Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intangamarara

Intangamarara

Musomyi mukundwa:

“Ingo unkurikire.” (Mariko 10:21) Mu bisanzwe mu kuvuga ayo majambo, Yezu Kristu ariko adutera akamo ngo tumukurikire. Woba uriko uritaba ako kamo? Kukitaba bizogufasha cane mu buzima. Uti kubera iki?

Yehova yararungitse kw’isi Umwana wiwe w’ikinege kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu. (Yohani 3:16) Uretse ko uwo Mwana yadupfiriye, yaradusigiye n’akarorero k’ingene twobaho. Mu vyo yakoze vyose, yagumanye ugutungana kwiwe, bituma anezereza umutima wa Se. Yezu kandi yaratweretse ukuntu twokwigana Se. Ivyo uwo Mwana yavuze n’ivyo yakoze vyaragaragaje ata gahaze inzira za Se wiwe be n’ivyo agomba.​—Yohani 14:9.

Bibiliya ivuga ko Yezu yadusigiye «akarorero kugira [dukurikire] neza intambuko ziwe.» (1 Petero 2:21) Nimba twipfuza kwiyegereza Yehova, tukaba twipfuza kugira ubuzima buri n’intumbero muri iki gihe no kuguma muri ya nzira ijana mu buzima budahera, dutegerezwa gukurikira neza intambuko za Kristu.

Ku bw’ivyo, turakeneye kumenya neza ukuntu Yezu yabayeho ng’aha kw’isi. Birabereye rero ko dusuzuma twitonze ukuntu adondorwa muri Bibiliya. Kuzirikana ku vyo Yezu yavuze n’ivyo yakoze maze tukaraba ukuntu twomwigana mu mvugo no mu ngiro, bizodufasha kubona neza ingene twomukurikira.

Ese iki gatabu cogufasha kwongereza urukundo ukunda Yezu na Yehova. Vyongeye, ese urwo rukundo rwotuma ukurikira neza intambuko za Yezu kugira unezereze umutima wa Yehova ubu n’ibihe bidahera.

Abagisohoye