Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016

Nusome ibijanye n’igikorwa Ivyabona vya Yehova baranguye kw’isi yose mu 2015 hamwe na kahise kabo muri Endoneziya.

Icanditswe c’umwaka wa 2016

Mu Baheburayo 13:​1 haraduhimiriza hakongera hakadukeza.

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Ubu butumwa buremesha burerekana ukuntu rwa rubuga rwacu jw.org, ya televiziyo yacu, twa tuntu tw’amapine dukoresha mu kwamamaza ku mugaragaro, n’ihwaniro ry’akarere ryo mu 2015 vyabonetse ko ari umuhezagiro vy’ukuri.

“Turakunda televiziyo yacu ga yemwe!”

Vyasavye iki kugira ngo iyo televiziyo yo kuri internet itangure?

Kwihutisha ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami

Igikorwa caratunganijwe ukundi kugira ingoro ibihumbi zikenewe zishobore kuboneka.

Ibikorwa bigeze he i Warwick?

Raba aho ubwubatsi bw’icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova bugeze.

Gushikira abo bitoroshe gushikira

Ni igiki catumye Terry abona ko ivyo Ivyabona vya Yehova bamubwiye ari inyishu y’isengesho ryiwe?

Umuco uguma urushiriza gukayangana

Iki gihimba kirerekana ukuntu Yehova abandanya kumurikira umunyuro w’abasavyi biwe b’ukuri.

Kwegurira Imana ibiro vy’amashami

Ivyabona vya Yehova bo muri Madagaskari no muri Endoneziya barironkeye ingabire idasanzwe mu ntango za 2015.

Bibiliya y’isi nshasha mu zindi ndimi

Mu mwaka w’umurimo wa 2015, Bibiliya y’isi nshasha yasohotse mu ndimi 16.

Raporo y’ivy’imanza

Urugamba rwo kurwanya ikumirwa rishingiye kw’idini rurabandanya kw’isi yose.

Udukuru two hirya no hino kw’isi

Agasandugu ka Ken karafashije kwubaka Ingoro y’Ubwami.

Afrika

Ni uburyo bushasha ubuhe Ivyabona bariko barakoresha mu kuvuga ubutumwa?

Amerika

Kubera iki umugore umwe yigira kw’ibuji mw’ishamba? Kubera iki umutegetsi akaze wo mu bwoko bw’Abahindi baturuka muri Amerika yari arindiriye Ivyabona? Vyongeye, kubera iki umuntu yahora arwanya Ivyabona yarize?

Aziya n’ibihugu vy’Abarabu

Nta kintu na kimwe kibuza abamamaji b’Ubwami kwamamaza, naho bwoba ubumuga canke gupfungwa.

Uburaya

Umugabo wo mu bwoko bw’aba rom, imbohe n’umugore yagira yiyahure bakorwa ku mutima n’ubutumwa bwo muri Bibiliya.

Oseyaniya

Utumeza tw’ibisohokayandikiro, utuntu tw’amapine, urubuga rwa jw.org hamwe n’amavidewo y’ivy’Imana biriko birafasha kumenya ukuri abantu amajana, nimba atari ibihumbi!

Ibintu nyamukuru biranga Endoneziya

Raba muri make ibiranga igihugu, abanyagihugu be n’imico yo muri ico gihugu kigizwe n’amazinga manini kuruta ayandi yose yo kw’isi.

Urudandaza rw’ibirungo

Mu kinjana ca 16, urudandaza rw’ibirungo ni rwo rwari rukomeye cane kw’isi.

Aha ni ho nzohera

Aba colporteurs (abatsimvyi) b’intatinyurukamvye batari bake bava muri Ostraliya baratsinze ingorane zitari nke igihe batanguza igikorwa co kwamamaza.

Uburyo bakoresha mu kwamamaza mu ntango

Kwamamaza bakoresheje iradiyo be n’ubwato vyaratumye abansi b’ukuri bakomeye muri Endoneziya bashangashirwa.

Umuhari w’aba Bibelkring

Uyu muhari w’idini ufise inkomoko ku bisohokayandikiro vy’Ivyabona vya Yehova ariko wahavuye wononwa n’ivyiyumviro vy’abantu.

Yaraha agaciro ivy’impwemu

Akagwi k’inkozi z’ikibi karateye urugo rwa Thio Seng Bie avyitegereza, ariko basize ikintu yaha agaciro cane kuruta ivyo bari batwaye.

