Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Mu kugira amateraniro, bikika inyuma y’imanza z’ubugeni

ENDONEZIYA

Ntibahevye amakoraniro

Ntibahevye amakoraniro

Igihe igikorwa cari kibujijwe, amashengero nka yose yarabandanije kugira amakoraniro, mugabo bakayagirira mu mazu y’abavukanyi. Ariko rero, mu mashengero menshi ntibaririmba indirimbo z’Ubwami kugira ntibafatwe. Vyarashika abavukanyi bakaza babona abategetsi babashwayemwo aho bariko baragirira amakoraniro, ariko ivyo ntivyabahungabanije.

Mu kugira amakoraniro maninimanini, akenshi abavukanyi bikika inyuma y’imanza z’imiryango canke z’ubugeni. Tagor Hutasoit yavuze ati: “Abipfuza kwubaka barandikisha umubano wabo, igipolisi kigaca kibaha uruhusha rwo gutunganya agatutu karimwo abantu benshi. Mu gihe c’agatutu, abageni bicara ku mukiruruko, abavukanyi na bo bakaguma bakurakuranwa bashikiriza insiguro zishingiye kuri Bibiliya.”

Kw’iteraniro rimwe, hari umupolisi yihereranije Tagor.

Yamubajije ati: “Ubugeni bwinshi bumara amasaha abiri canke atatu gusa. Kubera iki ubugeni bwanyu butangura mu gatondo bugashika ku mugoroba?”

Tagor yamwishuye ati: “Abageni bamwebamwe usanga bafise ingorane nyinshi, bakaba bakeneye impanuro nyinshi zo mw’Ijambo ry’Imana.”

Uwo mupolisi yaciye azunza umutwe ati: “Ivyo ni vyo.”

Bikitse inyuma y’ubugeni bwinshi, abavukanyi barashikirije igice ca porogarama y’Ihwaniro ry’intara ryo mu 1983 ryavuga ngo “Ubumwe bw’Ubwami,” bari mu kibuga c’inkino cagutse c’i Jakarta. Ryitabwe n’abavukanyi hamwe n’abashimishijwe nka 4.000, habatizwa abantu 125. Babatijwe mu mw’iherero imbere ya porogarama. Mu nyuma, igihe uruhamo rwari rumaze gucureha, abavukanyi baragize amahwaniro maninimanini kuruta iryo, rimwe muri yo rikaba ryitabwe n’abantu barenga 15.000.

Bubaka ibiro vy’ishami mu ruhamo

Mu myaka ya 1980 na 1990, ibiro vy’ishami vyaguma bisaba leta ngo yemerere Ivyabona vya Yehova gukorera ku mugaragaro. Abavukanyi bo mu bindi bihugu na bo nyene barandikiye leta ya Endoneziya hamwe n’abayiserukira mu makungu, babaza igituma igikorwa c’Ivyabona kibujijwe muri Endoneziya. Abategetsi benshi bari bashigikiye ko Ivyabona bemererwa gukorera ku mugaragaro, ariko Ubuyobozi bujejwe amadini y’abakirisu bwo bwaguma bunana.

Mu 1990, abavukanyi barabonye ko bashobora kwubaka ibiro vy’ishami bishasha mu kibanza kitibonekeza cane. Muri uwo mwaka nyene, Inama Nyobozi yaremereye abavukanyi kugura ikibanza hafi y’i Bogor, agasagara gatoyi kari nko ku bilometero 40 mu bumanuko bwa Jakarta. Ariko rero, abavukanyi bari ku rushi ni bo bari bazi kwubaka. None ivyo biro vyari kwubakwa gute?

Abavukanyi bo mu bindi bihugu baciye bahaseruka. Ibiro bijejwe ubwubatsi vy’i Brooklyn hamwe n’Ibiro vy’akarere vy’abahinga mu vy’ubwubatsi vyo muri Ostraliya vyaratunganije imigero. Abubatsi mvamakungu nka 100 baritanze kugira bafashe muri ico gikorwa camaze imyaka ibiri.

Ibi biro vy’ishami vyubatswe mu gihe c’uruhamo

Hosea Mansur, umuvukanyi w’Umunyendoneziya yari ajejwe kuza aravugana n’abategetsi ku bijanye n’ico gikorwa, yavuze ati: “Igihe abajejwe intwaro bo mw’idini rya Isilamu babona ku nkofero yanje indome H na M zitangura izina ryanje, baciye bibaza ko iyo H isigura ‘Hājjī,’ iryo rikaba ari izina ridasanzwe rihabwa abagiye i Maka. Baciye bampa icubahiro kidasanzwe. Kuba barihenze vyaratumye tworoherwa no gutunganya ico gikorwa.”

Ivyo biro vy’ishami vyeguriwe Imana ku wa 19 Mukakaro 1996. Umuvukanyi John Barr yari mu Nama Nyobozi ni we yashikirije insiguro. Mu bantu 285 bayikurikiye, harimwo 118 baserukiye ayandi mashami be n’abahoze ari abamisiyonari mu bihugu bitandukanye hamwe na 59 bari bagize umuryango wa Beteli yo muri Endoneziya. Mu misi ibiri yakurikiye iyo porogarama, abantu 8.793 baritavye Ihwaniro ry’intara ryavuga ngo “Intwarabutumwa z’amahoro mvamana” ryabereye i Jakarta.

Yehova yararokoye abasavyi biwe

Mu 1998, Prezida Soeharto (Suharto), uwari amaze igihe kirekire atwara Endoneziya, yaratanze imihoho. Ivyo vyatumye hashingwa leta nshasha. Abavukanyi baciye barushiriza gusaba ko Ivyabona bokwemererwa gukorera ku mugaragaro.

Igihe Djohan Effendi, Umunyamabanga wa leta ya Endoneziya yaja i New York mu 2001, yaragendeye Beteli y’i Brooklyn maze arabonana na batatu mu bari bagize Inama Nyobozi. Yaratangajwe n’ivyo yabonye, maze ariyemerera ko Ivyabona vya Yehova bavugwa neza kw’isi yose. Effendi yarashigikiye ko Ivyabona bokwemererwa gukorera ku mugaragaro, ariko avuga ko ijambo rya nyuma ryovuye kuri Marzuki Darusman, umushikirizamanza kizigenza wa Endoneziya.

Uwo mushikirizamanza na we nyene yarabishigikiye, ariko abantu babi bakorana baguma bakwega amaguru kuko bari bizigiye ko yari agiye gusubirizwa. Amaherezo, kw’igenekerezo rya 1 Ruheshi 2001, umuvukanyi Tagor Hutasoit yararengukijwe mu biro vy’umushikirizamanza kizigenza. Tagor yigana ati: “Hari haheze imyaka 25 bampereye muri ivyo biro nyene urupapuro rwerekana ko igikorwa c’Ivyabona vya Yehova kibujijwe. Ariko kuri uwo musi hoho, ari na wo wa nyuma uwo mushikirizamanza yamaze mu mabanga yiwe, yampaye urupapuro rwemeza ko twemerewe gukorera ku mugaragaro.”

Ku wa 22 Ntwarante 2002, ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova ryo muri Endoneziya ryaremewe n’Urwego rujejwe amadini. Umuyobozi mukuru w’urwo rwego yabwiye abaserukiye ibiro vy’ishami ati: “Uru rupapuro si rwo rubaha uburenganzira bwo gusenga. Ubwo burenganzira mubuhabwa n’Imana. Uru rupapuro rwerekana ko idini ryanyu ryemewe na leta. Ubu murafise uburenganzira nk’ubwo ayandi madini yose afise, kandi leta izobafasha.”