanije gukorera mu kinyegero.

Ntitwari twemerewe kugira amakoraniro. Lennart Johnson yavuze ati: ‘Abavukanyi baratanguye kugira amakoraniro mu kinyegero, bakaba bakoranira mu mazu ari bakebake. Twariga Umunara w’Inderetsi. Mu kugwiza amakopi yawo twakoresha icuma bita ronéo. Abavukanyi bose b’intahemuka baraha agaciro cane izo nkomezi zo mu vy’impwemu Yehova yaguma aturonsa turi muri iyo migwi mitomito.’

Roy Brandt na Juanita ni bamwe mu bamisiyonari batagiye igihe igikorwa cari kibujijwe

Muri ico gihe nyene, abategetsi bararushirije kuturereka no kutubuza amahoro. Ariko abavukanyi na bashiki bacu ntibahiye coba. Ku wa 15 Nyakanga 1950, mw’ikete umunyamabanga Hungría yandikiye Umukuru w’igihugu yavuze ati: “Twarahamagaye umushingantahe Lee Roy Brandt n’abandi bayoboye umugwi w’Ivyabona vya Yehova incuro nyinshi ng’aha ku biro, tubasaba ko bohagarika ibikorwa vyabo vyose bibujijwe n’amategeko y’iki gihugu; ariko biboneka ko batariko barubahiriza iryo tegeko. Buri musi turaronka amaraporo avuye hirya no hino mu gihugu atubwira ko babandanya ibikorwa vyabo mu kinyengero, ukwo kukaba ari ugusuzugura Leta.” Iryo kete ryasozera risaba ko bokwirukana “abakuru b’abanyamahanga” b’Ivyabona vya Yehova.

Abamamaji barakomejwe

Mu mpera za 1950, umuvukanyi Knorr na Henschel baragendeye ico gihugu. Inyuma y’urwo rugendo, bamwebamwe mu bamisiyonari bararungitswe gukorera muri Arjantine, muri Gwatemala, no muri Porto Riko. Abandi na bo baciye bakora ubuzi busanzwe kugira ngo bishoboke ko baguma muri ico gihugu. Nk’akarorero, umuvukanyi Brandt yakora mw’ishirahamwe ry’ivy’umuyagankuba, abandi na bo barigisha icongereza. Raporo yo mu Gitabu c’umwaka co mu 1951 yavuze ku bijanye n’abo bamisiyonari iti: “Kuba baremeye bakaguma muri ico gihugu birakomeza abigishwa b’Umukama bamenye ukuri biciye kuri bo. Abo bigishwa barakorwa ku mutima n’umutima rugabo abo bamisiyonari bagaragaje mu kuguma bumiye ku gikorwa.”

‘Kuba baremeye bakaguma muri ico gihugu vyarakomeje intahemuka’

Dorothy Lawrence ni umwe mu bamisiyonari bigisha icongereza. Uretse ko yigisha icongereza, yarigisha kandi Bibiliya ababa barashimishijwe. Ivyo vyatumye afasha abantu benshi kuza mu kuri.

Abasavyi ba Yehova b’intahemuka baragize ibindi bintu bakoze kugira ngo babandanye kuja mu busuku naho baguma babareretse. Rimwe na rimwe, baratabura ibitabu bagatwara impapuro nkeyi zavyo mu mupfuko w’ishati canke mw’ikapo yo gusumiramwo kugira ngo bashobore kwamamaza ata wubiciye n’ikanda. Agapapuro ka raporo y’umurimo bakagize nk’agapapuro kanditseko urutonde rw’ivyo umuntu aza gusuma. Mu kibanza c’ibitabu, udutabu, ibinyamakuru, amasubirayo, n’amasaha, hari handitse ipapayi, ibiharage, amagi, amashu, n’ipinari. Amakopi y’Umunara w’Inderetsi bayita yuca, ni ukuvuga umwumbati. Ico giterwa kirarimwa cane muri ako karere.

Igikorwa co guhindura abantu abigishwa kibandanya

Ku wa 16 Ruheshi 1954, Umukuru w’igihugu Rafael Trujillo yarasinyiraniye amasezerano na Vatikano yaha uturusho tudasanzwe abakuru ba Ekleziya Gatolika bo muri République dominicaine. Ico gihe, hari haheze nk’imyaka ine igikorwa c’Ivyabona vya Yehova kibujijwe. Naho vyari ukwo, mu 1955 muri République dominicaine hari abamamaji 478. None vyagenda gute ngo habe amaterambere nk’ayo kandi ibihe vyari bigoye cane? Raporo yo mu Gitabu c’umwaka co mu 1956 yavuze iti: “Impwemu ya Yehova ni yo ituma tugira inkomezi. Abavukanyi barunze ubumwe kandi barakomeye mu kwizera, vyongeye barabandanya gutera imbere babigiranye umutima rugabo.”

Muri Mukakaro 1955 abavukanyi bo ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova bararungikiye ikete Trujillo. Muri iryo kete, barasiguye impagararo y’Ivyabona vya Yehova yo kutagira aho bahengamiye mu vya politike, bongera baramusaba ko ‘yokuraho ingingo yafashe yo guhagarika ibikorwa vy’Ivyabona vya Yehova n’ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society.’ None ivyo vyavuyemwo iki?