Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 5

«Itunga ryose ry’ubukerebutsi»

«Itunga ryose ry’ubukerebutsi»

1-3. Ibintu vyari vyifashe gute igihe Yezu yashikiriza insiguro mu mpeshi yo mu mwaka wa 31 inyuma ya Kristu, kandi ni kubera iki abamwumvirije bajorewe?

 TURI mu mpeshi mu mwaka wa 31 inyuma ya Kristu. Yezu Kristu ari hafi y’i Kaperinawumu, igisagara kirimwo uruja n’uruza rwinshi co ku nkengera yo mu buraruko bushira uburengero bw’ikiyaga c’i Galilaya. Yezu yamaze ijoro ryose ku musozi wo hafi yaho ari wenyene ariko arasenga. Buriko buraca, arahamagara abigishwa biwe, agacaguramwo 12 akabita intumwa. Muri ico gihe nyene, amasinzi y’abantu, bamwebamwe bakaba bavuye kure cane, baraza aho Yezu ari bagakoranira ahantu hashashe kuri uwo musozi. Barashashaye kwumva inyigisho ziwe no gukizwa indwara, kandi Yezu arabibagirira.​—Luka 6:12-19.

2 Yezu aregera nya masinzi agakiza abarwaye bose. Amaherezo, igihe ata n’umwe muri bo aniha n’umutwe, aricara agatangura kubigisha. a Amajambo avuga kuri uwo musi ategerezwa kuba atangaza abariko baramwumviriza. Nakare, ntibari bwigere bumva umuntu yigisha nka we. Kugira ngo ahe uburemere inyigisho ziwe, ntasubiramwo inkuru zihererekanwa ku munwa canke amajambo y’abarabi bazwi cane b’Abayuda. Ahubwo nyabuna, arasubiramwo kenshi Ivyanditswe vyahumetswe vy’igiheburayo. Ubutumwa bwiwe burarashe, amajambo akoresha arasanzwe, insobanuro yayo na yo iratomoye. Arangije, nya masinzi arajorerwa, kandi ivyo ntibitangaje. Bahejeje kwumviriza umuntu w’inkerebutsi kuruta abandi bose babayeho!​—Matayo 7:28, 29.

«Amasinzi [yaratangara] cane kubera uburyo yigisha»

3 Iyo nsiguro be n’ibindi bintu vyinshi Yezu yavuze be n’ivyo yakoze, vyaranditswe mw’Ijambo ry’Imana. Turakwiye gusuzuma twitonze ico izo nkuru zahumetswe zivuga kuri Yezu, kuko muri we ari ho hari «itunga ryose ry’ubukerebutsi.» (Abakolosayi 2:3) None yakuye hehe ubwo bukerebutsi, ari bwo bushobozi bwo gukoresha neza ubumenyi n’ugutahura? Yagaragaje gute ubukerebutsi, kandi twokwigana akarorero kiwe gute?

«Uyu muntu yakuye hehe ubu bwenge?»

4. Ni ikibazo ikihe abumvirije Yezu ariko arigisha i Nazareti babajije, kandi kubera iki?

4 Muri rumwe mu ngendo Yezu yagize zo kwamamaza, yaragiye mu gisagara yakuriyemwo ca Nazareti, maze atangura kwigisha mw’isinagogi yaho. Benshi mu bamwumvirije baratangaye, bibaza bati: «Uyu muntu yakuye hehe ubu bwenge?» Bari bazi umuryango wiwe, ni ukuvuga abavyeyi biwe n’abo bavukana, kandi bari bazi ko akomoka mu muryango uciye bugufi. (Matayo 13:54-56; Mariko 6:1-3) Nta gukeka kandi ko bari bazi yuko uwo mubaji w’umuhanga mu kwigisha atari yarize mu mashure rurangiranwa y’abarabi. (Yohani 7:15) Ico kibazo rero carumvikana.

5. Yezu yahishuye ko ubukerebutsi yari afise bwava hehe?

5 Ubukerebutsi Yezu yagaragaje ntibwava gusa ku kuba yari afise ubwenge butunganye. Mu busuku yaranguye mu nyuma, igihe yariko arigisha mu rusengero ku mugaragaro, yarahishuye ko ubukerebutsi bwiwe bwava kw’isoko rirengeye iryo kure n’iyo. Yavuze ati: «Ivyo nigisha si ivyanje, ahubwo ni ivy’uwantumye.» (Yohani 7:16) Ego cane, Se wiwe ari na we yamurungitse, ni we yari isoko nyakuri ry’ubukerebutsi Yezu yari afise. (Yohani 12:49) Ariko none, Yezu yaronse gute ubukerebutsi abukuye kuri Yehova?

