Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kwamamaza i Semarang, muri Java (nko mu 1937)

ENDONEZIYA

Aha ni ho nzohera

Aha ni ho nzohera

Alexander MacGillivray, akaba yari ahagarikiye ishami muri Ostraliya, yaguma agendagenda mu biro vyiwe yatwawe cane n’ivyiyumviro. Hari ingorane yari imaze imisi myinshi imutesha umutwe akaba rero ari ho yari agitora umuti wayo. Ubu rero ashaka kuganira na Frank Rice.

Hari haciye amayinga makeyi Frank ashitse kw’ishami. Yari umu colporteur (umutsimvyi) w’indyamunyu afise imyaka 28. Yamenye ukuri akiri umuyabaga aca atangura igikorwa c’ubutsimvyi. Yaciye amara imyaka irenga cumi yamamaza hirya no hino muri Ostraliya, akaba yakoresha ifarasi, ikinga, imoto canke imodoka irimwo n’inzu. Inyuma y’imisi mikeyi Frank yamaze kuri Beteli, yari yiteguriye kuja gukorera mu karere gashasha yorungitswemwo.

Umuvukanyi MacGillivray yarahamagaye Frank mu biro vyiwe maze amwereka kw’ikarata amazinga yari mu buraruko bwa Ostraliya. Yaciye amubaza ati: “Frank, ubona gute utanguye kwamamaza ng’aha? Nta muvukanyi n’umwe ari muri aya mazinga yose!”

Frank yaciye atangura gukwegerwa n’ubwiza bw’akagwi k’amazinga yaca ibibatsi nk’utubuyenge mw’Ibahari Indiyano. Ayo mazinga ico gihe yitwa Indes orientales néerlandaises (ubu yitwa Endoneziya). * Yabamwo abantu amamiliyoni batari bwigere bumva inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Frank yaratunze urutoke ku murwa mukuru Batavia (ubu ni Jakarta), aca avuga ati: “Aha ni ho nzohera.”

Kwamamaza i Java

Mu 1931 ni ho Frank Rice yashika i Jakarta, kikaba ari igisagara kinini kirimwo uruja n’uruza kiri mw’izinga rya Java. Yaciye apanga icumba amaja mu gisagara hagati aca acuzuzamwo amakarato y’ibisohokayandikiro, ivyo bikaba vyaratangaje cane nyene iyo nzu.

Frank Rice na Clem Deschamp i Jakarta

Frank yigana ati: “Mu ntango sinabona iyo ndi kandi inkumbu zaranyishe. Narabona abantu bijandajandira mu mpuzu zabo zera zigumye bambaye n’udukofero mu gihe jewe naba nishwe n’indugumba kubera impuzu zo muri Ostraliya nambara. Nta jambo na rimwe ryo mu kinyaholande canke mu kinyendoneziya nari nzi. Maze gusenga Yehova kugira anyobore, naciye nibwira ko hategerezwa kuba hariho abantu bavuga icongereza mu gace gakorerwamwo ivy’ubudandaji. Naciye njayo kwamamaza inkuru nziza. Ntiworaba ingene ico cibare cimbuka!”

Kubera ko abantu nka bose baba i Jakarta bavuga ikinyaholande, Frank nta ko atagize kugira amenye utuntu na dukeyi two muri urwo rurimi maze aca atangura kwamamaza inzu ku nzu. Yarihase ariga n’ikinyendoneziya kandi na co yahavuye akimenya. Frank avuga ati: “Ikibazo nagira ni uko ata bisohokayandikiro vyariho mu kinyendoneziya. Yehova yahavuye anyobora ku mwigisha umwe w’Umunyendoneziya uno akaba yahavuye ashimishwa n’ukuri maze aremera guhindura agatabu Abapfuye bari hehe? Hari n’utundi dutabu twahinduwe, maze bidatevye abantu bavuga ikinyendoneziya batangura gushimishwa n’ukuri.”

Muri Munyonyo 1931, hari abandi batsimvyi babiri bashitse i Jakarta bavuye muri Ostraliya. Yari Clem Des­champ w’imyaka 25 na Bill Hunter w’imyaka 19. Clem na Bill baje bazanye imodoka irimwo inzu, ikaba ari yo yashitse ubwa mbere muri Endoneziya. Bamaze kumenya amajambo makeyi yo mu kinyaholande, baciye batangura kwamamaza mu bisagara bikurubikuru vy’i Java.

Charles Harris yaramamaza akoresheje ikinga n’umuduga urimwo inzu

Inyuma ya Clem na Bill haraje uwundi mutsimvyi yava muri Ostraliya yitwa Charles Harris, akaba yari umugabo w’indyamunyu. Charles yatanguye mu 1935, kandi yarahetuye hafi igisagara cose ca Java. Yagenda n’imodoka irimwo inzu canke ikinga, agatanga ibisohokayandikiro mu ndimi zitanu: Icarabu, igishinwa, ikinyaholande, icongereza n’ikinyendoneziya. Hariho imyaka imwimwe yatanze ibisohokayandikiro nka 17.000.

