ENDONEZIYA
Ibintu nyamukuru biranga Endoneziya
Igihugu Kiri hagati ya Ostraliya na Aziya, kikaba kandi kigaburwamwo kubiri na wa murongo bita Équateur. Ni co gihugu kigizwe n’utuzinga twinshi kuruta ibindi kw’isi. Amazinga arenga 17.500 ari muri co, agizwe n’imisozi y’ibitandara be n’amashamba ya manyenye. Ni co gihugu kandi giturikamwo ibirunga kuruta ibindi kw’isi kubera ko kirimwo ibirenga 100 bikunda guturika.
Abanyagihugu Ni co gihugu kigira kane kw’isi gifise abanyagihugu benshi (havuye Ubushinwa, Ubuhindi na Amerika) kandi kirimwo
amoko arenga 300. Abarenga ica kabiri bagizwe n’ubwoko bw’Abajavaneze n’Abasundaneze.Idini Nk’ibice 90 kw’ijana vy’Abanyendoneziya ni abisilamu. Abasigaye ni abahindu, ababuda n’abakirisu. Abantu benshi baracakurikiza imigenzo ya kera ijanye no gusenga yagirwa muri ico gihugu.
Ururimi Indimi zirenga 700 ni zo zivugwa muri ico gihugu. Ururimi rubahuza ni ikinyendoneziya, rukaba rwavuye mu rurimi rwitwa malay. Abantu nka bose kandi usanga muhira bavuga indimi zo mu turere bavamwo.
Ibibatunze Abantu benshi usanga ari abarimyi batobato canke abadandaza. Ico gihugu cuzuyemwo ubutare, ibiti bivamwo imbaho nziza, igitoro, be n’umwuka bita gaz naturel kandi ni co gishora cane uburembo n’amamesa.
Imfungurwa Umuceri ni wo bafungura cane. Izindi mfungurwa zikundwa cane ni izitwa nasi goréng (umuceri ukaranze urimwo amagi n’imboga z’insoromano), satay (inyama zokeje), be na gado-gado (isalade ijana n’isupu y’ivyema).
Ikirere Harapfutse. Hariho ici n’agatasi kandi harakunda kugwa imvura nyinshi irimwo imituragaro.