6, 7. Ni mu buryo ubuhe Yezu yaronse ubukerebutsi abukuye kuri Se?

6 Impwemu nyeranda ya Yehova ni yo yakorera mu mutima wa Yezu no mu bwenge bwiwe. Ku vyerekeye Yezu, ari we Mesiya yari yarasezeranywe, Yesaya yavuze ati: «Impwemu ya Yehova izoba kuri we, impwemu y’ubukerebutsi n’ugutegera, impwemu y’uguhanura n’ubushobozi, impwemu y’ubumenyi n’ugutinya Yehova.» (Yesaya 11:2) None ko impwemu ya Yehova yari kuri we ikongera ikayobora ivyiyumviro vyiwe n’ingingo yafata, vyoba bitangaje kubona ivyo Yezu yavuga n’ivyo yakora vyaragaragaza ubukerebutsi bw’agaheta?

7 Yezu yararonse ubukerebutsi abukuye kuri Se no mu bundi buryo bukomeye. Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 2, mu kiringo Yezu yamaranye na Se imbere y’uko aza kw’isi, icamaze imyaka idaharurika, yararonse akaryo ko kumenya neza ukuntu Se abona ibintu. Ntitwonaruha twiyumvira ukuntu ubukerebutsi uwo Mwana yakuye kuri Se bwangana, igihe yariko arakora ari «umukozi w’umuhanga» w’Imana mw’iremwa ry’ibindi bintu vyose, vyaba ibifise ubuzima canke ibitabufise. Ntibitangaje kubona imbere y’uko uwo Mwana aza kw’isi yadondowe ko ari ubukerebutsi bufashwe nk’umuntu. (Imigani 8:22-31; Abakolosayi 1:15, 16) Mu kiringo cose c’ubusuku bwiwe, Yezu yarashoboye kwikora ku bukerebutsi yaronse igihe yari kumwe na Se mw’ijuru. b (Yohani 8:26, 28, 38) Ntidukwiye rero gutangazwa n’ubumenyi bwinshi be n’ugutahura kwimbitse vyigaragaza mu majambo ya Yezu canke ngo dutangazwe n’ukubona ibintu neza kwigaragaza mu vyo yakora vyose.

8. Twebwe abayoboke ba Yezu, tworonka gute ubukerebutsi?

8 Na twebwe abayoboke ba Yezu turakeneye guhanga amaso Yehova ngo aturonse ubukerebutsi. (Imigani 2:6) Ego ni ko, Yehova ntaduha ubukerebutsi ku gitangaro. Ariko rero, arishura amasengesho duturana ubwira tumusaba ubukerebutsi dukeneye kugira tuvyifatemwo neza mu ngorane zo mu buzima. (Yakobo 1:5) Kugira ngo turonke ubwo bukerebutsi bisaba akigoro. Turakeneye kuguma tuburondera nk’«itunga ryanyegejwe.» (Imigani 2:1-6) Ego cane, turakeneye kuguma twimba mw’Ijambo ry’Imana, ari na ryo dusangamwo ubukerebutsi bwayo, maze tukabaho twisunga ivyo twiga. Akarorero k’Umwana wa Yehova karadufasha cane kwironsa ubukerebutsi. Reka turimbure imice itandukanye Yezu yagaragajemwo ubukerebutsi maze turabe ukuntu twomwigana.

Amajambo y’ubukerebutsi

Ubukerebutsi bw’Imana burahishurwa muri Bibiliya

9. Ni igiki catuma inyigisho za Yezu zibamwo ubukerebutsi bwinshi?

9 Abantu barasidukana n’iyonka baza kuri Yezu kugira gusa bamwumvirize. (Mariko 6:31-34; Luka 5:1-3) Kandi ivyo ntibitangaje kuko Yezu ateranuye akanwa, yavuga amajambo y’ubukerebutsi ntangere! Inyigisho ziwe zarerekana ko atahura Ijambo ry’Imana mu buryo bwimbitse be n’uko afise ubushobozi budasanzwe bwo kwinjira ibintu mu mizi. Inyigisho ziwe zirashimisha abantu bo mu mihingo yose kandi ntizigera zita igihe. Rimbura uburorero bumwebumwe bwerekana ubukerebutsi buri mu majambo ya Yezu, wa «Mujanama w’agatangaza» yari yaravuzwe.​—Yesaya 9:6.

