Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 3

“Ndicisha bugufi”

“Ndicisha bugufi”

«Raba! Umwami wawe araje iwawe»

1-3. Yezu yinjiye gute i Yeruzalemu, kandi kubera iki bamwebamwe mu bavyitegereza bashobora kuba baratangaye?

 I YERUZALEMU harangwa uruyogoyogo kubera umunezero. Hari umuntu ahambaye agira ahashike! Inyuma y’igisagara, abantu batonze kw’ibarabara. Barashashaye kwakira uwo muntu, kubera bamwebamwe bariko bavuga ko ari samuragwa w’umwami Dawidi, akaba ari we Mutware wa Isirayeli abifitiye uburenganzira. Abatari bake barazana amashami y’ibigazi baza kuzungagiza mu kumuramutsa, abandi na bo bagasasa mw’ibarabara impuzu n’amashami y’ibiti kugira bamutegurire aho aca. (Matayo 21:7, 8; Yohani 12:12, 13) Abantu boshobora kuba bariko baribaza ingene aza kuza ameze.

2 Bamwebamwe bashobora kuba biteze ko haza kuba ibirori bidasanzwe. Basanzwe bazi abantu bahambaye baje biyerekana mu buryo bukomeye. Nk’akarorero, Abusalomu umuhungu wa Dawidi yaratangaje ko ari umwami, akaba yari kumwe n’abagabo 50 bagenda bariruka imbere y’umukogote wiwe. (2 Samweli 15:1, 10) Wa mutegetsi w’Umuroma Yuliyo Sezari wewe yaje ari agahebuza. Igihe kimwe yaragize urugendo rwo kwigina intsinzi aja ahari inyubakwa nkuru y’Uburoma, ahagatiwe n’inzovu 40 bambitse amatara! Ubu hoho, abantu b’i Yeruzalemu biteze umuntu ahambaye kuruta. Baba babitahura canke batabitahura, uwo muntu ni Mesiya, umuntu ahambaye kuruta ababayeho bose. Ariko rero igihe uwo muntu yimirije kuba Umwami aserutse, bamwebamwe bashobora kuba batangara.

3 Nta mukogote babona, nta birutsi, nta mafarasi, icibagiwe co ni inzovu. Yezu aje yiyicariye ku gitwazi giciye bugufi, ku ndogobwa. a Nta bintu bidasanzwe yambaye, eka n’igitungwa yicayeko ntigisharijwe bidasanzwe. Aho kwicara kw’itandiko rizimvye, yiyicariye ku mpuzu nkeya abagenzi biwe bashize ku mugongo w’ico gitungwa. Ni kubera iki Yezu ahitamwo kwinjira i Yeruzalemu muri ubwo buryo buciye bugufi, mu gihe abantu bari hasi cane kuri we bobo basavye gutunganirizwa ibirori vy’akataraboneka?

4. Bibiliya yari yavuze iki ku bijanye n’ukuntu Umwami Mesiya yokwinjiye i Yeruzalemu?

4 Yezu ariko arangura ubuhanuzi bugira buti: «Nezerwa cane . . . Niwihe akaruru k’intsinzi mukobwa wa Yeruzalemu. Raba! Umwami wawe araje iwawe. Ni umugororotsi kandi azanye ubukiriro. Aricisha bugufi, kandi aje agendera ku ndogobwa.» (Zakariya 9:9) Ubwo buhanuzi bwarerekanye ko umusi uri izina uwo Imana yarobanuye, ari we Mesiya, yokwiyeretse abantu b’i Yeruzalemu ko ari Umwami yagenywe n’Imana. Vyongeye, ukuntu yobigize, ushizemwo n’igitungwa yohisemwo kugenderako, vyokwerekanye kamere nziza cane afise mu mutima, ni ukuvuga ukwicisha bugufi.

5. Kubera iki ukwicisha bugufi kwa Yezu gukora ku mutima iyo tukuzirikanyeko, kandi kubera iki bihambaye ko twiga kwigana Yezu muri uwo muce?

