Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 4

«Ya ntambwe yo mu muryango wa Yuda»

«Ya ntambwe yo mu muryango wa Yuda»

«Ni jewe»

1-3. Ni ibiki bishikira Yezu, kandi avyifatamwo gute?

 HARI akagwi k’abantu kariko karahiga Yezu. Nya bantu bitwaje inkota n’amahiri kandi muri bo harimwo n’abasoda, kikaba ari igitero kinini. Bahuje umugambi umwe wo gukora ibara. Baraca mu mabarabara yijimye y’i Yeruzalemu bakajabuka umwonga Kidironi maze bagashika ku musozi w’Imyelayo. Naho ukwezi kuriko kuraka, bitwaje ibimuri n’amatara. Boba bamurika aho bariko baraca kubera ibicu bituma umuco w’ukwezi utabashikira? Canke boba biteze ko uwo bariko barahiga aza kuba yinyegeje ahatabona? Nta wobimenya, ariko ikizwi coco ni uko uwokwitega ko Yezu atekerwa n’ubwoba yoba atamuzi namba.

2 Yezu arazi ibigira bimushikire. Yamara, arahagarara akarindira. Ako kagwi karegereza, kayobowe na Yuda, uwahoze ari umugenzi wiwe w’umwizigirwa. Yuda aragura Yezu ata n’isoni, akaramutsa n’uburyarya uwo yahoze ari shebuja akongera akamusoma kugira bamenye uwo ari we. Ariko rero, Yezu aguma atekanye. Aca yegera imbere y’ako kagwi, akababaza ati: «Murondera nde?» Na bo bati: «Yezu Umunyanazareti.»

3 Abantu benshi botekerwa n’ubwoba imbere y’akagwi nk’ako kitwaje ibirwanisho. Kumbure abo bantu bari biteze ko ari ko bigenda kuri uwo mugabo ari imbere yabo. Yamara Yezu ntasha coba, ntahunga canke ngo adendekeranye ibinyoma. Ahubwo riho, avuga gusa ati: «Ni jewe», akabivuga atekanye cane n’uburindutsi bwinshi ku buryo abo bagabo batangara. Baca basubiza imigongo inyuma bakagwa!​—Yohani 18:1-6; Matayo 26:45-50; Mariko 14:41-46.

4-6. (a) Umwana w’Imana agereranywa n’iki, kandi kubera iki? (b) Ni mu buryo butatu ubuhe Yezu yagaragaje umutima rugabo?

4 Yezu yashoboye gute guhangana n’ico gitero simusiga atekanye, ata kujugumira? Muri make, ni umutima rugabo. Iyo ni imwe muri kamere zishimwa cane kandi zikenewe cane ku ndongozi, akaba ata muntu n’umwe arigera yegereza Yezu muri uwo muce, ikitovugwa coco ni ukumusumvya. Mu kigabane c’imbere y’iki, twarabonye ukuntu Yezu yari umuntu yicisha bugufi kandi atekereza. Birabereye kubona yitwa «Umwagazi w’intama.» (Yohani 1:29) Ariko rero umutima rugabo wa Yezu uratuma adondorwa mu bundi buryo butandukanye cane n’ubwo. Bibiliya ivuga ku bijanye n’Umwana w’Imana iti: «Ya Ntambwe yo mu muryango wa Yuda.»​—Ivyahishuwe 5:5.

5 Bisanzwe bizwi ko intambwe irangwa n’umutima rugabo. Woba urigera uhuza amaso n’intambwe ikuze? Nimba bimaze gushika, birashoboka cane ko wari ukingiwe n’ikintu kigutandukanya na yo, nk’uruzitiro rw’aho itungiwe. Naho ari ukwo, ivyo birashobora kuba ibiteye ubwoba cane. Igihe uhanze amaso ico gikoko kinini kandi gikomeye na co kikaguhanga ayandi, ntiworuha wiyumvira ko intambwe yoterwa ubwoba n’ikintu ico ari co cose ngo ihunge. Bibiliya iravuga ko “intambwe ari co gikoko gikomeye kuruta ibindi vyose kandi ko ata muntu n’umwe agikanga.” (Imigani 30:30) Umutima rugabo nk’uwo ni wo Kristu afise.