10. Ni kamere nziza izihe Yezu aduhimiriza gutsimbataza, kandi kubera iki?

10 Ya Nsiguro yo ku Musozi twavuga mu ntango, ni yo nyigisho ya Yezu igizwe n’amajambo menshi yanditswe ata kindi giciyemwo, nk’amajambo y’uwigana inkuru canke y’abandi bantu. Muri iyo nsiguro, Yezu ntaduhanura gusa gutsimbataza imvugo nziza n’inyifato nziza. Impanuro ziwe zirashika kure kurusha aho. Kubera ko Yezu azi neza ko ivyiyumviro vyacu n’inyiyumvo zacu ari vyo bituma tuvuga tukongera tugakora, araduhimiriza gutsimbataza kamere nziza mu mutima no mu bwenge, nk’ubwitonzi, inzara y’ubugororotsi, agatima ko kugira imbabazi no kuremesha amahoro, hamwe n’ugukunda abandi. (Matayo 5:5-9, 43-48) Nitwatsimbataza mwene izo kamere mu mutima wacu, bizotuma tugira imvugo nziza n’inyifato nziza bihimbara Yehova bikongera bigatuma tubana amahoro n’abandi.​—Matayo 5:16.

11. Igihe Yezu atanga impanuro ku bijanye n’igicumuro, ni gute afatira ku muzi w’ingorane?

11 Igihe Yezu atanga impanuro ku bijanye n’igicumuro, afatira ku muzi w’ingorane. Ntatubwira gusa kwirinda ubukazi. Ahubwo nyabuna aratuburira ngo ntitureke ishavu ryake indaro mu mutima wacu. (Matayo 5:21, 22; 1 Yohani 3:15) Ntatubuza gusa kurenga ibigo. Ahubwo riho, aratugabisha ku bijanye n’ivyipfuzo bibi bitangurira mu mutima bigashikana umuntu ku guhemukira uwo bubakanye. Araduhanura kutareka ngo amaso yacu akabure ivyipfuzo bibi muri twebwe, bigatuma inambu y’umubiri ivyuka. (Matayo 5:27-30) Yezu yibanda ku bitera ingorane aho kwibanda gusa ku bimenyetso vyazo. Ashimika ku gatima no ku vyipfuzo bishikana umuntu ku gukora ibicumuro.​—Zaburi 7:14.

12. Abayoboke ba Yezu babona gute impanuro yatanze, kandi kubera iki?

12 Mbega ubukerebutsi buri mu majambo ya Yezu! Ntibitangaje kubona «amasinzi [yaratangara] cane kubera uburyo yigisha.» (Matayo 7:28) Kubera ko turi abayoboke biwe, tubona ko impanuro ziwe ziranga ubukerebutsi ari zo zikwiye kutuyobora mu buzima. Turagerageza gutsimbataza kamere nziza yaduhimirije gutsimbataza, nk’imbabazi, ukuba abanyamahoro be n’urukundo, tuzi yuko ivyo bizotuma tugira inyifato ihimbara Imana. Turihata kugira turandurane n’imizi mu mutima wacu ivyiyumviro n’ivyipfuzo bibi yatugabishijeko, nk’ishavu ry’umururazi be n’ivyipfuzo vy’ubuhumbu, tuzi ko kubigenza gutyo bizodufasha kwirinda igicumuro.​—Yakobo 1:14, 15.

Yabayeho ayoborwa n’ubukerebutsi

13, 14. Ni igiki cerekana ko Yezu yakoresheje ukubona ibintu neza mu guhitamwo ingene azobaho?

13 Yezu ntiyerekanye ubukerebutsi mu mvugo gusa, yarabwerekanye no mu ngiro. Mu buzima bwiwe bwose, haba mu ngingo yafata, ukuntu yibona n’ingene yafata abandi, yaragaragaje ubukerebutsi mu buryo bwinshi bwiza. Raba uburorero bumwebumwe bwerekana ko Yezu yayoborwa n’«ubukerebutsi nyabwo n’ubushobozi bwo kwiyumvira.»​—Imigani 3:21.