5 Ukwicisha bugufi kwa Yezu ni imwe muri kamere ziwe zikwegera kuruta izindi, ikaba ikora ku mutima iyo tuyizirikanyeko. Nk’uko twabibonye mu kigabane c’imbere y’iki, Yezu wenyene ni we «nzira, ukuri n’ubuzima.» (Yohani 14:6) Vy’ukuri, mu bantu amamiliyaridi babaye ng’aha kw’isi, nta n’umwe yoza yegereza Umwana w’Imana mu kuba uwuhambaye. Yamara Yezu ntiyigeze yerekana na gato ubwishime, ubwibone canke ukwihambaza kuri mu bantu injojo b’abanyagasembwa. Kugira tube abayoboke ba Kristu, turakeneye kurwanya agatima ko gutwarwa n’ubwishime. (Yakobo 4:6) Niwibuke ko Yehova yanka ubwibone. Birahambaye rero ko twiga kwigana ukwicisha bugufi kwa Yezu.

Yerekanye ukwicisha bugufi kuva kera

6. Ukwicisha bugufi ni iki, kandi Yehova yamenye gute ko Mesiya yokwicishije bugufi?

6 Ukwicisha bugufi ni ukwifata ruto mu mutima, ukirinda ubwibone canke ubwishime. Ni kamere itangurira mu mutima ikagaragarira mu vyo umuntu avuga, mu nyifato yiwe no mu kuntu afata abandi. Yehova yamenye gute ko Mesiya yokwicishije bugufi? Yari azi ko Umwana wiwe yigana akarorero katagira agahaze ubwiwe yamuhaye ko kwicisha bugufi. (Yohani 10:15) Yari amaze kandi kwibonera ingene uwo Mwana agaragaza ukwicisha bugufi. Uti gute?

7-9. (a) Mikayeli yagaragaje gute ukwicisha bugufi mu matati yagiraniye na Shetani? (b) Abakirisu boshobora gute kwigana Mikayeli mu kugaragaza ukwicisha bugufi?

7 Igitabu ca Yuda kiratwereka akarorero gakora ku mutima, giti: «Igihe Mikayeli wa mumarayika mukuru yagiranira amatati na Shetani baharira ku kiziga ca Musa, ntiyubahutse kumucira urubanza mu kumutuka, ahubwo yamubwiye ati: “Yehova nagucire urubanza.”» (Yuda 9) Izina Mikayeli ryerekeza kuri Yezu imbere y’uko aza kw’isi n’inyuma yaho, mu ruhara arangura ari umumarayika mukuru, ni ukuvuga umukuru w’ingabo za Yehova zo mw’ijuru zigizwe n’abamarayika. b (1 Abatesalonika 4:16) Ariko rero, raba ukuntu Mikayeli yavyifashemwo muri ayo matati yagiraniye na Shetani.

8 Inkuru Yuda yanditse ntitubwira ico Shetani yashaka gukoresha ikiziga ca Musa, ariko turashobora kwemera tudakeka ko yari afise intumbero mbi. Ashobora kuba yashaka ko ikiziga c’uwo mugabo w’umwizigirwa gikoreshwa mu bijanye n’ugusenga kw’ikinyoma. Naho Mikayeli yarwanije uwo mugambi mubi wa Shetani, yarerekanye kandi ukwigumya kudasanzwe. Nta gukeka ko Shetani yari abereye guhambarirwa. Mugabo kubera ko Mikayeli atari bwashikirizwe «ivyo guca imanza vyose» ico gihe yatata na Shetani, yabona ko Yehova Imana wenyene ari we akwiye guca urwo rubanza. (Yohani 5:22) Kubera ko Mikayeli yari umumarayika mukuru, yari afise ububasha bukomeye. Naho ari ukwo, yaricishije bugufi arekera ibintu mu minwe ya Yehova aho kwiha ububasha adafise. Uretse ukwicisha bugufi, yaragaragaje n’ukwifata ruto, ari kwo kumenya ko ari n’aho agarukiriza.

