Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Umukuru ni nde?

Umukuru ni nde?

‘Basigare batagira umutwe’

Ku wa 13 Mukakaro 1957, wa mutegetsi yitwa Colón yarandikiye umunyamabanga wa Leta ati: “Hari umugani wa kera uzwi cane uvuga ngo: ‘Inzoka utegerezwa kuyikubita ku mutwe.’ Ikintu gikomeye umuntu yokora kugira ngo azimanganye akadumbi k’Ivyabona vya Yehova mu gihugu kwoba ukurondera ingene [bokubitwa ku mutwe mu] kwirukana abamisiyonari babo. Ivyo vyotuma basigara batagira umutwe [canke indongozi], kandi ata mutwe bafise, ivyiyumviro vyabo ntaco vyoshikako.”

Budakeye na kabiri, umunyamabanga ajejwe ivy’umutekano Arturo Espaillat yarirukanye abamisiyonari cumi bari basigaye. Ku wa 21 Mukakaro 1957, Roy Brandt yarandikiye Trujillo amusaba umubonano kugira amusigurire ivyacu. Muri iryo kete harimwo aya majambo yagira ati: “Isekeza abantu bamwebamwe bariko baragira mu gihugu ryo kurwanya izina rya Yehova Imana risa n’isekeza abantu bari bafise amakuru atari yo bagize ryo kurwanya intumwa za Yezu.” Umuvukanyi Brandt yaciye rero ahimiriza Trujillo gusoma Ivyakozwe ikigabane ca 2 gushika ku ca 6 aca amusigurira ati: “Impanuro yumvikana kandi yoroshe gutahura Umucamanza Gamaliyeli yatanze ico gihe ni nziza no muri kino gihe.” Umuvukanyi Brandt yaciye yandika ibivugwa mu Vyakozwe 5:38, 39 mu ndome nkurunkuru ati: “ABO BANTU NIMUBAREKE KUKO NIBA IGIKORWA BARIKO BARAKORA KIVA KU MANA, MUZOSANGA MWARIKO MURAGWANYA IMANA.” Ariko ivyo yasavye vyaciye mu matwi bisohoka. Kw’igenekerezo rya 3 Myandagaro 1957, abo bamisiyonari barajanywe kwurira indege, barabirukana mu gihugu.

‘Yezu ni we mutwe’

Donald Nowills yari ajejwe ibikorwa vy’ishami igihe yari afise imyaka 20 gusa

None vyogendeye gute abavukanyi bo ng’aho ko abamisiyonari bari bagiye? Boba bosigaye ata “mutwe” bagira nk’uko wa mutegetsi Colón yabivuze? Uwokubesha. Yezu ni “we mutwe w’umubiri, ari ryo shengero.” (Kol. 1:18) Ku bw’ivyo, Ivyabona vya Yehova bo muri République dominicaine ntibasigaye batagira “umutwe.” Ahubwo, Yehova n’ishirahamwe ryiwe barabandanije kubitwararika.

Donald Nowills, uwagenywe ngo ahagarikire ibikorwa vy’ishami igihe abamisiyonari birukanwa, yari afise imyaka 20 gusa kandi yari amaze imyaka ine yonyene abatijwe. Naho yari yaramaze amezi nk’angahe ari umucungezi w’umuzunguruko, igikorwa co kw’ishami cari gishasha kuri we. Umuvukanyi Nowills yari afise ibiro bitoyi cane kandi bibayabaye vyari mu nzu yiwe, ino ikaba yari yubakishijwe imbaho, isakaje amabati, kandi ntiyarimwo isima. Yari i Gualey, ako kakaba kari akarere gateye akaga ko mu gisagara ca Ciudad Trujillo. Abifashijwemwo na Félix Marte, yaragwiza amakopi y’Umunara w’Inderetsi yo kurungika mu gihugu cose.

Umunara w’Inderetsi wo mu 1958 wacapuwe n’imashini ronéo

Mary Glass, uno umugabo wiwe Enrique akaba yari apfunzwe, yarafasha umuvukanyi Nowills. Mary asigura ati: “Nava ku kazi isaha cumi n’imwe zo ku mugoroba, ngaca nja ku biro vy’umuvukanyi Nowills gukoporora Umunara w’Inderetsi. Umuvukanyi Nowills yaca agwiza ayo makopi akoresheje ya mashini ronéo. Mu nyuma, umuvukanyikazi yava i Santiago, uwo twita umumarayika kugira ngo ntibamumenye, yarashira nya binyamakuru vyaba vyagwijwe hasi mu mugereni munini w’amavuta wajamwo amalitiro nka 20. Yaca abipfukisha agatambara agaca arenzako imyumbati, ibiraya n’amateke, hanyuma akarenzako igunira. Ahejeje, yaca yipakiza akaja mu buraruko bw’igihugu maze buri shengero akarisigira ikinyamakuru kimwe. Imiryango yarahanahana nya kinyamakuru kugira ngo abayigize bacigire hamwe.”

Mary yongeyeko ati: “Twategerezwa kwiyubara cane kubera ko mu mabarabara hari huzuye abo mw’iperereza, bano bakaba bararondera kumenya ahacapurirwa Umunara w’Inderetsi. Ariko ntaho bigeze bamenya. Yehova yama adukingira.”