Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 7

“Muzirikane mwitonze umwe yihangana”

“Muzirikane mwitonze umwe yihangana”

1-3. (a) Yezu yari afise intuntu ingana gute mw’itongo ry’i Getsemani, kandi iyo ntuntu yava ku ki? (b) Twovuga iki ku bijanye n’akarorero Yezu yatanze ko kwihangana, kandi ni ibibazo ibihe bica bivyuka?

 YEZU ari mu mukazo mwinshi. Ntiyari bwigere ahagarika umutima canke ngo agire intuntu ukuraho. Hasigaye amasaha makeyi ngo ubuzima bwiwe bwo kw’isi burangire. Ari kumwe n’intumwa ziwe mw’itongo ry’i Getsemani, hakaba ari ahantu bamenyereye kuko bamaze guhurira ng’aho kenshi. Ariko rero muri iryo joro, arakeneye kumara akanya ari wenyene. Asiga intumwa ziwe ng’aho, akaja amaja hagati muri iryo tongo, agapfukama, agatangura gusenga. Arasengana ubwira bwinshi cane, akagira n’intuntu nyinshi ku buryo icuya ciwe gicika «nk’amama y’amaraso atibagurikira hasi.»​—Luka 22:39-44.

2 Kubera iki Yezu ahagaritse umutima gutyo? Arazi yuko ahava ababazwa bimwe bikomeye, mugabo ivyo si vyo bimutera intuntu. Hari ibindi bintu bihambaye kuruta bimuraje ishinga. Ararajwe ishinga cane n’izina rya Se kandi arazi ko kazoza k’umuryango w’abantu kavana n’uko aguma ari umwizigirwa. Arazi ko bihambaye cane ko yihangana. Hamwe yohemuka, yoba asize iceyi gikomeye izina rya Yehova. Ariko rero ntahemuka. Mu nyuma kuri uwo musi, hasigaye akanya gatoyi ngo acikane, uwo mugabo yatanze akarorero keza kuruta utundi mu bijanye n’ukwihangana, arasemerera yigina intsinzi ati: «Birarangutse!»​—Yohani 19:30.

3 Bibiliya iduhimiriza “kuzirikana twitonze umwe yihangana”, ni ukuvuga Yezu. (Abaheburayo 12:3) Ibibazo bihambaye bica bivyuka ni ibi: Ni ibigeragezo ibihe Yezu yihanganiye? Ni igiki camufashije kwihangana? Twokwigana gute akarorero kiwe? Imbere yo kwishura ivyo bibazo, reka tubanze twihweze ico kwihangana bisobanura.

Ukwihangana ni iki?

4, 5. (a) «Kwihangana» bisobanura iki? (b) Tanga akarorero kerekana ko kwihangana atari ukwemera gusa ingorane kubera ata kundi uri bugire.

4 Twese birashika «[tuga]shikirwa n’ibigeragezo bitandukanye.» (1 Petero 1:6) Kuba turiko turashikirwa n’ikigeragezo vyoba bisobanura ko turiko turacihanganira? Habe na gatoyi. Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «kwihangana» risobanura «ubushobozi bwo kwigumya mu ngorane canke bwo kudatsindwa na zo.» Ku bijanye n’ukwihangana kuvugwa muri Bibiliya, incabwenge imwe isigura iti: «Ni umutima wo kwiyumanganya mu ngorane atari kubera gusa ata kundi wobigenza, ahubwo ubigiranye icizigiro gikomeye . . . Ni kamere ituma umuntu aguma ashikamye mu bihe bitoroshe. Ni kamere ishobora gutuma umuntu abona ko ikigeragezo gikomeye cane ari ubuninahazwa, kuko atabona gusa umubabaro arimwo ariko kandi abona n’intumbero yaco.»

5 Kwihangana rero, si ukwemera gusa ingorane kubera ata kundi uri bugire. Muri Bibiliya, ukwihangana gusobanura gushikama no kuguma ubona ibintu neza kandi ukagumana icizigiro igihe uri mu bigeragezo. Reka dufate akarorero: Abantu babiri bari mw’ibohero, bakaba bapfunzwe kumwe mugabo bahorwa ibintu bitandukanye cane. Umwe asanzwe ari inkozi y’ikibi, akaba abwirizwa kuguma mw’ibohero n’umwikomo mwinshi kuko ata kundi ari bugire kubera urubanza yaciriwe. Uwundi na we ni umukirisu w’ukuri apfunzwe ahorwa ivyo yemera, akaba aguma ashikamye kandi abona ibintu neza kubera azi ko ibiriko biramushikira ari akaryo ko kugaragaza ukwizera kwiwe. Nta wovuga ko iyo nkozi y’ikibi iriko irihangana, ariko uwo mukirisu w’intahemuka wewe ariko aragaragaza iyo kamere nziza cane y’ukwihangana.​—Yakobo 1:2-4.

