Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ENDONEZIYA

Ibiro vy’ishami biri mw’ijuru

Ibiro vy’ishami biri mw’ijuru

Ibiro vy’ishami mw’igorofa ya 31

Mu 2008, Endoneziya yarashikiriye igitigiri c’abamamaji 21.699. Inyubakwa z’ishami zari zarengewe. Vyongeye, kubera ko zari zubatswe mu gihe c’uruhamo, zari iyo catawe. Vyaragaragara ko hari hakenewe ibiro vy’ishami vyagutse biri hafi y’igisagara ca Jakarta.

Haciye nk’imyaka ibiri, abavukanyi baraguze ibiro bitandukanye cane n’ibiro vy’ishami vya mbere: igorofa ya 31 mu nyubakwa y’amagorofa 42 iri hagati mu gisagara ca Jakarta. Ubukurikira, baraguze amagorofa 12 mu nyubakwa iri hafi y’aho kugira ngo abemwo Abanyabeteli 80 canke barenga. Baraguze n’iyindi nyubakwa y’amagorofa atanu ikoreramwo Urwego rujejwe uburaro.

Abanyabeteli baba mu magorofa 12 muri iyi nyubakwa

Umugwi w’abubatsi bavuye mu bihugu bitandukanye warakoranye n’amashirahamwe y’ubwubatsi yo ng’aho mu gusubiramwo izo nyubakwa. Darren Berg, umuvukanyi yari ahagarikiye ubwubatsi, avuga ati: “Yehova yagumye adufasha mu ngorane zitesha umutwe twagiye turagira. Nk’akarorero, twagomba gushiraho ivyuma bigezweho bihingura amazi mabi, ariko abategetsi baranse kuduha uruhusha kubera ko batari bamenyereye ubwo buhinga. Hari umuvukanyi w’umwenjeniyeri wo ng’aho yaciye atura ico kibazo umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru. Uwo mutegetsi yaciye atwemerera gukoresha ubwo buhinga, avuga ko yizigiye cane ivyiyumviro abavukanyi bashikirije.”

“Ntitukiri mu rufuri. Ubu abantu baratubona. Barabona ko twashinze imizi”

Inyubakwa nshasha z’ishami zeguriwe Yehova ku wa 14 Ruhuhuma 2015. Umuvukanyi Anthony Morris wo mu Nama Nyobozi ni we yashikirije insiguro. Umuvukanyi Vincent Witanto Ipikkusuma wo muri Komite y’ishami avuga ati: “Ubu turi mw’ikaritiye ihambaye ikoreramwo ayandi mashirahamwe akomakomeye yo muri Endoneziya. Ntitukiri mu rufuri. Ubu abantu baratubona. Barabona ko twashinze imizi.”

Komite y’ishami, uva ibubamfu uja iburyo: Budi Sentosa Lim, Vincent Witanto Ipikkusuma, Lothar Mihank, Hideyuki Motoi

“Kwamamaza ng’aha biraryoshe pe!”

Muri iyi myaka iheze, Ivyabona benshi baturuka mu mihingo itandukanye y’isi barimukiye muri Endoneziya. Umuvukanyi Lothar Mihank avuga ati: “Abitanga bavuye mu mahanga bararangura uruhara ruhambaye mu bihugu bimeze nk’iki cacu. Utuntu n’utundi bazi, ubuhumure bwabo n’igishika cabo biragirira akamaro amashengero bimukiramwo, kandi baratuma turushiriza guha agaciro umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose.” None ni igiki catumye bimukirayo, kandi biriko bibagendera gute? Raba bimwebimwe mu vyo bavuze.

Abitanze bavuye mu mahanga

1. Janine na Dan Moore

2. Mandy na Stuart Williams

3. Casey na Jason Gibbs

4. Mari (imbere iburyo) na Takahiro Akiyama (inyuma iburyo)

Jason Gibbs n’umukenyezi wiwe Casey bo muri Amerika bavuga bati: “Twarihweje mu Gitabu c’umwaka maze dusanga Endoneziya iri mu bihugu bifise abamamaji bake ufatiye ku gitigiri c’abanyagihugu umwamamaji ategerezwa kubwira inkuru nziza. Hari abagenzi bacu bari basanzwe baritanze kuja gukorera ahari inkenero batubwiye ko muri Endoneziya himbuka cane. Twaciye duterefona ibiro vy’ishami vyo muri Endoneziya, maze badusaba ko twoja gukorera i Bali. Kubera yuko muri Endoneziya ari ho bari bagitangura kubwira inkuru nziza abantu bavuga icongereza, ntitwotevye kwibonera ivyiza bivamwo. Twari twategekanije kumarayo umwaka umwe, ariko tumazeyo itatu. Benshi mu bo tubwira inkuru nziza usanga batarigera bumva ivyerekeye Ivyabona vya Yehova. Emwe, igikorwa kiraryoshe ntiworaba!”

