Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 2

«Inzira, ukuri n’ubuzima»

«Inzira, ukuri n’ubuzima»

«Nkurikira»

1, 2. Kubera iki bitoshobotse ko twiyegereza Yehova ata wubidufashijemwo, kandi Yezu Kristu yadufashije iki muri ivyo?

 VYOBA birashika ukazimira? Ushobora kuba wibuka igihe wari ku rugendo ugiye kuramutsa incuti canke umugenzi, hanyuma ukazimira. Umaze gufata inzira utazi, woba warahagaze maze ukabaza umuntu ngo akurangire inzira? Wumvise umerewe gute nimba hari umuntu w’umutima mwiza yaciye akubwira ati: «Nkurikira ndahakwereke», aho kukubwira gusa ngo ca aha n’aha? None ntiwumvise uruhuriwe?

2 Hari ukuntu Yezu Kristu atugirira ikintu nk’ico. Twebwe ubwacu ntivyoshobotse ko twiyegereza Imana ata wubidufashijemwo. Kubera ko abantu barazwe igicumuro n’agasembwa, ni nk’aho bazimiye kuko «bari kure cane y’ubuzima buva ku Mana.» (Abanyefeso 4:​17, 18) Turakeneye uwutuzimurura. Yezu we Karorero kacu arangwa n’umutima mwiza, ntaduha impanuro gusa canke ngo aturangire inzira vyonyene; arakora n’ibirenze ivyo. Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 1, Yezu aradutumira ati: “Ingo unkurikire.” (Mariko 10:​21) Ariko rero, araduha n’imvo yumvikana yotuma twitaba ubwo butumire. Igihe kimwe Yezu yavuze ati: «Jewe ndi inzira, ukuri n’ubuzima. Nta wuja kwa Data atanciyeko.» (Yohani 14:6) Reka turimbure imvo zimwezimwe zerekana igituma kwiyegereza uwo Data bishoboka gusa biciye ku Mwana. Dufise izo mvo ku muzirikanyi, turaheza rero turimbure ukuntu Yezu vy’ukuri ari we «nzira, ukuri n’ubuzima.»

Uruhara ruhambaye mu mugambi wa Yehova

3. Kubera iki twiyegereza Imana biciye kuri Yezu?

3 Imbere ya vyose, twiyegereza Imana biciye kuri Yezu kubera ko Yehova yabonye ko bibereye gushinga Umwana wiwe uruhara ruhambaye. a Se yamugize we muntu nyamukuru mw’iranguka ry’imigambi yiwe yose. (2 Abakorinto 1:​20; Abakolosayi 1:​18-20) Kugira dutahure uruhara ruhambaye Umwana arangura, turakeneye kurimbura ivyabaye mw’itongo ryo muri Edeni, igihe umugabo n’umugore ba mbere bashigikira Shetani mu kugarariza Yehova.​—⁠Itanguriro 2:​16, 17; 3:​1-6.

4. Ubugarariji bwo muri Edeni bwavyuye ikibazo ikihe, kandi Yehova yahisemwo gukora iki kugira agitorere umuti?

4 Ubugarariji bwo muri Edeni bwaravyuye iki kibazo cerekeye ivyaremwe vyose: Nyene iryo zina, ari we Yehova, yoba vy’ukuri ari mweranda, ameze neza, agororotse kandi akaba arangwa n’urukundo mu vyo akora vyose? Kugira ngo Yehova atorere umuti ico kibazo gihambaye, yahisemwo kurungika kw’isi umwe mu bana biwe b’impwemu batunganye. Uwo mwana yoranguye igikorwa gihambaye cane, igikorwa co gutanga ubuzima bwiwe kugira yeze izina rya Se no kugira acungure abantu. Mu kuguma ari umwizigirwa gushika ku rupfu, uwo mwana yatowe yotumye bishoboka ko ingorane zose zavuye ku bugarariji bwa Shetani zitorerwa umuti. (Abaheburayo 2:​14, 15; 1 Yohani 3:8) Ariko Yehova yari afise abana b’impwemu amamiliyoni n’amamiliyoni batunganye. (Daniyeli 7:​9, 10) None yatoye nde ngo abe ari we arangura ico gikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose? Yatoye «Umwana [wiwe] w’ikinege», uwahavuye yitwa Yezu Kristu.​—Yohani 3:​16.