6. Twotsimbataza gute ukwihangana?

6 Ukwihangana ni ntahara kugira turonke ubukiriro. (Matayo 24:13) Ariko rero, iyo kamere ihambaye cane ntituyivukana; dutegerezwa kuyitsimbataza. Uti gute? Mu Baroma 5:3 havuga hati: «Amakuba azana ukwihangana.» Ego cane, nimba twipfuza vy’ukuri gutsimbataza ukwihangana, ntidukwiye gusha coba ngo duhunge ibintu vyose bigerageza ukwizera. Ahubwo riho dutegerezwa guhangana na vyo. Ukwihangana kwacu kurakomera igihe ku musi ku musi duhangana n’ibigeragezo bikomeye n’ibidakomeye kandi tukabitsinda. Igihe cose dutsinze ikigeragezo, biraduha ingoga zo kunanira igikurikira. Ariko ntiwumve, ntidutsimbataza ukwihangana bivuye ku nkomezi zacu bwite. Turakeneye kwama «[twishimikiza] inkomezi Imana itanga.» (1 Petero 4:11) Kugira Yehova adufashe kuguma dushikamye, yaraduhaye akarorero keza kuruta ubundi bwose, ni ukuvuga akarorero k’Umwana wiwe. Reka turimbure twitonze ukwihangana kutagira akanenge Yezu yagaragaje.

Ivyo Yezu yihanganiye

7, 8. Yezu yihanganiye ibiki igihe yagira arangize ubuzima bwiwe bwo kw’isi?

7 Igihe Yezu yagira arangize ubuzima bwiwe bwo kw’isi, yarihanganiye ibintu vyinshi biteye ikinya. Uretse agahinda yari afise mw’ijoro rya nyuma yamaze, ibaze ingene ategerezwa kuba yarumvise avunitse umutima be n’ingene yafashwe nabi. Yaraguzwe n’umugenzi wiwe wa hafi, abagenzi somambike biwe baramuta, yongera aracirwa urubanza mu buryo budahuye n’amategeko aho abagize sentare nkuru y’ivy’idini yo muri ico gihugu bamutyekeje, baramucirako amate bongera baramukubita ingumu. Ariko ivyo vyose yaravyihanganiye atekanye kandi abigiranye umutima rugabo.​—Matayo 26:46-49, 56, 59-68.

8 Mu masaha ya nyuma y’ubuzima bwiwe, Yezu yarihanganiye umubabaro utagira uko ungana. Baramutonaguye, baramukubita mu buryo buvugwa ko «bwatuma umuntu agira ibikomere vyimbitse bimeze nk’ibirongorongo kandi akava amaraso menshi.» Yishwe mu buryo bwatuma «abanza kumara umwanya munini ababara cane imbere y’uko acikana.» Ibaze umubabaro yagize igihe bariko bamukomera imisumari minini ku maboko no ku maguru. (Yohani 19:1, 16-18) Iyumvire ukuntu yasogoswe n’umubabaro igihe bavyura ico giti umubiri wiwe wose ugaca wenena ku misumari, umugongo wiwe na wo wuzuye ibikomere ugaca wikuba kuri ico giti. Vyongeye, yagize uwo mubabaro utagira uko ungana asugerejwe na ya ntuntu twavuga mu ntango y’iki kigabane.

9. Bisobanura iki gutora «igiti co kubabarizwako» cacu tugakurikira Yezu?

9 Ni ibiki vyoshobora kuba ngombwa ko twihanganira twebwe abayoboke ba Kristu? Yezu yavuze ati: «Nimba hari uwushaka kunkurikira, . . . yikorere igiti ciwe co kubabarizwako hanyuma agume ankurikira.» (Matayo 16:24) Ng’aha iyo mvugo ngo «igiti co kubabarizwako» ikoreshejwe mu buryo bw’ikigereranyo, ikaba isigura umubabaro, isoni canke mbere urupfu. Gukurikira Kristu ntivyoroshe. Ingingo ngenderwako za gikirisu twisunga zituma tuba abatandukanye n’abandi. Iyi si iratwanka kuko tutari abayo. (Yohani 15:18-20; 1 Petero 4:4) Naho ari ukwo, turiteguriye gutora igiti cacu co kubabarizwako, ego cane, turiteguriye kubabazwa, eka mbere no gupfa, aho kureka gukurikira umwe Karorero wacu.​—2 Timoteyo 3:12.