6 Reka turimbure uburyo butatu Yezu yagaragajemwo umutima rugabo nk’uw’intambwe: mu kuburanira ukuri, mu gushigikira ubutungane, no mu guhangana n’abamurwanya. Turaza kubona kandi ko twese dushobora kwigana Yezu mu kugaragaza umutima rugabo, twaba dusanganywe uburindutsi canke ata bwo dusanganywe.

Yaraburaniye ukuri abigiranye umutima rugabo

7-9. (a) Ni ibiki vyashitse igihe Yezu yari afise imyaka 12, kandi ni igiki ubona ko giteye ubwoba muri vyo? (b) Yezu yagaragaje gute umutima rugabo imbere y’abigisha igihe yari mu rusengero?

7 Muri iyi si itegekwa na Shetani umwe «se w’ikinyoma», akenshi bisaba umutima rugabo kugira ngo umuntu aburanire ukuri. (Yohani 8:44; 14:30) Kugira Yezu aburanire ukuri, ntiyarindiriye gushika abaye umuntu akuze. Igihe yari afise imyaka 12, yarazimiranye n’abavyeyi biwe inyuma y’umusi mukuru wa Pasika i Yeruzalemu. Mariya na Yozefu baramaze imisi itatu bamurondera bataye umutwe. Bahavuye bamusanga mu rusengero. None yariko akora iki? Yari «yicaye hagati y’abigisha, ariko arabumviriza yongera ababaza ibibazo.» (Luka 2:41-50) Rimbura ingene ivy’ico kiyago vyari vyifashe.

8 Abatohozakahise bavuga yuko bamwebamwe mu ndongozi nkuru z’idini bari bamenyereye gusigara ku rusengero inyuma y’imisi mikuru, bagasigara barigishiriza muri rimwe mu mabaraza yaho yagutse. Abantu barashobora kwicara imbere y’ibirenge vyabo kugira babumvirize bongere babaze ibibazo. Abo bigisha baba ari abantu bize bakaminuza. Bari incabwenge mu bijanye n’amategeko ya Musa no mu rusobangane rw’amategeko n’imigenzo vy’abantu vyagenda birongerekana uko imyaka yarengana. Mbega wari kwumva umerewe gute wicaye muri abo bantu? Woba wari kwumva ubwoba? Ivyo ntivyobaye bitangaje. Bite ho hamwe woba wari ufise imyaka 12 gusa? Abakiri bato benshi usanga bafise amasoni. (Yeremiya 1:6) Hari abagerageza uko bashoboye kwose ngo ntibakwegere amaso y’abigisha babo kw’ishure kubera ugutinya ko bobabaza ibibazo, ko bocagurwa ngo bakore ikintu kanaka be n’uko bohava babamaramaza canke bakabatwenga.

9 Yamara Yezu wewe yari yicaye muri abo bantu bize cane, ababaza ibibazo vy’inkoramutima adatinya. Ariko rero ntikwari ukubaza gusa. Iyo nkuru itubwira iti: «Abamwumviriza bose barumizwa n’ugutegera kwiwe hamwe n’inyishu atanga.» (Luka 2:47) Bibiliya ntitubwira ivyo yavuze ico gihe, ariko turashobora kwemera tudakeka ko atapfuye gusubiramwo gusa inyigisho z’ibinyoma abo bigisha b’idini bakunda cane. (1 Petero 2:22) Ahubwo yaraburaniye ukuri kw’Ijambo ry’Imana kandi nta gukeka ko abamwumviriza bajorejwe n’ukuntu uwo mwana w’imyaka 12 yashobora kuvugana ugutahura be n’umutima rugabo.

