Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bariko baramamaza kw’isoko i Jakarta

ENDONEZIYA

Igikorwa gitera imbere

Igikorwa gitera imbere

Igihe abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu bumva ko Ivyabona vya Yehova bemerewe gusenga ku mugaragaro, barababaye cane. Abantu barenga 700 bo mu madini indwi y’Abaporoti bagizwe n’abakuru b’idini hamwe n’abandi banywanyi, baragize inama i Jakarta kugira basabe leta ngo isubire kubuza Ivyabona vya Yehova, ariko leta iranka.

Amakuru y’uko Ivyabona bemerewe gukorera ku mugaragaro yarakwiragiye mu gihugu. Abantu benshi baciye bandikira ibiro vy’ishami basaba ibitabu canke kwiga Bibiliya. Mu 2003, abantu barenga 42.000 baritavye Icibutso. Ico gitigiri cararenga ic’abamamaji bose bari mu gihugu ukigwije kabiri. Abantu bababa 10.000 baritavye iteraniro ryabereye i Jakarta, harimwo n’umutegetsi akomeye wo muri rwa Rwego rujejwe amadini. Uwo mutegetsi yaratangajwe no kubona abato n’abakuze bose barondera ivyanditswe muri Bibiliya zabo. Yaramenyesheje abavukanyi ko yari yiyemeje gukosora amakuru atari yo abantu bafise ku Vyabona vya Yehova.

Kuba twaremerewe gukorera ku mugaragaro vyaratumye kandi abamisiyonari bagaruka muri Endoneziya. Abamisiyonari ba mbere bagarutse bari Josef Neuhardt n’umukenyezi wiwe Herawati * (bavuye mu Mazinga ya Salomo), Esa Tarhonen n’umukenyezi wiwe Wilhelmina (bavuye muri Tayiwani), Rainer Teichmann n’umukenyezi wiwe Felomena (bavuye muri Tayiwani), hamwe na Bill Perrie n’umukenyezi wiwe Nena (bavuye mu Buyapani). Bakurikiwe n’abamisiyonari basohotse Ishure rya Gileyadi, bakaba barungitswe gukorera muri Sumatra ya Ruguru, i Kalimantan, muri Sulawesi ya Ruguru no mu tundi turere twa kure.

“Narakunda cane gufasha abanyeshure kuryohora ubuhanga bwabo bwo kwigisha no kuvuga.”​—Julianus Benig

Mu 2005, ibiro vy’ishami vyarahagarikiye ivyigwa vy’amashure mashasha abiri ya gitewokarasi. Julianus Benig, umwe mu bigisha b’Ishure rimenyereza abasuku (ubu ryitwa Ishure ry’abamamaji b’Ubwami), yavuze ati: “Narakunda cane gufasha abanyeshure kuryohora ubuhanga bwabo bwo kwigisha no kuvuga kugira barushirize kugirira akamaro ishirahamwe.” Ubu benshi mu basohotse iryo shure ni abatsimvyi badasanzwe canke abacungezi b’imizunguruko. Benshi mu bavukanyi bo mu mugwi wa mbere witavye Ishure ry’abacungezi b’ingenzi * bari bamenyerejwe mu gihe c’uruhamo. Iryo shure rishasha ryarabafashije kurangura neza iryo banga ryabo inyuma y’uruhamo. Ponco Pracoyo, akaba yari mu mugwi wa mbere witavye iryo shure, yavuze ati: “Iryo shure ryaramfashije kurushiriza kuba umunyempuhwe no kurangura neza ibanga njejwe ryo kugendera amashengero. Ryaraturemesheje ryongera riradukangurira kugira ico dukoze!”

Hari hakenewe cane Ingoro z’Ubwami

Mu myaka 25 uruhamo rwamaze, amashengero nka yose yo muri Endoneziya yakoranira mu mazu y’abavukanyi. Amashengero ari ku rushi ni yo yashobora kwiyubakira Ingoro y’Ubwami, kandi ntivyari vyoroshe kuronka uruhusha rwo kwubaka inyubakwa zo gusengeramwo. Kubera ko amashengero yaguma avuka ku bwinshi, ibiro vy’ishami vyarashizeho Urwego rujejwe ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami (ubu rwitwa Urwego rw’igihugu rujejwe imigero n’ubwubatsi) kugira rukemure ico kibazo.

Kamwe mu turere twa mbere twubakiwe Ingoro y’Ubwami, ni izinga rya Nias ryo muri Sumatra ya Ruguru. Haogo’aro Gea, umuvukanyi amaze igihe kirekire mw’ishengero rya Gunungsitoli, yavuze ati: “Igihe twumva ko tugiye kwubakirwa Ingoro y’Ubwami, twararengewe n’umunezero. Ibiro vy’ishami vyararungitse abubatsi indwi kugira bahagarikire igikorwa. Ingoro yuzuye mu 2001.” Faonasökhi Laoli, uwari muri komite y’ubwubatsi, yavuze ati: “Twahora dukoranira mu mazu y’abavukanyi, kandi ivyo vyatuma mu kibano basuzugura Ivyabona vya Yehova. Ariko Ingoro y’Ubwami ikimara kwuzura, igitigiri c’abitaba amakoraniro caciye kiduga kiva kuri 20 kija kuri 40. Mu mwaka umwe, ico gitigiri cariyongereye incuro zirenga zitanu. Inyubakwa dusengeramwo ni yo nziza kuruta izindi zose muri aka karere, kandi mu kibano barubaha Ivyabona vya Yehova.”

Ingoro y’Ubwami y’i Bandung

Mu 2006, i Bandung mu ntara ya Java y’Uburengero, abavukanyi baratanguye kurondera ikibanza co kwubakamwo Ingoro y’Ubwami ya mbere muri ico gisagara. Singap Panjaitan, umukurambere yari muri komite y’ubwubatsi, avuga ati: “Vyatwaye umwaka wose kugira turonke ikibanza kibereye. Ariko imbere y’uko abategetsi baduha uruhusha rwo kwubaka, twari dukeneye imikono y’ababanyi batari Ivyabona n’imiburiburi 60. Ababanyi 76 baremeye ko twubaka iyo ngoro, ushizemwo n’umugore ahambaye yahora aturwanya. Igihe twaheza kwubaka, twaratumiye ababanyi n’umukuru w’igisagara ca Bandung ngo baze kuratira ijisho iyo ngoro. Uwo mukuru w’igisagara yavuze ati: ‘Ayandi madini yari akwiye gufatira akarorero kuri uru rusengero rusukuye kandi rurimwo urutonde.’” Iyo Ngoro y’Ubwami y’igorofa imwe yeguriwe Imana mu 2010.

Kuva mu 2001, muri Endoneziya hamaze kwubakwa Ingoro z’Ubwami zirenga 100, ariko harakenewe n’izindi nyinshi.

^ ing. 3 Inkuru y’ubuzima ya Herawati Neuhardt yasohotse muri Be maso! yo muri Ndamukiza 2011.

^ ing. 1 Ubu ryitwa Ishure ry’abacungezi b’imizunguruko n’abakenyezi babo.