IBIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE
Raporo y’ivy’imanza yo mu 2016
Urugamba abavukanyi barwana mu bijanye n’imanza rurerekana ko ari intahemuka kuri Yehova. Akarorero kabo twese karaturemesha kuguma dushikamye mu kwizera, twizigiye ko “Yehova atazobura gutonesha intahemuka [z]iwe.”—Zab. 4:3.
ARJANTINE | Uburenganzira bwo kwigisha abana ivy’Imana
Uwitwa Ruth yavukiye mu muryango w’Ivyabona, ariko yahavuye ahororokerwa kuva akiri muto. Yaratanguye gukwegana n’umugabo umwe, hama aravyara umwana w’umukobwa. Umusi umwe Ruth yarabonye Ivyabona bariko baramamaza ku mugaragaro mu gisagara ca La Plata, bica bimwibutsa idini yakuriyemwo. Ivyo vyatumye yipfuza gusubira kwifatanya n’ishengero, aca aratangura no kwigisha Bibiliya ako gakobwa kiwe. Se w’ako gakobwa yaramurwanije cane yongera aramwitwarira kugira ntabandanye kwigisha Bibiliya uwo mwana no kumujana ku makoraniro.
Uwaburanira Ruth yavuze ko abavyeyi bose bafise uburenganzira bwo kwigisha abana babo ivy’Imana be n’uko sentare idakwiye guhonyanga ubwo burenganzira, kiretse hariho ibimenyamenya vyerekana ko iyo nyigisho igirira nabi uwo mwana. Sentare yafashe ingingo y’uko abavyeyi bakwiye kwubahiriza uburenganzira umwana wabo afise bwo kwihitiramwo aho asenga, naho ico gihe yari afise imyaka ine gusa! Sentare y’iyungururizo yavuze ko uwo mwana ataragera kwifatira ingingo ku bijanye n’aho asengera be n’uko abavyeyi biwe bose bafise uburenganzira bungana bwo kumwigisha ivy’Imana.
Ako gakobwa ka Ruth imisi yose mw’ijoro karasoma Bibiliya kandi karitaba amakoraniro kari kumwe na nyina. Karashashaye cane gutembera kuri Beteli iri i Buenos Aires.
AZERBAYIJANI | Uburenganzira bwo kubwira abandi ivyo twemera
Intumwa Paulo yagereranije ishengero rya gikirisu n’umubiri. Yavuze ko “iyo igihimba kimwe kibabaye, ibindi bihimba vyose bibabarana na co.” (1 Kor. 12:26) Ivyo vyaragaragaye ko ari ukuri. Ivyabona bo kw’isi yose barababajwe cane n’ivyashikiye Irina Zakharchenko na Valida Jabrayilova, bashiki bacu bo muri Azerbayijani. Muri Ruhuhuma 2015, abategetsi babagirije ko bariko bakora ibikorwa bijanye n’idini bitemewe n’amategeko. Umucamanza yarabapfunze ivy’agateganyo, kandi baramaze hafi umwaka wose bapfunzwe kubera urubanza rwabo rwaguma rwigizwa inyuma. Ico kiringo cose bakimaze baza barakubagurwa bongera bicishwa inzara.
Muri Nzero 2016, baratevye bararengutswa muri sentare. Umucamanza yavuze ko bagirwa n’icaha ica arabaca ihadabu. Kubera ko bari bamaze igihe bapfunzwe, yaciye afuta iryo hadabu maze arabarekura. Igihe Sentare y’iyungururizo y’i Baku yanka kwakira ibirego batanze basaba kwezwa, baciye bungururiza muri Sentare ntahinyuzwa. Baritwaye no muri Komite ya ONU ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu kubera uburenganzira bwabo bwo kubwira abandi ivyo bemera bwahonyanzwe bakongera bagakubagurwa.
Abo bashiki bacu bariko barasubirana mu kurindira ikizova muri izo manza. Barakenguruka cane amasengesho menshi
abavukanyi batuye ku bwabo n’ukuntu berekanye ko babitwararika. Valida yandikiye Inama Nyobozi ati: “Amasengesho yanyu yaradufashije kwihanganira izo ngorane, kandi ivyo naravyiboneye. Sinzokwigera nibagira urukundo mwanyeretse, ntasize inyuma Yehova n’abavukanyi bo kw’isi yose.”ERITREYA | Barapfunzwe bahorwa ivyo bemera
Gushika muri Mukakaro 2016, leta ya Eritreya yari imaze gupfunga Ivyabona vya Yehova 55 ibahora ivyo bemera. Abavukanyi batatu, ari bo Paulos Eyassu, Isaac Mogos na Negede Teklemariam bari mw’ibohero kuva muri Nyakanga 1994, kandi hari n’abandi bavukanyi icenda bari mu gukwiza imyaka cumi bapfunzwe.
