“Ingo unkurikire”

Intumbero y’iki gitabu si kutubwira incamake y’ivyabaye mu buzima bwa Yezu n’ubusuku bwiwe, ahubwo kidufasha kubona neza ingene twomukurikira.

Intangamarara

Ese urukundo ukunda Yezu rwokwongerekana maze ukarushiriza kumukurikira umwiyegereje cane kugira ngo utume Yehova ahimbarwa ubu n’ibihe bidahera.

IKIGABANE CA 1

Yezu yashaka kuvuga iki mu kuvuga ngo «nkurikira»?

Kuba umuyoboke w’ukuri wa Yezu si ivyo ku karimi gusa kandi ntibigarukira ku kuvyiyumvamwo gusa.

IKIGABANE CA  2

«Inzira, ukuri n’ubuzima»

Kwiyegereza Data bishoboka gusa biciye ku Mwana. Yezu yarahawe uruhara rudasanzwe mw’iranguka ry’umugambi w’Imana werekeye ivyaremwe vyose.

IKIGABANE CA 3

“Ndicisha bugufi”

Kuva Yezu atanguye ubusuku bwiwe bwo kw’isi gushika burangiye, yarangwa n’ukwicisha bugufi.

IKIGABANE CA 4

«Ya ntambwe yo mu muryango wa Yuda»

Yezu yaragaragaje umutima rugabo nk’uw’intambwe mu buryo butatu: mu kuburanira ukuri, mu gushigikira ubutungane, no mu guhangana n’abamurwanya.

IKIGABANE CA 5

«Itunga ryose ry’ubukerebutsi»

Ivyo Yezu yavuga n’ivyo yakora vyaragaragaza ubukerebutsi bw’agaheta.

IKIGABANE CA 6

«Yarize kugamburuka»

Ko Yezu yagamburukira Se wiwe ata gahaze, ni kubera iki bivugwa ko “yize kugamburuka” be n’uko “yagizwe uwutagira akanenge”?

IKIGABANE CA 7

“Muzirikane mwitonze umwe yihangana”

Yezu yarihanganye bimwe bishitse. None ni igiki camufashije kwihangana? Twokwigana gute akarorero kiwe ko kwihangana?

IKIGABANE CA 8

“Ni co natumwe”

Raba igituma Yezu yamamaje, ico yamamaje be n’ingene yabona igikorwa yashinzwe.

IKIGABANE CA 9

“Nimugende muhindure abantu abigishwa”

Itegeko Yezu yatanze ryo guhindura abantu abigishwa ni co kintu nyamukuru kiranga umuyoboke w’ukuri wa Kristu.

IKIGABANE CA 10

«Vyanditswe ngo»

Gusubiramwo ibiri mw’Ijambo ry’Imana, kuriburanira no kurisigura, ni ibintu nyamukuru bidufasha kwigana uburyo Yezu yamenyesha abandi ukuri.

IKIGABANE CA 11

«Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we»

Raba ubuhinga butatu gusa mu bwo Yezu yakoresheje mu kwigisha n’ingene twomwigana.

IKIGABANE CA 12

«Nta kintu yababwira adakoresheje ikigereranyo»

Imvo nyamukuru zibiri zatuma Yezu akoresha ibigereranyo.

IKIGABANE CA 13

“Ndakunda Data”

Twokwigana gute Yezu mu gukomeza urukundo dukunda Yehova?

IKIGABANE CA 14

«Abantu isinzi bamusangayo»

Abantu isinzi, eka mbere n’abana, ntibitinya kwegera Yezu. Ni igiki catuma Yezu aba uwegereka cane?

IKIGABANE CA 15

«Bimutera ikigongwe»

Kubera iki bihambaye ko twigana akarorero ka Yezu mu kugaragariza abandi imbabazi?

IKIGABANE CA 16

“Yezu yarabakunze gushika kw’iherezo”

Mu gikorwa ciwe yaranguye kw’isi, Yezu yarerekanye ko akunda abigishwa biwe. Twokwigana gute Yezu mu kugaragaza urukundo mu vyo tugirana n’abandi?

IKIGABANE CA 17

“Nta wumurusha urukundo”

Twokwigana gute Yezu mu bijanye no kugaragaza urukundo rwo kwitanga?

IKIGABANE CA 18

«Guma unkurikira»

Nitwabandanya gukurikira Kristu ku musi ku musi, tuzogira ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi be n’icizigiro ciza cane ca kazoza.