5, 6. Yehova yerekanye gute ko yizigira Umwana wiwe, kandi ukwo kumwizigira kwari gushingiye ku ki?

5 None vyoba bitangaje kubona ari we Yehova yahisemwo? Habe namba! Se yarizigira cane Umwana wiwe w’ikinege. Hagisigaye ibinjana n’ibindi ngo Umwana wiwe aze kw’isi, Yehova yari yaravuze imbere y’igihe ko uwo Mwana yogumye ari umwizigirwa naho yoshikiwe n’imibabaro y’ubwoko bwose. (Yesaya 53:​3-7, 10-12; Ivyakozwe 8:​32-35) Rimbura ico ivyo vyasobanura. Uwo Mwana, cokimwe n’ibindi biremwa vyose bifise ubwenge, yari afise uburenganzira bwo kwihitiramwo, akaba yari ashoboye kwihitiramwo ivyo azokora. Naho ari ukwo, Yehova yarizigira cane Umwana wiwe ku buryo yavuze imbere y’igihe ko azoba umwizigirwa. None ukwo kumwizigira kwari gushingiye ku ki? Mw’ijambo rimwe, kwari gushingiye ku bumenyi. Yehova arazi Umwana wiwe neza cane kandi arazi ukuntu uwo Mwana yipfuza kumuhimbara. (Yohani 8:​29; 14:​31) Uwo Mwana arakunda Se, Yehova na we agakunda Umwana wiwe. (Yohani 3:​35) Urukundo Se n’uwo Mwana wiwe bakundana rutuma bagiranira ubumwe bw’intamenwa kandi bakizigirana baherejeko.​—Abakolosayi 3:​14.

6 None uravye uruhara ruhambaye uwo Mwana arangura, ukaraba ukuntu Se amwizigira be n’urukundo ruri hagati yabo, wumva bitangaje kubona kwiyegereza Imana bishoboka gusa biciye kuri Yezu? Ariko hariho n’iyindi mpamvu ituma uwo Mwana ari we wenyene ashobora kudushikana kuri Se.

Umwana wenyene ni we azi neza Se

7, 8. Kubera iki Yezu yashoboye kuvuga ata kwihenda yuko ata wuzi neza Se «atari Umwana»?

7 Hariho ibisabwa tubwirizwa gushitsa kugira twiyegereze Yehova. (Zaburi 15:​1-5) None hari uwurusha Umwana kumenya neza ico umuntu yokora kugira ashitse ingingo ngenderwako z’Imana maze yemerwe na yo? Yezu yavuze ati: «Dawe yarampaye ibintu vyose. Nta muntu n’umwe azi neza Umwana atari Dawe, kandi nta muntu n’umwe azi neza Dawe atari Umwana be n’uwo wese Umwana ashatse kumuhishurira.» (Matayo 11:​27) Reka turabe igituma Yezu yashoboye kuvuga ata kwihenda kandi ata kurenza urugero, yuko ata n’umwe azi neza Se «atari Umwana.»

8 Kubera ko uwo Mwana ari «imfura mu vyaremwe vyose», arafitaniye na Yehova ubucuti budasanzwe. (Abakolosayi 1:15) Ibaze ubucuti somambike bwatsimbataye hagati yabo mu myaka idaharurwa bamaranye ari babiri gusa, kuva ico kiremwa ca mbere kiremwe gushika ibindi biremwa vy’impwemu biremwe. (Yohani 1:3; Abakolosayi 1:16, 17) Igihe uwo Mwana yari kumwe na Se, ibaze akaryo kadasanzwe yari afise ko gutahura ivyiyumviro vya Se ku bintu bitandukanye no kwiga ivyo Se agomba, ingingo ngenderwako ziwe n’inzira ziwe. Vy’ukuri, ntikwoba ari ukurenza urugero umuntu avuze ko Yezu azi Se wiwe kuruta uwundi muntu uwo ari we wese. Nta nkeka ko ubwo bucuti somambike bwatumye Yezu ashobora guhishura Se wiwe mu buryo ata wundi muntu n’umwe yobigira.

9, 10. (a) Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yezu yahishuye Se wiwe? (b) Tubwirizwa gukora iki kugira ngo twemerwe na Yehova?