Hari ikintu ciza cabaye muri Nzero 2016: Sentare yaraciriye urubanza abavukanyi bari bafashwe bariko baragira Icibutso i Asmara muri Ndamukiza 2014. Bwari bwo bwa mbere abategetsi bagirije icaha Ivyabona imbere ya sentare bakabaha n’akaryo ko kwiregura. Nk’uko vyari vyitezwe, benshi mu bavukanyi bari barengukijwe baragiriwe n’icaha co kugira inama itemewe n’amategeko, barabaca ihadabu hama barabarekura. Ariko rero, mushiki wacu yitwa Saron Gebru yaranse kuriha iryo hadabu, baca bamucira umunyororo w’amezi atandatu. Rimwe mu ndwi, Gebru yari arekuriwe kubonana n’abamugendera kandi yavuze ko yari afashwe neza. We hamwe n’ibindi Vyabona 54 bapfunzwe, barakenguruka amasengesho menshi dutura ku bwabo, uko ‘tuguma twibuka abari mu mvuto nk’aho tubohanywe na bo.’—Heb. 13:3.
UBUDAGI | Umwidegemvyo mu bijanye no gusenga
Kw’igenekerezo rya 21 Kigarama 2015, leta y’i Bremen mu buraruko bushira uburengero bw’Ubudagi, yaratevye iraha Ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu Budagi umwidegemvyo wiyongereye. Ico kintu cararangije urugamba Ivyabona bo mu Budagi bari bamaze imyaka ine barwana mu masentare. Mu gushira mu ngiro ingingo ya Sentare y’i Berlin ica
imanza za leta, nyinshi muri leta 16 zigize Ubudagi zarahaye Ivyabona vya Yehova umwidegemvyo udasanzwe amadini makurumakuru ahabwa. Ariko abategetsi ba leta ya Bremen baranse guha Ivyabona uwo mwidegemvyo bishimikije ibirego vy’ibinyoma vyakwiragijwe n’abaturwanya.Mu 2015, Sentare yo mu Budagi yubahiriza ibwirizwa nshingiro yavuze ko leta ya Bremen yahonyanze uburenganzira Ivyabona bahabwa n’ibwirizwa nshingiro. Iyo ngingo yaremeje ko uburenganzira bw’ukwishira n’ukwizana ibwirizwa nshingiro riha amadini butuma Ivyabona bo muri Bremen bemererwa gukora ibikorwa bijanye no gusenga. Amashengero yaho aremerewe kutariha amakori no kwungukira ku tundi turusho amadini makurumakuru yo mu Budagi aronka.
KIRGISTANI | Uburenganzira bwo kubwira abandi ivyo twemera
Muri Ntwarante 2013, abategetsi b’i Osh muri Kirgistani baragirije ibinyoma Oksana Koriakina na nyina wiwe Nadezhda Sergienko. Umushikirizamanza yabagirije ko bagenda bariba abantu bakoresheje amayeri iyo bariko barigisha Bibiliya, aca arabapfunga ic’amaso mu kurindira ko urubanza rurangira. Muri Gitugutu 2014, sentare yavuze ko ivyo birego bitagira ishingiro be n’uko urwo rubanza rutakurikije amategeko, ica ireza ivyo Vyabona. Muri Gitugutu 2015, Sentare y’iyungururizo yarashigikiye iyo ngingo.
Ariko rero, umushikirizamanza w’i Osh yarongeye kwunguruza, aja muri Sentare ntahinyuzwa ya Kirgistani. Iyo sentare yarafuse ingingo yari yafashwe, ica itegeka ko urubanza rusubira kuburanishwa. Igihe rwariko ruraburanishwa muri Ndamukiza 2016, ababuranira abo bashiki bacu basavye ko urwo rubanza rwohagarara kuko ikiringo co kwunguruza cari caheze. Umucamanza yarabuze ukundi abigira aca aremera kuruhagarika.
Yesaya 41:10, ati: “Ntutinye . . . Nzogufata nkugumye n’ukuryo kwanje kw’ubugororotsi.”