Abakirisu bakiri bato benshi barabwira abandi n’umutima rugabo ivyo bemera

10. Abakiri bato muri iki gihe bigana gute umutima rugabo wa Yezu?

10 Muri iki gihe, abakirisu benshi bakiri bato bariko barakurikira intambuko za Yezu. Ni ivy’ukuri ko badatunganye nk’uko Yezu yari. Ariko rero nka kumwe yabigenza, ntibarindira ngo babanze gukura kugira abe ari ho baburanira ukuri. Kw’ishure canke aho babaye, barabaza abantu ibibazo n’ubugenge, bakabumviriza, maze bakababwira ukuri babigiranye icubahiro. (1 Petero 3:15) Abo bakiri bato barafashije abo bigana, abigisha babo, n’ababanyi babo kuba abayoboke ba Kristu. Ese ukuntu umutima rugabo wabo utegerezwa kuba uhimbara Yehova! Ijambo ryiwe ribagereranya n’ikime kubera yuko baruhurira abandi, bakaba bateye igomwe kandi bakaba ari benshi.​—Zaburi 110:3.

11, 12. Yezu amaze gukura, yagaragaje gute umutima rugabo mu kuburanira ukuri?

11 Yezu amaze gukura, yaraburaniye ukuri kenshi n’umutima rugabo. Washaka, mu ntango y’ubusuku bwiwe yarahanganye na Shetani, kikaba ari ikintu benshi bobona ko giteye ubwoba. Ico gihe Yezu ntiyari wa mumarayika mukuru afise ububasha, ahubwo yari umuntu w’inyama n’amaraso, akaba yabwirijwe guhangana n’uwo mwansi akomeye kandi ateye akaga kuruta abandi bansi bose ba Yehova. Yezu yaramiriye kure Shetani yongera arabeshuza ivyo yavuze agoreka Ivyanditswe vyahumetswe. Yezu yahagaritse ico kiyago mu gutegeka Shetani ata gufyina ati: «Mvako Shetani!»​—Matayo 4:2-11.

12 Gutyo rero, Yezu yarerekanye ingene ubusuku bwiwe bwogenze: yoburaniye Ijambo rya Se abigiranye umutima rugabo kugira ngo ntirigorekwe canke ngo rikoreshwe nabi. Nk’uko biri no muri kino gihe, iyo ngeso mbi yari yeze mu madini ico gihe. Yezu yabwiye indongozi z’idini zo mu gihe ciwe ati: «Mwatituye ijambo ry’Imana kubera imigenzo yanyu mwagiye murahererekana.» (Mariko 7:13) Abo bagabo barubahwa cane n’abantu muri rusangi, mugabo Yezu yaravuze icese ata bwoba ko ari indongozi zihumye n’abiyorobetsi. a (Matayo 23:13, 16) Dushobora gute kwigana ako karorero ka Yezu ko kugaragaza umutima rugabo?

13. Ni igiki tudakwiye kwiyobagiza igihe twigana Yezu, mugabo ni agateka akahe dufise?

13 Ego ni ko, ntitwiyobagiza ko tudafise ububasha bwo gusoma ibiri mu mutima nka Yezu canke uburenganzira yari afise bwo guca imanza. Ariko rero, turashobora kumwigana mu kuburanira ukuri tubigiranye uburindutsi. Nk’akarorero, iyo dushize ahabona ibinyoma vyigishwa n’amadini, nk’ibikunze kwigishwa ku bijanye n’Imana, imigambi yayo be n’Ijambo ryayo, tuba tumurikiye iyi si yugarijwe n’umwiza kubera ivyiyumviro vya Shetani. (Matayo 5:14; Ivyahishuwe 12:9, 10) Turafasha abantu kwiganzura inyigisho z’ibinyoma zituma batekerwa n’ubwoba zikongera zikonona ubucuti bafitaniye n’Imana. Mbega agateka dufise ko kwibonera iranguka ry’umuhango Yezu yatanze ugira uti: «Ukuri kuzobagira abidegemvya»!​—Yohani 8:32.