Mu burengero bwa Java himbuka

Kubera ko ibitabu vyabo vyaguma bibuzwa, Ivyabona barakoresheje ubugenge kugira babandanye kwamamaza.

Endoneziya yigarurirwa n’Abayapani

Mu gihe c’intambara ya kabiri y’isi yose, hari Ivyabona bashoboye gutora karangamuntu yo ku ntwaro y’Abayapani batarinze guhemuka ku mpagararo yabo yo kutagira aho bahengamiye.

Umutsimvyi w’umutima rugabo

Mu myaka 60 yamaze mu murimo, André Elias yagumye ari intahemuka naho yasambishijwe akongera agaterwa ubwoba.

Abamisiyonari basohotse Gileyadi bashika

Abamisiyonari ba mbere basohotse ishure rya Gileyadi, barafashije mu guteza imbere ningoga igikorwa co kwamamaza.

Inkuru nziza ishika mu buseruko

None uruhamo rw’abakuru b’amadini hoba hari ico rwari gushikako?

Hashika abandi bamisiyonari

Amaja mu myaka ya 1970, kwamamaza inkuru nziza ntivyari bicoroshe.

Umukobwa wa Sara

Titi Koetin yarayobokera umugabo wiwe n’umutima mwiza kandi vyamuviriyemwo ivyiza.

Ihwaniro ry’intibagirwa

Ihwaniro ryo mu 1963 ryataziriwe ngo “Inkuru nziza y’ibihe bidahera” ryagenze neza naho hari ingorane zikomeye.

Nararusimvye igihe abakomunisita bagumuka

Imva ya Ronald Jacka yari imaze kwimbwa.

Namaze imyaka 50 ndi umutsimvyi adasanzwe

Mu 1964, hari umupasitori w’umuporoti yavuze ati: ‘Ngira nomore Ivyabona vya Yehova i Manokwari!’ Yoba yarabishoboye?

Umukuru w’inkozi z’ikibi aba umunyagihugu mwiza

Umukuru w’iperereza yabajije ati: “Ivyabona vya Yehova bariko bakora iki vy’ukuri muri Endoneziya?”

Biyemeje gutera baja imbere

Kubera iki hari abavuze ngo “Ivyabona vya Yehova bameze nk’imisumari”?

Ntibahevye amakoraniro

Igikorwa c’Ivyabona kimaze kwemererwa, hari umutegetsi yavuze amajambo atangaje ati: “Uru rupapuro si rwo rubaha uburenganzira bwo gusenga.”

Umukunzi nyawe umumenyera mu magorwa

Ivyabona vya Yehova baciye banyaruka gutabara igihe nyamugigima yiha inkumbi mu gisagara ca Gunungsitoli muri Endoneziya.

Ntiturota duhemuka

Daniel Lokollo arigana ukuntu abarinzi b’ibohero bamutoteje.

Kugamburuka vyaradukijije!

Indyane zari hagati y’abisilamu n’abakirisu muri Endoneziya zatumye Ivyabona vya Yehova batoroherwa.

Igikorwa gitera imbere

Uruhamo rumaze kurangira, hari ibintu bitatu abavukanyi baciye bungukirako.

Baratangaza izina rya Yehova banezerewe

Ivyabona batsinze gute intambamyi zatuma batinya kwamamaza?

Ibiro vy’ishami biri mw’ijuru

Abitanga barondera ahantu abantu benshi batarumva ivyerekeye Yehova kandi baraharonse.

Yehova yadukoreye ibirenze ivyo twari twiteze!

Ishengero ryo mu kigwati ca Tugala Oyo muri Endoneziya, ryararonse ikintu ritari ryiteze.

Twaratevye turabonana!

Abakobwa babiri b’abaragi bavukana bo muri Endoneziya baratandukanye bakiri bato igihe umwe yatangwa ngo aje kurerwa n’uwundi muntu, ariko ukuri kwarasubiye kubahuza.

Haraciye imyaka ijana kuva mu 1916

Hari ikintu cabaye mu gatasi ko mu 1916 cagize ikintu kinini gikoze ku Batohoji ba Bibiliya.

Raporo yo mu 2015 yose ifatiwe hamwe

Ni utwigoro utuhe n’uburyo bungana iki twakoresheje mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana?

Guhimbaza Icibutso​—Ku wa 5, itariki 3 Ndamukiza 2015

Isekeza ryo gutanga ubutumire ryamaze indwi zine ryaravuyemwo ivyiza vyinshi.