Muri izo ngorane zose, abo bashiki bacu bagumye baremye. Sergienko yavuze ati: “Kenshi abantu baca bagira umujinya iyo abandi babafashe nabi, ariko Yehova yarambaye hafi biciye ku bavukanyi banje. Twari dushigikiwe.” Bariboneye ko Yehova aguma ashitsa ivyo yasezeranye muriKIRGISTANI | Umwidegemvyo mu bijanye no gusenga
Kw’igenekerezo rya 9 Myandagaro 2015, abapolisi cumi barashwaye mu kibanza ishengero ryariko riragiriramwo amakoraniro mu gisagara ca Osh muri Kirgistani. Baciye basaba ko iryo koraniro rihagarara ngo kubera ritemewe n’amategeko bongera baratera ubwoba abantu barenga 40 bari mu makoraniro ngo barabarasa. Baciye batwara abavukanyi cumi ku gipolisi, barakubagura icenda muri bo hama barabarekura. Inyuma y’imisi ibiri, igipolisi carafashe Nurlan Usupbaev, umwe muri ba bavukanyi bari bakubaguwe, kimwagiriza ngo yaragirishije inama itemewe n’amategeko.
Igihe urubanza rwiwe rwashika muri Sentare y’igisagara ca Osh, umucamanza yasanze ibirego yagirizwa bitagira ishingiro, aca arahagarika urwo rubanza. Umushikirizamanza yaciye yungururiza muri Sentare y’akarere ka Osh. Iyo sentare na yo nyene yasanze ivyo birego bidafashe, ica ivuga ko uwo muvukanyi ata caha kimwagira kubera ko Ivyabona bemewe n’amategeko muri Kirgistani.
Uwo mushikirizamanza ntiyashizwe. Yaciye yungururiza muri Sentare ntahinyuzwa ya Kirgistani. Umuvukanyi Nurlan yariruhukije igihe iyo sentare yasambura urwo rubanza muri Ntwarante 2016. Ivyo vyatumye hagumaho ya ngingo nziza yari yafashwe na sentare za mbere, vyongera biremeza ko Ivyabona vya Yehova bafise uburenganzira bwo kugira amakoraniro muri Kirgistani. Urundi rubanza rwo kwitwarira ba
bapolisi bo mu gisagara ca Osh bakubagura abavukanyi ruracari muri sentare.UBURUSIYA | Umwidegemvyo mu bijanye no gusenga
Naho abaharanira agateka ka zina muntu mu Burusiya baguma basemerera, leta y’Uburusiya irabandanya kuburabuza Ivyabona vya Yehova n’ibikorwa vyabo bijanye no gusenga. Dufatiye ku bitigiri vya vuba, abategetsi b’Uburusiya baramaze kwemeza ko ibitabu vyacu 88 birimwo ivyiyumviro vy’intagondwa. Baramaze kandi guhagarika urubuga rwemewe rw’Ivyabona vya Yehova ari rwo jw.org. Mu 2015, abakozi bo ku baranse ko Bibiliya y’isi nshasha yinjira mu gihugu, kandi sentare y’i Vyborg iriko iriga ivy’uko iyo Bibiliya yofatwa ko irimwo ivyiyumviro vy’intagondwa. Muri Ntwarante 2016, rubibeibiro vy’umushikirizamanza kizigenza vyarahevye birimonogoza mu kuvuga ko bigiye kwugara amabiro y’Ivyabona vya Yehova ari i Solnechnoye, inyuma y’igisagara ca Saint-Pétersbourg, bitwaje ngo akorerwamwo ibikorwa vy’intagondwa.
Naho leta yagize isekeza ryo kurwanya Ivyabona vya Yehova, hariho ivyiza bimwebimwe vyabaye. Muri Gitugutu 2015, hari umushikirizamanza yitwaye asaba ko Ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova ry’i Tyumen rifutwa. Naho vyaboneka ko ari irementanya ryakozwe n’igipolisi, Sentare y’akarere ka Tyumen yavuze ko iryo shirahamwe ryagirwa n’icaha. Ariko rero, ku wa 15 Ndamukiza 2016, Sentare ntahinyuzwa y’Uburusiya yarafuse ingingo yari yafashwe na sentare ya mbere, ivuga ko “ata shingiro ryariho ryo gufuta Ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu gisagara ca Tyumen.” Igihe umukuru wa sentare yasoma urubanza, abavukanyi 60 bari aho baciye bahaguruka barakoma amashi menshi.