14 Ubukerebutsi burimwo ukubona ibintu neza. Yezu yarakoresheje ukubona ibintu neza mu guhitamwo ingene azobaho. Woba ushobora kwiha ishusho y’ubuzima yari gushobora kugira, ni ukuvuga inzu yari gushobora kwiyubakira, urudandaza yari gushobora kugira, canke ukuntu yari gushobora kuba rurangiranwa? Yezu yari azi ko kwihebera ivyo bintu “ari ubusa, ko ari ukwiruka inyuma y’umuyaga.” (Umusiguzi 4:4; 5:10) Kubaho gutyo ni ubujuju, ico kikaba ari igihushane c’ubukerebutsi. Yezu yahisemwo kuguma yoroheje ubuzima. Ntiyarazwa ishinga no kwironderera amahera canke kwirundaniriza ibintu vy’umubiri. (Matayo 8:20) Nk’uko nyene yavyigishije, yagumye ashinze ijisho umugambi umwe rudende, uwo na wo ukaba ari ugukora ivyo Imana igomba. (Matayo 6:22) Yarakoresheje umwanya wiwe n’inguvu ziwe abigiranye ubukerebutsi kugira ateze imbere ivyungura Ubwami, ivyo bikaba bihambaye kandi bivamwo ivyiza kuruta kure n’iyo ibintu vy’umubiri. (Matayo 6:19-21) Gutyo rero yaradusigiye akarorero dukwiye kwigana.

15. Abayoboke ba Yezu bokwerekana gute ko baguma bitwararika cane ivyungura Ubwami, kandi ni kubera iki ivyo biranga ubukerebutsi?

15 Muri iki gihe, abayoboke ba Yezu barabona ko biranga ubukerebutsi kuguma bitwararika cane ivyungura Ubwami bw’Imana. Ku bw’ivyo, baririnda kwiremereza amadeni adakenewe n’ibintu vy’umubiri bitwara umwanya munini n’inguvu nyinshi. (1 Timoteyo 6:9, 10) Abenshi baroroheje ubuzima bwabo kugira ngo bashobore kumara umwanya wiyongereye mu busuku bwa gikirisu, binashobotse babe abamamaji b’inkuru nziza b’igihe cose. Nta bundi buryo bwo kubaho buranga ubukerebutsi bwoza buruta ubwo, kubera yuko kugumiza ivyungura Ubwami mu kibanza kibereye bizana umunezero n’agahimbare ntangere.​—Matayo 6:33.

16, 17. (a) Ni mu buryo ubuhe Yezu yerekanye ko yifata ruto be n’uko atitega ko yorangura ibirengeye ivyo ashoboye? (b) Twokwerekana gute ko twifata ruto be n’uko tutitega ko tworangura ibirengeye ivyo dushoboye?

16 Bibiliya yerekana ko ubukerebutsi bufitaniye isano n’ukwifata ruto, ivyo bikaba birimwo kumenya aho tugarukiriza. (Imigani 11:2) Yezu yarifata ruto kandi ntiyitega ko yorangura ibirengeye ivyo ashoboye. Yari azi ko atari gushobora guhindura umuntu wese yumvise ubutumwa bwiwe. (Matayo 10:32-39) Yaratahura kandi ko we ubwiwe atoshikiriye abantu bose. Abigiranye ubukerebutsi rero, yaciye azeza abayoboke biwe igikorwa co guhindura abantu abigishwa. (Matayo 28:18-20) Yariyemereye yifashe ruto ko “bokoze ibikorwa biruta” ivyo yakoze, kuko boshikiriye abantu benshi kuruta, bakamamaza mu karere kanini kuruta no mu kiringo kinini kuruta. (Yohani 14:12) Yezu kandi yaremera ko na we nyene akenera imfashanyo. Yaremeye imfashanyo y’abamarayika baje kumusukurira mu gahinga be n’iy’umumarayika yaje kumukomeza i Getsemani. Igihe uwo Mwana w’Imana yari ageze aho umwansi ashaka, yaratakamvye asaba imfashanyo.​—Matayo 4:11; Luka 22:43; Abaheburayo 5:7.

17 Na twebwe turakeneye kwifata ruto no kutitega ko tworangura ibirengeye ivyo dushoboye. Nta gukeka ko dushaka gukora ata kwiziganya no kwihata rwose mu gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. (Luka 13:24; Abakolosayi 3:23) Ariko kandi turakwiye kwibuka ko Yehova atatugereranya n’abandi, eka na twebwe ntidukwiye kwigereranya na bo. (Abagalatiya 6:4) Ubukerebutsi ngirakamaro buzodufasha kwishingira imigambi yumvikana ihuye n’ubushobozi bwacu be n’ukuntu ivyacu vyifashe. Vyongeye, ubukerebutsi buzofasha abafise amabanga kwemera ko hari ivyo badashoboye be n’uko bishika bagakenera gufashwa no gushigikirwa. Ukwifata ruto kuzotuma bemera iyo mfashanyo babigiranye ugukenguruka, bibuka yuko Yehova yoshobora gukoresha uwo basangiye ukwemera kugira “abahoze cane.”​—Abakolosayi 4:11.