9 Hariho impamvu yatumye Yuda ahumekerwa kwandika iyo nkuru. Ikibabaje, mu gihe ca Yuda hariho abakirisu baticisha bugufi. N’ubwibone n’akantu, «baravuga nabi ibintu vyose badatahura vy’ukuri.» (Yuda 10) Ese ukuntu vyoroshe ko twebwe abantu b’abanyagasembwa dutwarwa n’ubwishime! Igihe tudatahura ikintu kanaka cakozwe mw’ishengero rya gikirisu, nk’ingingo inama y’abakurambere yafashe, tuvyifatamwo gute? Hamwe twoca dutangura kuvuga amajambo mabi yo kunebagurana kandi tutazi amakuru yose yatumye iyo ngingo ifatwa, ubwo ntitwoba twerekanye ko tutagira ukwicisha bugufi? Aho kumera gutyo, nimuze twigane Mikayeli ari we Yezu, twirinde kunebagura ibintu Imana itaduhereye ububasha.

10, 11. (a) Ni igiki kidasanzwe uravye ingene Umwana w’Imana yemeye n’umutima ukunze igikorwa co kuza kw’isi? (b) Twokwigana gute ukwicisha bugufi kwa Yezu?

10 Umwana w’Imana yarerekanye kandi ukwicisha bugufi mu kwemera igikorwa co kuza kw’isi. Rimbura ivyo yabwirijwe guheba. Yari umumarayika mukuru, ariko kandi yari «Jambo», ni ukuvuga Umuvugizi wa Yehova. (Yohani 1:1-3) Yaba mw’ijuru, «ahantu heranda kandi haninahaye» ha Yehova. (Yesaya 63:15) Yamara rero, «yarahevye vyose amera nk’umushumba, acika umuntu.» (Abafilipi 2:7) Rimbura ivyo igikorwa yashinzwe kw’isi casaba! Ubuzima bwiwe bwarimuriwe mu nda y’umwigeme w’isugi w’Umuyudakazi, akurirayo amezi icenda maze avuka ari uruyoya. Yavukiye mu rugo rw’umubaji akenye ari akayoya ata co kishoboje maze arakura aba umwana aciga gutambuka, mu nyuma aba agahungu gatoyi, arateba aba umuyabaga. Naho atagira agasembwa, mu bwana bwiwe bwose yagumye ayobokera abavyeyi b’abanyagasembwa. (Luka 2:40, 51, 52) Umve yemwe ukwo kwicisha bugufi!

11 Twoba dushobora kwigana ukwicisha bugufi kwa Yezu mu kwemera tubikunze ibikorwa rimwe na rimwe bisa n’ibikengeretse? Nk’akarorero, igikorwa twashinzwe co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana coshobora gusa n’igikengeretse igihe abantu batatwakira neza, badutyekeza canke baturwanya. (Matayo 28:19, 20) Ariko rero twumiyeko, turashobora gufasha abantu kurokoka. Uko vyogenda kwose, turiga vyinshi mu bijanye n’ukwicisha bugufi, kandi tukagera ikirenge mu ca Databuja Yezu Kristu.

Ukwicisha bugufi Yezu yagaragaje kw’isi

12-14. (a) Yezu yagaragaza gute ukwicisha bugufi igihe abantu baba bamushemeje? (b) Ni mu buryo ubuhe Yezu yafata abandi abigiranye ukwicisha bugufi? (c) Ni igiki cerekana ko ukwicisha bugufi kwa Yezu kutari ukwo kwikurayo canke kugaragaza urupfasoni gusa?