Yarashigikiye ubutungane abigiranye umutima rugabo

14, 15. (a) Ni mu buryo bumwe ubuhe Yezu yatomoye «ubutungane ico ari co»? (b) Igihe Yezu yavugana n’umugore w’Umusamariyakazi, ni umwikeko uwuhe yirengagije?

14 Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwari bwaravuze ko Mesiya yotomoreye amahanga «ubutungane ico ari co.» (Matayo 12:18; Yesaya 42:1) Nta gukeka ko Yezu yatanguye kugira ico kintu igihe yari kw’isi. Abigiranye umutima rugabo ukomeye, yamye nantaryo agaragaza ubutungane n’ukutagira nkunzi mu kuntu yafata abantu. Nk’akarorero, yaranse kwisunga ivyiyumviro vy’umwikeko n’amacakubiri bidashingiye ku Vyanditswe vyari vyeze cane mu kibano yabamwo.

15 Igihe Yezu yavugana n’umugore umwe w’Umusamariyakazi kw’iriba ry’i Sikara, abigishwa biwe baratangaye. Uti kubera iki? Muri ico gihe, Abayuda muri rusangi ntiberekwa Abasamariya, ivyo bikaba vyari bimaze imyaka myinshi. (Ezira 4:4) Vyongeye, abarabi bamwebamwe barasuzugura abakenyezi. Amategeko y’abarabi, ayahavuye ashirwa mu nyandiko, yarabuza umugabo kuganira n’umugore; mbere yavuga ko bitabereye yuko abagore bigishwa amategeko y’Imana. Abagore b’Abasamariyakazi bobo babonwa ko bahumanye. Yezu yarirengagije uwo mwikeko utagira ishingiro arigisha uwo mugore w’Umusamariyakazi ku mugaragaro (uno akaba yari abayeho mu buhumbu), mbere aramuhishurira ko ari we Mesiya.​—Yohani 4:5-27.

16. Ni kubera iki abakirisu bakeneye umutima rugabo kugira ntibamere nk’abandi mu bijanye n’umwikeko?

16 Vyoba birashika ukaba uri kumwe n’abantu biziziwe n’umwikeko? Boshobora kuba basuzugura abo badasangiye ubwoko canke igihugu, bakavuga nabi abo badasangiye igitsina canke bagakengera abo batanganya uburyo bwo kubaho canke ikibanza mu kibano. Abayoboke ba Kristu ntibashigikira ivyiyumviro mwene ivyo vy’urwanko kandi baragira uko bashoboye kwose ngo barandurane n’imizi umwikeko uwo ari wo wose woba uri mu mitima yabo. (Ivyakozwe 10:34) Twese turakeneye gutsimbataza umutima rugabo udufasha gushigikira ubutungane muri uwo muce.

17. Yezu yakoze iki mu rusengero, kandi kubera iki?

17 Umutima rugabo kandi waratumye Yezu aharanira ukudahumana kw’abasavyi b’Imana be n’ugusenga gutyoroye. Mu ntango y’ubusuku bwiwe, yarinjiye mu rusengero i Yeruzalemu maze arababara cane abonye abadandaza n’abavunja amahera bariko bakorera ng’aho urudandaza rwabo. Yezu yaragize ishavu ribereye, aca ahindira hanze abo bagabo b’abanyamwina n’ibidandazwa vyabo. (Yohani 2:13-17) Yarasubiye kugira ikintu nk’ico amaja mu mpera y’ubusuku bwiwe. (Mariko 11:15-18) Nta gukeka ko ivyo vyatumye agira abansi bakomeye ariko ntiyatinye kubigira. Uti kubera iki? Kuva akiri umwana, urwo rusengero yarwita inzu ya Se, kandi yarabigaragaje. (Luka 2:49) Guhumanya ugusenga gutyoroye kwabera ng’aho kari akarenganyo atari gupfa yihanganiye. Umwete yari afise waratumye agira umutima rugabo wo gukora ikibereye.