Stuart Williams na Mandy, umugabo n’umugore bahumuye bo muri Ostraliya, bavuga bati: “Twaripfuza kubwira inkuru nziza abantu banyotewe ukuri. Ni co gituma twafashe ingingo yo kwimukira muri Endoneziya. I Malang, muri Java y’Ubuseruko, twarahuye n’abanyeshure amajana bo muri kaminuza bavuga icongereza, kandi barumvirije inkuru nziza babishashaye. Barakunda urubuga rwa jw.org! Ntiwokwumva ingene kwamamaza ng’aha biryoshe!”

Takahiro Akiyama n’umukenyezi wiwe Mari ni abatsimvyi i Yogyakarta mw’izinga rya Java. Bigana bati: “Aha turatekanye kuruta iwacu mu Buyapani. Abantu barangwa n’umutima mwiza n’urupfasoni. Benshi muri bo, canecane abakiri bato, baripfuza cane kumenya ibijanye n’ayandi madini. Umusi umwe turiko turamamaza ku mugaragaro dukoresheje akameza, twaratanze ibinyamakuru 2.600 mu masaha atanu gusa.”

Dan Moore na Janine, umugabo n’umugore bari mu gushikana imyaka 60, bigana bati: “Iyo turiko turamamaza, abantu baraduhundarako. Turabamwenyurira, na bo bagaca bamwenyura. Mu ntango baba bashaka kumenya ivyo ari vyo, hanyuma bagashimishwa, maze bakaryoherwa. Igihe tuberetse ikintu muri Bibiliya, hari abaca bavuga ngo ‘Noshobora kucandika?’ Barumirwa babonye impanuro nziza ziri muri Bibiliya. Aha tuhamaze umwaka, kandi turicuza kubona tutaje hakiri kare. Twarondera ahantu abantu benshi batarumva ivyerekeye Yehova, none twaraharonse!”

Misja Beerens n’umukenyezi wiwe Kristina baje ari abamisiyonari mu 2009, ariko ubu bagendera amashengero. Bavuga bati: “No mw’izinga rya Madura muri Java y’Ubuseruko, ako kakaba ari kamwe mu turere two muri Endoneziya twiganjemwo Abisilamu bumira ku vyo bemera, igikorwa cacu kiravamwo ivyiza vyinshi. Abantu bari mu miduga yabo barahagarara bagasaba ibinyamakuru. Bavuga bati: ‘Ndi umwisilamu, ariko ibitabu vyanyu birandyohera. Mwompa n’ibindi nshira abagenzi?’ Kwamamaza ng’aha biraryoshe pe!”

Imirima ireze igeze kwimbura

Igihe Frank Rice yashika i Jakarta mu 1931, abantu nka 60.000.000 ni bo baba muri Endoneziya. Ubu haba abashika 260.000.000, kikaba ari igihugu kigira kane kirimwo abantu benshi kw’isi.

Ivyabona vya Yehova bo muri Endoneziya na bo nyene barongerekanye cane. Mu 1946, inyuma y’Intambara ya kabiri y’isi yose, hari abamamaji b’intahemuka cumi. Ubu hari abarenga 26.000, ico kikaba ari ikimenyamenya gitomoye c’uko Yehova yabahezagiye! Igitigiri c’abantu 55.864 bitavye Icibutso mu 2015, kirerekana ko akari inyuma gahinda.

Yezu yavuze ati: “Egome, ivyimburwa ni vyinshi mugabo abakozi ni bake. Nimwinginge rero Umukuru w’iyimbura arungike abakozi mw’iyimbura ryiwe.” (Mat. 9:37, 38) Abasavyi ba Yehova bo muri Endoneziya baremera ko ukwo ari ukuri. Bariyemeje gukora bivuye inyuma kugira beze izina rya Yehova muri ico gihugu kigizwe n’amazinga menshi.​—Yes. 24:15.