18, 19. (a) Ni igiki cerekana ko Yezu yagaragaza ubuntu no gukora ibitegereka mu kuntu yafata abigishwa biwe? (b) Kubera iki dufise imvo yumvikana yo kugaragaza ubuntu no gukora ibitegereka mu kuntu dufatana, kandi twobigira gute?

18 Muri Yakobo 3:17 hagira hati: «Ubukerebutsi buva mw’ijuru . . . ntiburenza urugero.» Yezu yaragaragaza ubuntu n’ukutarenza urugero mu kuntu yafata abigishwa biwe. Naho yari azi neza utunenge twabo, yabaronderamwo iciza. (Yohani 1:47) Yari azi ko bomutaye mw’ijoro yofashwemwo, ariko ntiyigeze akekeranya yuko bogumye ari intahemuka. (Matayo 26:31-35; Luka 22:28-30) Petero yaramwihakanye incuro zitatu zose, ariko Yezu yaratakamvye ku bwiwe yongera aramubwira ko yizigiye yuko azoguma ari intahemuka. (Luka 22:31-34) Mw’isengesho Yezu yatuye Se wiwe mw’ijoro rya nyuma yamaze aha kw’isi, ntiyibanze ku makosa abigishwa biwe bari barakoze. Ahubwo riho, yavuze ko gushika ico gihe bari bakoze ivyiza, ati: «Barubahirije ijambo ryawe.» (Yohani 17:6) Naho bari abanyagasembwa, yarabajeje igikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. (Matayo 28:19, 20) Nta gukeka ko ukuba yaraberetse ko abizigiye be n’uko abizera vyabakomeje kugira babandanye kwitwararika igikorwa yabategetse gukora.

19 Abayoboke ba Yezu barafise impamvu yo kumwigana muri uwo muce. Nimba Umwana w’Imana atunganye yarihanganiye abigishwa biwe badatunganye, none twebwe abantu b’abacumuzi ntidukwiye kurushiriza gukora ibitegereka mu kuntu dufatana? (Abafilipi 4:5) Aho kwibanda ku tunenge tw’abo dusangiye ukwizera, vyoba vyiza turondeye iciza muri bo. Turakwiye kwibuka ko Yehova yabakwegakweze. (Yohani 6:44) Nta gukeka rero ko ababonamwo iciza, kandi na twebwe ni ko dukwiye kubigenza. Ivyo ntibizodufasha gusa «kwirengagiza ikosa», ariko kandi bizodufasha kurondera imice twokezamwo abandi. (Imigani 19:11) Iyo tweretse abo dusangiye ukwizera ko tubizigira, birabafasha gukora ivyo bashoboye vyose mu murimo wa Yehova no kuronkera umunezero muri wo.​—1 Abatesalonika 5:11.

20. Dukwiye gukoresha iki isoko ntangere ry’ubukerebutsi dusanga mu nkuru yo mu Njili, kandi kubera iki?

20 Vy’ukuri, inkuru yo mu Njili yerekeye ubuzima bwa Yezu n’ubusuku bwiwe ni isoko ntangere ry’ubukerebutsi! None twokoresha iki iyo ngabirano y’agaciro ntangere? Mu gusozera ya Nsiguro yo ku Musozi, Yezu yahimirije abariko baramwumviriza kutumva gusa amajambo yiwe y’ubukerebutsi ariko kandi ko bakwiye kuyashira mu ngiro. (Matayo 7:24-27) Guhindura ivyiyumviro vyacu, imvo dukorana ibintu be n’ivyo dukora tukabihuza n’amajambo be n’ibikorwa vya Yezu biranga ubukerebutsi, bizodufasha kugira ubuzima bwiza bushoboka muri kino gihe, binadufashe kuguma mu nzira ijana mu buzima budahera. (Matayo 7:13, 14) Emwe, nta yindi nzira nziza kandi iranga ubukerebutsi twoshobora gucamwo iruta iyo!

a Insiguro Yezu yashikirije ico gihe yahavuye yitwa Insiguro yo ku Musozi. Tuyisanga muri Matayo 5:3–7:27, ikaba igizwe n’imirongo 107 kandi kuyishikiriza vyotwara nk’iminuta 20.

b Biboneka ko igihe “ijuru ryuguruka” Yezu ariko arabatizwa, ari ho yaciye asubira kwibuka ubuzima yagize imbere y’uko aza kw’isi.​—Matayo 3:13-17.