18. Muri kino gihe, abakirisu boshobora gute kugaragaza umutima rugabo mu bijanye n’ukutandura kw’ishengero?

18 Abayoboke ba Kristu muri iki gihe na bo nyene baritwararika cane ukudahumana kw’abasavyi b’Imana be n’ugusenga gutyoroye. Iyo bamenye ko umukirisu mugenzi wabo yakoze igicumuro gikomeye, ntibabirenzako uruho rw’amazi. Baraganira na we babigiranye umutima rugabo. (1 Abakorinto 1:11) Bariyemeza neza ko abakurambere b’ishengero babimenyeshejwe. Abakurambere barashobora gufasha abarwaye mu vy’impwemu kandi barashobora kugira ico bakoze kugira ngo intama za Yehova zigume zityoroye.​—Yakobo 5:14, 15.

19, 20. (a) Ni akarenganyo akahe kari kiraye mu gihe ca Yezu, kandi ni umukazo uwuhe Yezu yahanganye na wo? (b) Ni kubera iki abayoboke ba Kristu batisuka mu vya politike no mu vy’ubukazi, kandi imwe mu mpera bironkera kubera iyo mpagararo yabo ni iyihe?

19 Ariko none twoba dukwiye guca dushika ku ciyumviro c’uko Yezu yarwanije akarenganyo kose kaba mu kibano? Nta gukeka yuko aho yaba hariho ubwoko bwinshi bw’akarenganyo. Igihugu ciwe c’amavukiro caganzwa n’irindi hanga. Abaroma baracinyiza Abayuda bakoresheje inteko z’abasoda zari muri ico gihugu, bakabasaba amakori y’umurengera mbere bakisuka mu bibazo biraba idini ryabo. Ntibitangaje kubona wasanga abantu benshi bashaka ko Yezu aja mu vya politike vyo muri ico gihe. (Yohani 6:14, 15) N’ico gihe nyene, vyamusaba kugira umutima rugabo.

20 Yezu yarasiguye ko Ubwami bwiwe atari ubwo mw’isi. Biciye ku karorero yatanze, yarigishije abayoboke biwe kutisuka mu ndyane za politike zo muri ico gihe, ahubwo bakibanda ku gikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. (Yohani 17:16; 18:36) Yarabahaye icigwa gikomeye kijanye no kutagira aho bahengamiye igihe ka kagwi kaza kumufata. Petero yaciye asimba, abangura inkota yiwe akomeretsa umugabo umwe. Biroroshe ko umuntu yotahura Petero. Nimba hari igihe gukoresha inguvu vyari gusa n’ivyumvikana, emwe, ni muri iryo joro aho Umwana w’Imana ata co azira yagabweko igitero. Ariko rero, Yezu yaciye ashinga ingingo ngenderwako yoyoboye abayoboke biwe gushika n’uno musi, ati: «Subiza inkota yawe mu rwubati, kuko abarwanisha inkota bose bazokwicwa n’inkota.» (Matayo 26:51-54) Ico gihe vyasaba umutima rugabo kugira ngo abayoboke ba Kristu bagumane iyo mpagararo yo gukurikirana amahoro, kandi n’ubu ni ko bimeze. Kubera ko abasavyi b’Imana muri kino gihe ata ho bahengamiye, birazwi ko ata ruhara bagira mu ntambara nyinshi cane ziba muri kino gihe, mu mahonyabwoko, mu migumuko no mu bindi bikorwa nk’ivyo vy’ubukazi. Izina ryiza nk’iryo ni imwe mu mpera bironkera kubera umutima rugabo bafise.

Yarahanganye n’abamurwanya abigiranye umutima rugabo

21, 22. (a) Ni imfashanyo iyihe Yezu yaronse imbere yuko ahangana n’ikigeragezo gikomeye kuruta ibindi vyose vyamushikiye? (b) Yezu yagaragaje gute umutima rugabo gushika kw’iherezo?