9 Inyigisho Yezu yigishije zirerekana ko yatahura neza ukuntu Yehova yiyumvira, ukuntu yiyumva be n’ivyo yiteze ku bamusenga. b Yezu yarahishuye Se wiwe no mu bundi buryo bukomeye. Yavuze ati: «Uwumbonye aba abonye na Data.» (Yohani 14:9) Mu vyo Yezu yavuga no mu vyo yakora vyose, yariganye Se wiwe bimwe bitagira agahaze. Iyo rero dusomye muri Bibiliya ivyerekeye Yezu, ukuntu yakoresha amajambo y’ububasha kandi y’igikundiro igihe ariko arigisha, ukuntu impuhwe zamuvyurira umutima wo gukiza abandi, n’ukuntu yakorora amosozi kubera ikibabarwe, ni nk’aho duca tubona Yehova ubwiwe ari we ariko aravuga ayo majambo yongera akora ivyo bintu. (Matayo 7:​28, 29; Mariko 1:​40-42; Yohani 11:​32-36) Ivyo Umwana yavuze be n’ivyo yakoze birahishura bimwe bitagira agahaze inzira za Dawe wa twese be n’ivyo agomba. (Yohani 5:​19; 8:​28; 12:​49, 50) Kugira ngo rero twemerwe na Yehova, turakeneye kwumvira inyigisho za Yezu kandi tukigana akarorero kiwe.​—Yohani 14:​23.

10 Kubera ko Yezu azi Yehova neza akanamwigana bimwe bitagira ahagaze, ntibitangaje kubona Yehova yashinze ko Yezu aba we buryo bwo kumwiyegereza. Ko tumaze gutahura neza igituma kwiyegereza Yehova bishoboka gusa biciye kuri Yezu, reka ubu na ho turabe insobanuro y’amajambo ya Yezu agira ati: «Jewe ndi inzira, ukuri n’ubuzima. Nta wuja kwa Data atanciyeko.»

«Jewe ndi inzira»

11. Kubera iki biciye kuri Yezu ari ho gusa dushobora kugiranira ubucuti n’Imana?

11 Turamaze kubona ko tudashobora kwiyegereza Imana tudaciye kuri Yezu. Reka rero turimbure neza na neza ico ivyo bisobanura kuri twebwe. Yezu ni we nzira mu buryo bw’uko dushobora kugiranira ubucuti n’Imana biciye kuri we gusa. Uti kubera iki? Mu kuguma ari umwizigirwa gushika ku rupfu, Yezu yaratanze ubuzima bwiwe ngo butubere incungu. (Matayo 20:28) Iyo tutahabona iyo ncungu, ntivyoshobotse ko twiyegereza Imana. Igicumuro kimeze nk’igihome gitandukanya abantu n’Imana, kuko Yehova ari mweranda akaba rero adashobora kwihanganira igicumuro. (Yesaya 6:3; 59:2) Ariko incungu ya Yezu yarakuyeho ico gihome; yabaye impongano yari ikenewe ipfuka igicumuro. (Abaheburayo 10:12; 1 Yohani 1:7) Twemeye iyo ntunganyo Imana yashizeho biciye kuri Kristu tukongera tukayizera, Yehova arashobora kudutonesha. Nta yindi nzira n’imwe iriho yo kwongera “gusubiza hamwe n’Imana.”​—Abaroma 5:6-11.

12. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yezu ari inzira?

12 Yezu ni «inzira» mu bijanye n’isengesho. Biciye kuri Yezu ni ho gusa dushobora kwitura Yehova mw’isengesho tuzi neza ko ugutakamba kwacu kuvuye ku mutima kuzokwumvirwa. (1 Yohani 5:​13, 14) Yezu ubwiwe yavuze ati: «Ikintu cose muzosaba Data azokibaha mw’izina ryanje. . . . Nimusabe muzoronka, kugira ngo akanyamuneza kanyu kabe akuzuye.» (Yohani 16:​23, 24) Birabereye ko dutura isengesho Yehova mw’izina rya Yezu, tukamwita «Dawe wa twese.» (Matayo 6:9) Yezu ni «inzira» no mu bundi buryo, ni ukuvuga mu karorero yatanze. Nk’uko twamaze kubivuga, Yezu yariganye Se wiwe bimwe bitagira agahaze. Akarorero kiwe rero karatwereka ingene twobaho kugira duhimbare Yehova. Kugira twiyegereze Yehova rero, tubwirizwa kugera ikirenge mu ca Yezu.​—1 Petero 2:​21.