12 Kuva Yezu atanguye ubusuku bwiwe bwo kw’isi gushika burangiye, yarangwa n’ukwicisha bugufi. Yarakwerekanye mu kwerekeza kuri Se ugushemezwa kwose n’ubuninahazwa bwose. Rimwe na rimwe abantu barashemeza Yezu kubera ubukerebutsi bwarangwa mu majambo yavuga, ububasha bwagaragarira mu bitangaro yakora, no kubera yari umuntu yimereye neza. Akatari gake Yezu yaranka ukwo kuninahazwa akakwerekeza kuri Yehova.​—Mariko 10:17, 18; Yohani 7:15, 16.

13 Yezu yarerekana ukwicisha bugufi mu kuntu yafata abantu. Nkako, yaratomoye ko ataje kw’isi kugira ngo bamukorere, ahubwo ko yaje kugira akorere abandi. (Matayo 20:28) Yarerekanye ukwicisha bugufi mu kuntu yafata abandi abigiranye ubwitonzi n’ugukora ibitegereka. Igihe abayoboke biwe bamuhemukira, ntiyaciye abaryagagura; yagumye agerageza gushikira imitima yabo. (Matayo 26:39-41) Igihe yariko arondera ahantu hatekanye aruhukira mu mwiherero maze amasinzi akamuciramwo, ntiyabirukanye; yabandanije kubigorera, arabigisha «ibintu vyinshi.» (Mariko 6:30-34) Igihe umugore umwe atari Umwisirayelikazi yaguma amutakambira ngo amukirize umukobwa, Yezu yabanje kumwereka ko atari kubigira. Ariko rero ntiyamwankiye yaratse. Amaze kubona ukwizera kwiwe kudasanzwe yaremeye kubigira, nk’uko tuzobibona mu kigabane ca 14.​—Matayo 15:22-28.

14 Mu buryo budaharurika, Yezu yarashikije amajambo we ubwiwe yavuze ku bimwerekeye, ati: “Nditonda kandi ndicisha bugufi.” (Matayo 11:29) Ukwicisha bugufi kwiwe ntikwari ukwo guhuma amaso abantu, ukwo kwikurayo canke kugaragaza urupfasoni gusa. Kwava mu mutima. Ntibitangaje rero kubona Yezu yaritwararitse cane kwigisha abayoboke biwe kwicisha bugufi!

Yarigishije abayoboke biwe kwicisha bugufi

15, 16. Ni itandukaniro irihe Yezu yerekanye ko riri hagati y’ukuntu abatware bo mw’isi babona ibintu n’ukuntu abayoboke biwe bari bakeneye kubibona?

15 Intumwa za Yezu ntivyazoroheye gutsimbataza ukwicisha bugufi. Yezu yabwirijwe kubigisha ico kintu incuro n’izindi. Nk’akarorero, igihe kimwe Yakobo na Yohani baratumye nyina wabo ngo abasabire Yezu azobahe ibibanza bihambaye mu Bwami bw’Imana. Yezu abigiranye ukwifata ruto, yishuye ati: «Ivyo kwicara iburyo bwanje n’ibubamfu bwanje si ivyanje ngo ndabitange. Ni ivy’abo Dawe yabiteguriye.» Izindi ntumwa cumi zaciye “zishavurira” Yakobo na Yohani. (Matayo 20:20-24) None Yezu yatoreye umuti gute iyo ngorane?

16 Yarabakosoye bose abigiranye ubuntu, ababwira ati: «Murazi ko abatware b’amahanga bayatwaza umukazo, be n’uko abakomakomeye bayereka ko bayafiseko ububasha. Si ko bikwiye kumera muri mwebwe. Ahubwo uwushaka kuba mukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu, kandi uwushaka kuba uwa mbere muri mwebwe ategerezwa kuba umushumba wanyu.» (Matayo 20:25-27) Birashoboka ko izo ntumwa zari zimaze kwibonera ukuntu «abatware b’amahanga» bashobora kuba abishima, abahahamira ubukuru n’abikunda cane. Yezu yarerekanye ko abigishwa biwe badakwiye kumera nk’abo bantu batwaza umukazo bari banyotewe ubukuru. Bobo bari bakeneye kwicisha bugufi. None izo ntumwa zoba zaratahuye ico cigwa?