21 Umwana wa Yehova yari azi neza imbere y’igihe ko yorwanijwe bimwe bikomeye ng’aha kw’isi. (Yesaya 50:4-7) Imbere yuko ashikirwa na bimwe vyadondorwa mu ntango y’iki kigabane, yarahatswe kwicwa akatari gake. Ni igiki catumye Yezu agumana umutima rugabo muri ivyo bintu vyose? None Yezu yariko akora iki imbere yuko ka kagwi kaza kumufata? Yariko asenga Yehova n’ubwira bwinshi. Yehova yaciye akora iki? Bibiliya itubwira ko Yezu “yumviwe.” (Abaheburayo 5:7) Yehova yaciye arungika umumarayika avuye mw’ijuru kugira akomeze uwo Mwana wiwe w’intwari.​—Luka 22:42, 43.

22 Uwo mumarayika ahejeje kumukomeza, Yezu yabwiye intumwa ziwe ati: «Haguruke tugende.» (Matayo 26:46) Iyumvire ubutinyutsi yagaragaje mu kuvuga ayo majambo. Yavuze ngo «tugende», abivuga azi ko yosavye ako kagwi ngo kareke abagenzi biwe bigire, ko abo bagenzi biwe bomutaye bagahunga, be n’uko yohanganye ari wenyene n’ikigeragezo gikomeye kuruta ibindi vyose vyamushikiye mu buzima. Yari wenyene igihe yacirwa urubanza ruteye kubiri n’amategeko kandi rw’akarenganyo, agatyekezwa, agasinzikarizwa ubuzima maze agapfa urupfu rubabaza. Muri ivyo vyose, yagumanye umutima rugabo.

23. Ni kubera iki ukuntu Yezu yahanganye n’ibintu biteye akaga kandi vyashobora kumuhitana, biterekana ko yari icihebe?

23 Yezu yoba yari icihebe? Habe namba! Ukwiheba nta ho bihuriye n’umutima rugabo nyakuri. Kukaba nkako, Yezu yigishije abayoboke biwe kwiyubara, bakazibukira akaga babigiranye ubwenge kugira babandanye gukora ivyo Imana igomba. (Matayo 4:12; 10:16) Ariko rero ico gihe, Yezu yari azi ko atashobora kubizibukira. Yari azi ico Imana igomba ico ari co. Yezu yari yiyemeje kugumana ugutungana kwiwe, akaba rero yabwirizwa guhangana n’ico kigeragezo.

Ivyabona vya Yehova barerekanye umutima rugabo mu ruhamo

24. Ni kubera iki twokwizigira tudakeka ko dushobora kugira umutima rugabo mu kigeragezo ico ari co cose codushikira?

24 Emwe, akenshi abayoboke ba Yezu barageze ikirenge mu ca Shebuja wabo babigiranye umutima rugabo! Abenshi bagumye bashikamye igihe batyekezwa, igihe bahamwa, igihe bafatwa bagapfungwa, igihe basinzikarizwa ubuzima, mbere n’igihe baba bagomba kwicwa. None abo bantu b’abanyagasembwa uwo mutima rugabo bawukuye hehe? Si ikintu gipfa kwizana. Yezu yafashijwe n’Imana, n’abayoboke biwe nyene ni ukwo. (Abafilipi 4:13) Ntiwigere utinya rero ngo «ejo bizogenda gute?» Niwiyemeze kugumana ugutungana kwawe, Yehova na we azokuronsa umutima rugabo ukeneye. Nugume ukomezwa n’akarorero k’Indongozi yacu Yezu, uwavuze ati: «Nimugire umutima rugabo! Jewe naratsinze isi.»​—Yohani 16:33.

a Abatohozakahise basanze imva z’abarabi zarubahwa cane nka kumwe kw’imva z’abahanuzi n’abasekuruza b’imiryango.