Abasavyi ba Yehova bo mu Burusiya biyemeje kumusenga naho abansi ari benshi.—URWANDA | Inyigisho idakumira
Muri iyi myaka iheze, abanyeshure b’Ivyabona bo mu Rwanda barirukanywe kubera banse kuja mu bikorwa bibera ku mashure bijanye n’idini canke gukunda igihugu. Kugira ico kibazo kive mu nzira, ku wa 14 Kigarama 2015 leta yarasohoye itegeko rikuraho ikumirwa rishingiye ku madini mu mashure. Iryo tegeko risaba ko amashure yubahiriza uburenganzira abanyeshure bafise bwo gusenga aho bashaka.
Kw’igenekerezo rya 9 Ruheshi 2016, ku rubuga rwacu rwa jw.org harasohotse ikiganiro kivuga ngo “Urwanda rurwanya ikumirwa rishingiye ku madini mu mashure.” Igishimishije, hari ikinyamakuru co kuri internet gisomwa cane mu Rwanda cashize ico kiganiro ku rubuga rwaco. Abantu barenga 3.000 baciye bagisoma ata n’akanya kahaciye, kandi benshi muri bo baranditse bashima ico kintu leta y’Urwanda yakoze. Ivyabona bo mu Rwanda barakenguruka iyo ngingo ituma abana babo badakumirwa ku mashure kubera idini barimwo.
KOREYA Y’EPFO | Kwanka kuja mu gisoda kubera ijwi ryo mu mutima
Ivyabona b’igitsina-gabo bo muri Koreya y’Epfo bafise imyaka iri hagati ya 19 na 35 baramaze imyaka irenga 60 bahanganye n’ikibazo co kuja mu gisoda. Leta ya Koreya y’Epfo ntiyemera ko umuntu yanka kuja mu gisoda kubera ijwi ryiwe ryo mu mutima kandi ntitegekanya ibikorwa bisubirira ivya gisirikare yokora. Mu bihe bimwebimwe, Ivyabona bo mu muryango umwe uhereye ku muhungu, se na sekuru baremeye gupfungwa kubera ata kundi bari bugire.
Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro iramaze kwemeza incuro zibiri ko itegeko rigenga ibikorwa vya gisirikare rihuye n’ibwirizwa nshingiro. Ariko rero, sentare zo hasi n’abantu
bahanywe hishimikijwe iryo tegeko barasubiye gutura ico kibazo iyo Sentare. Ku bw’ivyo, ku wa 9 Mukakaro 2015, iyo Sentare yarumvirije ibirego vy’abanse kuja mu gisoda kubera ijwi ryabo ryo mu mutima. Umuvukanyi Min-hwan Kim yaramaze umwaka n’igice apfunzwe kubera yanse kuja mu gisoda. Asigura ati: “Narapfunzwe hanyuma ndarekurwa. Ariko nizigiye ko abandi benshi banka kuja mu gisoda kubera ijwi ryabo ryo mu mutima batazopfungwa. Hamwe bokwemererwa gukora ibikorwa bitari ivya gisirikare, bogira ico baterereye mu kibano.” Vuba iyo Sentare izoshikiriza aho ihagaze.TIRKIMENISTANI | Umuvukanyi Bahram Hemdemov
Umuvukanyi Hemdemov w’imyaka 53 arubatse kandi afise abahungu bane. Ni umunyamwete kandi arubahwa mu kibano. Muri Rusama 2015, sentare yamwagirije yuko mu nzu yiwe habereye amakoraniro ajanye no gusenga atemewe, ica imucira kumara imyaka ine mu gasho akora ibikorwa vy’inguvu. Apfungiwe mw’ikambi yo mu gisagara ca Seydi izwi nabi kubera amabi ayikorerwamwo. Abategetsi baho baguma bamusambisha bongera bamukubagura, yamara aguma ari intahemuka kuri Yehova cokimwe n’umuryango wiwe. Umukenyezi wiwe Gulzira baramureka akaja kumuraba rimwerimwe kugira amuremeshe.
Turasabira abasavyi ba Yehova babandanya kugaragaza ko ari intahemuka mu bihe bitoroshe. Akarorero kabo gatuma natwe twiyemeza kuguma turi intahemuka ku Mana, twizigiye umuhango yatanze muri Zaburi 37:28 ugira uti: “Ntazoheba intahemuka ziwe.”