«Jewe ndi . . . ukuri»

13, 14. Ni mu buryo ubuhe Yezu yavuga ukuri? (b) Kugira Yezu abe «ukuri», yabwirijwe gukora iki, kandi kubera iki?

13 Yezu yamye nantaryo avuga ukuri kwerekeye ijambo ry’ubuhanuzi rya Se. (Yohani 8:​40, 45, 46) Nta buhendanyi bwigeze buboneka mu kanwa kiwe. (1 Petero 2:​22) Mbere n’abamurwanya bariyemereye ko yigisha «inzira y’Imana mu kuri.» (Mariko 12:​13, 14) Ariko rero, igihe Yezu yavuga ngo «jewe ndi . . . ukuri», ntiyariko avuga gusa ko yamenyesheje ukuri mu vyo yavuga, mu vyo yamamaza no mu vyo yigisha. Ntivyagarukira gusa ku vyo yavuga.

14 Niwibuke ko hagisigaye ibinjana n’ibindi ngo Mesiya ari we Kristu aboneke, Yehova yari yarahumekeye abanditsi ba Bibiliya kwandika ubuhanuzi bwinshi bumwerekeye. Ubwo buhanuzi bwari bwaravuze ido n’ido ivy’ubuzima bwiwe, ubusuku bwiwe, n’urupfu rwiwe. Bisubiye, amategeko ya Musa yarimwo ibitutu, ni ukuvuga amajambo yavuzwe imbere y’igihe yerekeza kuri Mesiya. (Abaheburayo 10:1) Ubwo Yezu yobaye umwizigirwa gushika ku rupfu, gutyo akarangura ibintu vyose vyari vyaravuzwe ku bimwerekeye? Aho gusa ni ho Yehova yogaragaye ko ari Imana imenyesha ibintu imbere y’igihe kandi bikaranguka. Yezu ni we yari yikoreye iryo banga riremereye. Biciye ku kuntu Yezu yabayeho, ni ukuvuga ijambo ryose yavuze n’ikintu cose yakoze, yaratumye ibintu vyose vyari vyaravuzwe biranguka, biragaragara ko ari ukuri. (2 Abakorinto 1:​20) Yezu rero yari «ukuri.» Ni nk’aho ukuri kw’amajambo Yehova yavuze imbere y’igihe kwagaragariye muri Yezu.​—Yohani 1:17; Abakolosayi 2:16, 17.

«Jewe ndi . . . ubuzima»

15. Kwizera Umwana bisobanura iki, kandi kubigira bishikana ku ki?

15 Yezu ni «ubuzima» kubera ko biciye kuri we gusa ari ho dushobora kuronka ubuzima, ni ukuvuga «ubuzima nyakuri.» (1 Timoteyo 6:​19) Bibiliya ivuga iti: «Uwizera Umwana arafise ubuzima budahera. Uwugambararira Umwana ntazobona ubuzima, ahubwo uburake bw’Imana buguma kuri we.» (Yohani 3:​36) Kwizera Umwana w’Imana bisobanura iki? Bisobanura kwemera tudakeka ko tudashobora kuronka ubuzima bidaciye kuri we. Bisobanura kandi ko tugaragaza ukwizera biciye ku bikorwa, tukabandanya kwiga ivyerekeye Yezu, kandi tugakora uko dushoboye kwose kugira dukurikize inyigisho ziwe n’akarorero yatanze. (Yakobo 2:​26) Ku bw’ivyo, kwizera Umwana w’Imana bishikana ku buzima budahera, ni ukuvuga ubuzima bw’impwemu budapfa abakirisu barobanujwe impwemu bagize «ubusho buto» bazoronka mw’ijuru, be n’ubuzima butagira agasembwa abagize «isinzi rinini» ari bo «zindi ntama» bazoronka kw’isi y’iparadizo.​—Luka 12:32; 23:43; Ivyahishuwe 7:9-17; Yohani 10:16.

16, 17. (a) Yezu azoba gute «ubuzima» no ku bapfuye? (b) Ni igiki twokwemera tudakeka?