10-12. (a) Kubera iki udusembwa tw’abari bakikuje Yezu twagerageje ukwihangana kwiwe? (b) Bimwebimwe mu bintu vyabereye Yezu ikigeragezo ni ibihe?

10 Mu gihe c’ubusuku bwa Yezu, yarahanganye n’ibindi bigeragezo bivuye ku dusembwa tw’abari bamukikuje. Uribuka yuko yari «umukozi w’umuhanga» Yehova yakoresheje mu kurema isi n’ibifise ubuzima vyose biri kuri yo. (Imigani 8:22-31) Yezu rero yari azi ko umugambi Yehova afitiye abantu ari uw’uko bagaragaza kamere ziwe kandi bakabaho bafise amagara atagira agahaze. (Itanguriro 1:26-28) Igihe Yezu yari kw’isi, yariboneye mu bundi buryo ingaruka zibabaje z’igicumuro: ubwiwe yari umuntu afise inyiyumvo nk’abandi bose. Ibaze ukuntu yababazwa no kwibonera ingene abantu basinzikaye abagereranije na Adamu na Eva bataracumura! Vyasaba rero ko yihangana. Yoba yaracitse intege agatana n’akabando, akabona ko abantu b’abacumuzi batakivayo? Reka tubirabe.

11 Ukutumva kw’Abayuda kwaratuntuje cane Yezu gushika n’aho akorora amosozi abantu babona. None yoba yararetse ukutabinegwa kwabo kukagabanya umwete wiwe canke kugatuma areka kwamamaza? Ahubwo nyabuna «yarigisha ku musi ku musi mu rusengero.» (Luka 19:41-44, 47) «[Yara]tuntujwe cane» n’ugukomantara kw’imitima y’Abafarizayo bari bamureretse bitonze ngo barabe ko akiza umugabo umwe kw’isabato. Yoba yaratewe ubwoba n’abo bantu bibona ubugororotsi bamurwanya? Uwokubesha! Yarashikamye arakiza uwo mugabo, ivyo abigirira neza na neza hagati mw’isinagogi!​—Mariko 3:1-5.

12 Ubugoyagoye bw’abigishwa ba Yezu ni ikindi kintu gitegerezwa kuba caramubereye ikigeragezo. Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 3, bagumye berekana ko bahahamira ubukuru. (Matayo 20:20-24; Luka 9:46) Yezu yarabahanuye akatari gake yuko bakwiye kwicisha bugufi. (Matayo 18:1-6; 20:25-28) Yamara ntibashotse bakurikiza iyo mpanuro. Ibaze na we: mw’ijoro rya nyuma yamaranye na bo, baratanguye «guharira cane» hagati yabo barondera kumenya uwari mukuru! (Luka 22:24) Yezu yoba yaciye abakurako amaboko, yibwira ko batakivayo? Oya. Yagumye yihangana yizigiye ko ibintu bizogenda neza, kandi aguma ababonamwo iciza. Yari azi ko bakunda Yehova be n’uko bashaka vy’ukuri gukora ivyo agomba.​—Luka 22:25-27.

Twoba tuzoreka abaturwanya ngo baduce intege, canke tuzobandanya kwamamaza n’umwete?

13. Ni ibigeragezo ibihe bisa n’ivyashikiye Yezu vyoshobora kudushikira?

13 Twoshobora gushikirwa n’ibigeragezo bisa n’ivyashikiye Yezu. Nk’akarorero, twoshobora guhura n’abantu batakira neza ubutumwa bw’Ubwami canke mbere baburwanya. Twoba tuzoreka iyo nyifato yabo ngo iduce intege, canke tuzobandanya kwamamaza n’umwete? (Tito 2:14) Twoshobora kugeragezwa n’udusembwa tw’abakirisu bagenzi bacu. Twoshobora kubabazwa n’ijambo umuntu avuze atiyumviriye canke ikintu akoze atabanje kuzirikana. (Imigani 12:18) Twoba tuzoreka ngo utunenge twabo dutume tubakurako amaboko, canke tuzobandanya kwirengagiza amakosa yabo no kubabonamwo iciza?​—Abakolosayi 3:13.