17-19. (a) Buca Yezu yicwa, ni icigwa c’intibagirwa ikihe yigishije intumwa ziwe mu bijanye n’ukwicisha bugufi? (b) Icigwa c’ukwicisha bugufi gikomeye kuruta ibindi vyose Yezu yatanze igihe yari kw’isi ni ikihe?

17 Ntivyaboroheye. Ntibwari ubwa mbere canke ubwa nyuma Yezu abigisha ico cigwa. Imbere y’aho, igihe bahazuka ku bijanye n’uwari mukuru muri bo, yarafashe umwana mutoyi amushira hagati yabo maze ababwira ko bakwiye kumera nk’abana, abo muri rusangi usanga batagira ubwishime, uguhahamira ubukuru canke ibibanza nk’uko abakuze bakunze kubigira. (Matayo 18:1-4) Naho ari ukwo, buca yicwa yarabonye ko intumwa ziwe zitari bwavavanure n’ubwishime. Yaciye abigisha icigwa c’intibagirwa. Yarakenyeye igitambara maze akora igikorwa gikengeretse kuruta ibindi vyose, ico abashumba bari bamenyereye gukorera abashitsi. Yarogeje ibirenge umwumwe wese mu ntumwa ziwe, harimwo na Yuda, uwagira amugure!​—Yohani 13:1-11.

18 Yezu yaratomoye icigwa abahaye igihe yababwira ati: «Ndabahaye akarorero.» (Yohani 13:15) Ico cigwa coba carahevye kikabanyura? Emwe, iryo joro nyene barasubiye guhazuka barondera kumenya uwoba yari mukuru muri bo! (Luka 22:24-27) N’ubundi Yezu yarabandanije kubihanganira, arabigisha yicishije bugufi. Ni ko guca abaha icigwa gikomeye kuruta ibindi vyose: «Yaricishije bugufi, aragamburuka gushika ku rupfu, emwe urupfu rwo ku giti co kubabarizwako.» (Abafilipi 2:8) Yezu yaremeye n’umutima ukunze arapfa urupfu rw’agashinyaguro yagirizwa ku kadenderezo ngo ni inkozi y’ikibi n’umurogosi. Gutyo, Umwana w’Imana yarerekanye ko ari agaheta, kubera yuko mu biremwa vyose vya Yehova, ari we yagaragaje ukwicisha bugufi kutagira agahaze kandi ku rugero ruhebuje.

19 Kumbure ico cigwa ca nyuma c’ukwicisha bugufi Yezu yatanze igihe yari kw’isi ni co cashimangiye ubutagihanagurika iyo kamere mu mitima y’intumwa ziwe z’intahemuka. Bibiliya itubwira ko haciye imyaka itari mike, mbere imyaka mirongo inyuma y’aho, abo bagabo bariko bararangura igikorwa bicishije bugufi. Tweho bite?

Woba uzokurikiza akarorero Yezu yatanze?

20. Twomenya gute ko twicisha bugufi?

20 Pawulo ahimiriza umwe wese muri twebwe ati: «Mugumane uyu mutima Kristu Yezu na we nyene yari afise.» (Abafilipi 2:5) Turakeneye kuba abicisha bugufi nka Yezu. Twomenya gute ko twicisha bugufi vy’ukuri? Pawulo atwibutsa ko tudakwiye gukora ikintu “na kimwe tubitumwe n’agatima k’amahane canke ukwishira imbere, ahubwo ko dukwiye kwicisha bugufi tukabona ko abandi baturuta.” (Abafilipi 2:3) Ikintu nyamukuru codufasha rero, ni ukuraba ukuntu twibona twigereranije n’abandi. Dukwiye kubona ko baturuta, ko bahambaye kuturuta. Woba uzoshira mu ngiro iyo mpanuro?