Charles yatanze ibisohokayandikiro vyinshi ku buryo abantu benshi baciye bashaka kumenya n’ayandi makuru. Umutegetsi umwe w’i Jakarta yabajije Clem Deschamp ati: “Mufise abantu bangahe bakorera mu buseruko bwa Java?”

Umuvukanyi Deschamp yishuye ati: “Ni umwe gusa.”

Nya mutegetsi yaciye amukankamira ati: “Ivyo wumva novyemera? Mutegerezwa kuba mufiseyo abakozi benshi turavye igitigiri c’ibitabu mumaze gukwiragiza hose!”

Abatsimvyi bo mu ntango bagumye bakora cane kugira ngo bashikire abantu benshi bashoboka. Bill Hunter yavuze ati: “Twarakoreye mw’izinga ryose kuva ku ntango yaryo gushika ku mpera yaryo, kandi ni gake twayaga n’umuntu kabiri.” Aho baciye hose bagiye barateragira imbuto nyinshi z’ukuri zino mu nyuma zikaba zarimbutse cane.​—⁠Umus. 11:6; 1 Kor. 3:6.

Abantu b’i Sumatra babwirwa inkuru nziza

Nko mu 1936, abatsimvyi bari i Java baraganiriye ku kuntu boja no kwamamaza i Sumatra, iryo rikaba ari izinga rigira gatandatu mu bunini kw’isi. Iryo zinga rigizwe n’ibitandara, riracamwo wa murongo ugabura isi bita Équateur. Ririmwo kandi ibisagara binini hamwe n’indimo tutibagiye ahantu hatari hato hajaga be n’amashamba cimeza.

Abo batsimvyi barumvikanye ko borungika Frank Rice, baca baregeranya udufaranga bari bafise kugira bamurihire ivyo azokenera. Budakeye na kabiri, Frank yarashitse i Medan, mu buraruko bwa Sumatra, afise isakoshi zibiri yakoresha mu ndimiro, amakarato 40 y’ibisohokayandikiro be n’udufaranga dukeyi. Frank yari afise ukwizera gukomeye. Yaciye ubwo nyene atangura igikorwa yizigiye ko Yehova azomuronsa ivyo akeneye kugira akirangure neza.​—⁠Mat. 6:​33.

Mu ndwi ya nyuma Frank yamaze yamamaza i Medan, yarahuye n’umugabo umwe w’Umunyaholande w’umutima mwiza yamusavye ngo basangire agakawa. Frank yaramubwiye ko yari akeneye imodoka kugira yamamaze inkuru nziza muri iryo zinga ryose. Nya mugabo, yaciye atunga urutoke imodoka yapfuye yari mu busitani bwiwe, aca amubwira ati: “Ushoboye kuyikora, noyiguha ku manyaholande 100.” *

Frank yasubijeyo ati: “Nta manyaholande 100 mfise.”

Nya mugabo yaciye ahanga amaso Frank. Yamubajije ati: “Urashaka vy’ukuri kuvuga ubutumwa muri Sumatra yose?”

Frank ati: “Ego.”

Wa mugabo utanka na we ati: “Sawa. Ushoboye kuyikora uyitware. Uzoba urandiha niwayaronka.”

Frank yaciye atangura gukora iyo modoka kandi ntiyatevye gukira. Mu nyuma yanditse ati: “Kubera ko nari mfise imodoka yuzuye ibisohokayandikiro, yuzuye igitoro be n’umutima ururumba ukwizera, naciye njako ntangura kubwira inkuru nziza abantu b’i Sumatra.”

Henry Cockman ari kumwe na Jean be na Clem Deschamp i Sumatra, mu 1940

Haciye umwaka, Frank amaze guhetura iryo zinga ryose, yarasubiye i Jakarta. Ashitseyo, yaragurishije ya modoka ku manyaholande 100 maze aca ayarungikira wa mugabo i Medan.

Haciye amayinga makeyi, Frank yararonse ikete rivuye muri Ostraliya ryamumenyesha akarere gashasha yari agiye gukoreramwo ubutsimvyi. Yaciye atekera isakoshi ziwe maze aca aja gutanguza igikorwa muri Indochina (ubu hakaba ari Kambodiya, Laos na Vietnam).

^ ing. 4 Mu ntango ayo mazinga yitwa Indes orientales néerlandaises. Hari haheze nk’imyaka 300 Abanyaholande bahashitse maze bahashinga inganji ya gikoroni bitwaje urudandaza rw’ibirungo. Muri iyi nkuru tuza gukoresha amazina ya none.

^ ing. 3 Angana n’amarundi hafi imiliyoni zibiri.