16 Tuvuge iki ku bamaze gupfa? No kuri bo nyene, Yezu ni «ubuzima.» Imbere gatoyi y’uko Yezu azura umugenzi wiwe Lazaro, yabwiye Marita mushiki wa Lazaro ati: «Ndi izuka n’ubuzima. Uwunyizera naho yopfa azosubira kuba muzima.» (Yohani 11:​25) Yehova yarajeje Umwana wiwe «impfunguruzo z’urupfu n’iz’ukuzimu», aba amuhaye ubushobozi bwo kuzura abapfuye. (Ivyahishuwe 1:​17, 18) Yezu uwaninahajwe, akoresheje izo mpfunguruzo, azokwugurura imiryango y’imva, maze abohore abantu bose bariyo.​—Yohani 5:28, 29.

17 Mu kwivugira gusa ngo «jewe ndi inzira, ukuri n’ubuzima», Yezu yarerekanye muri make intumbero y’ubuzima bwiwe n’ubusuku bwiwe ng’aha kw’isi. Ayo majambo arafise insobanuro ikomeye kuri twebwe muri kino gihe. Niwibuke ko Yezu ahejeje kuvuga ivyo, yaciye yongerako ati: «Nta wuja kwa Data atanciyeko.» (Yohani 14:6) Amajambo ya Yezu arahambaye muri kino gihe nk’uko yari ahambaye igihe yayavuga. Turashobora rero kwemera tudakeka na gato ko nitwakurikira Yezu tutazokwigera tuzimira. Nta wundi atari we azotwereka inzira idushikana «kwa Data.»

Uzokora iki?

18. Kuba abayoboke ba Yezu b’ukuri bisaba iki?

18 Turavye uruhara ruhambaye Yezu arangura be n’ukuntu azi neza Se, turafise imvo yumvikana yo kumukurikira. Nk’uko twabibonye mu kigabane c’imbere y’iki, kuba abayoboke ba Yezu b’ukuri bigaragarira mu bikorwa, si mu majambo no mu nyiyumvo gusa. Gukurikira Kristu bisaba kubaho twisunga inyigisho ziwe n’akarorero kiwe. (Yohani 13:​15) Iki gitabu uriko urasoma kirashobora kubigufashamwo.

19, 20. Ni ibiki biri muri iki gitabu bishobora kugufasha gukurikira Kristu?

19 Mu bigabane bikurikira, tuzokwihweza twitonze ibijanye n’ubuzima bwa Yezu be n’ubusuku yaranguye. Ivyo bigabane bigabuwe mu bihimba bitatu. Ubwa mbere, tuzobona mu ncamake kamere ziwe n’ingene yakora ibintu. Ubwa kabiri, tuzorimbura akarorero yatanze mu kwamamaza no mu kwigisha n’umwete. Ubwa gatatu, tuzokwihweza ukuntu yagaragaje urukundo. Kuva ku kigabane ca 3, hariho uruzitiro ruvuga ngo «Wokurikira gute Yezu?» Ivyanditswe n’ibibazo dusanga muri rwo bigenewe kudufasha kuzirikana ku kuntu dushobora kwigana Yezu mu mvugo no mu ngiro.

20 Ubikesheje Yehova Imana, si ngombwa ngo uzimire, ngo uje kure yiwe kubera igicumuro twarazwe. Yehova yaremeye guheba ikintu c’agaciro kanini ararungika kw’isi Umwana wiwe abigiranye urukundo kugira atwereke inzira idushikana ku kugiranira ubucuti n’Imana. (1 Yohani 4:​9, 10) Ese wovyurirwa umutima, emwe, ukumva ugoberewe kwitabira urwo rukundo rukomeye mu kwemera ubutumire bwa Yezu bugira buti: «Nkurikira» kandi ugaca ugira ico ukoze.​—Yohani 1:43.

a Ukuntu uruhara uwo Mwana arangura ruhambaye cane birabonekera mu mazina y’icubahiro atari make Bibiliya imuha.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo  «Amazina y’icubahiro amwamwe Yezu Kristu ahabwa.»

b Nk’akarorero, raba amajambo ya Yezu ari muri Matayo 10:29-31; 18:12-14, 21-35; 22:36-40.