21, 22. (a) Kubera iki abahagarikizi bakirisu bakeneye kwicisha bugufi? (b) Twokwerekana gute ko dukenyeye ukwicisha bugufi?

21 Haciye imyaka myinshi Yezu apfuye, intumwa Petero yari acibuka akamaro ko kwicisha bugufi. Petero yabwiye abahagarikizi bakirisu kurangura amabanga bajejwe bicishije bugufi, ntibigere bakandamiza intama za Yehova. (1 Petero 5:2, 3) Kuzezwa amabanga si icitwazo co kugira ubwishime. Ahubwo riho, bituma umuntu arushiriza gukenera kugira ukwicisha bugufi nyakwo. (Luka 12:48) Ariko ntiwumve, iyo kamere irahambaye cane ku bakirisu bose atari ku bahagarikizi gusa.

22 Nta gukeka ko Petero atigeze yibagira rya joro Yezu yamwoza ibirenge, akabigira Petero ariko aramwankira! (Yohani 13:6-10) Petero yandikiye abakirisu ati: «Mwese mwambare ukwicisha bugufi mu kuntu mufata abandi.» (1 Petero 5:5) Iryo jambo ngo «mwambare» ritanga iciyumviro c’umusuku yambara agahuzu kameze nk’itaburiya kugira akore igikorwa gikengeretse. Iryo jambo ryoshobora guca ritwibutsa igihe Yezu yakenyera igitambara agaca apfukama kugira yoze ibirenge intumwa ziwe. None nimba dukurikira Yezu, hari igikorwa Imana yadushinze twobona ko turengeye? Ukwicisha bugufi kwo mu mutima wacu gukwiye kwigaragaza kuri bose, nk’aho twoba tugukenyeye.

23, 24. (a) Kubera iki dukwiye kwirinda agatima kose k’ubwibone? (b) Ikigabane gikurikira kizodufasha gukosora iciyumviro ikihe kitari co ku bijanye n’ukwicisha bugufi?

23 Ubwibone bumeze nk’ubumara. Ingaruka zabwo zirashobora kuba mbi cane. Ni ingeso ishobora gutuma umuntu afise ububangukirwe bwinshi cane aba uwutaco amariye Imana. Ukwicisha bugufi kwokwo kurashobora gutuma mbere n’umuntu ata bubangukirwe na buke afise aba ngirakamaro cane kuri Yehova. Nitwatsimbataza ku musi ku musi iyo kamere y’agaciro mu gukora uko dushoboye kwose kugira tugere ikirenge mu ca Kristu twicishije bugufi, tuzokwironkera impera nziza igitangaza. Petero yanditse ati: «Mwicishe bugufi rero munsi y’ukuboko kw’Imana gukomeye, kugira ibashire hejuru igihe kigeze.» (1 Petero 5:6) Nta gukeka ko Yehova yashize hejuru Yezu kubera yicishije bugufi aherejeko. Na wewe nyene Imana yacu izohimbarwa no kuguha impera kubera wicisha bugufi.

24 Ikibabaje, hari abiyumvira ko ukwicisha bugufi ari ikimenyetso c’ubugoyagoye. Akarorero ka Yezu karadufasha kubona ko ico ciyumviro atari co na gato, kubera ko uwo muntu yicisha bugufi kuruta abandi bose ari na we yari afise umutima rugabo kuruta abandi bose. Ivyo ni vyo tuzokwihweza mu kigabane gikurikira.

a Mu bijanye n’ico kintu cabaye, igitabu kimwe kivuga yuko ivyo bitungwa «ari ibiremwa biciye bugufi», kigaca congerako giti: «Bigenda bukebuke, ni ibigaba, bikoreshwa n’abakene kandi ntibibereye ijisho cane.»

b Ushaka ibindi bimenyamenya vyerekana ko Mikayeli ari Yezu, raba ikiganiro kivuga ngo «Wa mumarayika mukuru Mikaheli ni nde?» kuri jw.org ahavuga ngo «Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya.»