Icafashije Yezu kwihangana

14. Ni ibintu bibiri ibihe vyafashije Yezu kuguma ashikamye?

14 Ni igiki cafashije Yezu kuguma ashikamye no kugumana ugutungana kwiwe naho yateterejwe, agahemukirwa akongera akababazwa? Yafashijwe n’ibintu nyamukuru bibiri. Ubwa mbere, yahanze amaso Imana, yitura «ya Mana . . . itanga ukwihangana.» (Abaroma 15:5) Ubwa kabiri, yahanze amaso imbere, yibanda ku covuye mu kwihangana kwiwe. Reka turimbure ivyo bintu kimwekimwe ukwaco.

15, 16. (a) Ni igiki cerekana ko Yezu atihetse ku nkomezi ziwe kugira yihangane? (b) Ni igiki Yezu yizigira adakeka ku bijanye na Se, kandi kubera iki?

15 Naho Yezu yari Umwana w’Imana atunganye, ntiyihetse ku nkomezi ziwe bwite kugira yihangane. Ahubwo riho, yihetse kuri Se wiwe wo mw’ijuru yongera arasenga amusaba imfashanyo. Intumwa Pawulo yanditse ati: «Kristu . . . yaratakambiye Umwe yari ashoboye kumukiza urupfu yongera aramusaba, hariko n’amaborogo akomeye be n’amosozi.» (Abaheburayo 5:7) Urabona ko Yezu atasavye gusa, ahubwo yaratakamvye. Ijambo «yaratakambiye» ryerekeza ku kwinginga bivuye ku mutima kandi ushimitse, emwe, kwazamba usaba imfashanyo. Ijambo rihindurwa ngo «yaratakambiye» ryakoreshejwe mu gisomwa co mu ntango c’ikigiriki riri mu bwinshi, bikaba vyerekana ko Yezu yatakambiye Yehova kenshi. Kukaba nkako, mw’itongo ry’i Getsemani, Yezu yarasenze yisubiriza kandi abigiranye ubwira.​—Matayo 26:36-44.

16 Yezu yari yizigiye adakeka ko Yehova yokwumvise ugutakamba kwiwe, kuko yari azi ko Se wiwe «[y]umva amasengesho.» (Zaburi 65:2) Imbere y’uko aza kw’isi, yari yarabonye ingene Se wiwe yishura amasengesho y’abasavyi biwe b’intahemuka. Nk’akarorero, yaravyiboneye igihe Yehova yarungika umumarayika kugira yishure isengesho rivuye ku mutima ry’umuhanuzi Daniyeli, mbere Daniyeli ataranaheza gusenga. (Daniyeli 9:20, 21) Wumva none Se yari kureka kwishura Umwana wiwe w’ikinege amusukiye ibiri ku mutima «hariko n’amaborogo akomeye be n’amosozi»? Yehova yarishuye ugutakamba kw’Umwana wiwe mu kurungika umumarayika ngo amukomeze kugira yihanganire amakuba yarimwo.​—Luka 22:43.

17. Kubera iki dukwiye guhanga amaso Imana kugira idufashe kwihangana, kandi twobigira gute?

17 Kugira ngo twihangane, na twebwe dutegerezwa guhanga amaso ya Mana “itanga ububasha.” (Abafilipi 4:13) Nimba Umwana w’Imana atunganye yarumva ko akeneye gutakambira Yehova ngo amufashe, hari akantu twebwe! Twoshobora gukenera gutakambira Yehova twisubiriza nk’uko Yezu yabigize. (Matayo 7:7) Naho tutokwitega ko umumarayika yoca ahaseruka, turashobora kwemera iki kintu tudakeka: Imana yacu y’urukundo izokwishura intakambo z’umukirisu w’intahemuka «[abandanya] kuyitakambira no kuyisenga ijoro n’umurango.» (1 Timoteyo 5:5) Naho twoshikirwa n’ibigeragezo nyabaki, nk’indwara, ukubura uwacu canke guhamwa n’abaturwanya, Yehova azokwishura amasengesho duturana ubwira tumusaba ubukerebutsi, umutima rugabo n’inkomezi kugira twihangane.​—2 Abakorinto 4:7-11; Yakobo 1:5.

Yehova azokwishura amasengesho duturana ubwira tumusaba ngo adufashe kwihangana

18. Ni mu buryo ki Yezu yarengeye umubabaro, agahanga amaso ibiri imbere?

18 Ikintu kigira kabiri cafashije Yezu kwihangana ni uko yarengeye umubabaro agahanga amaso ibiri imbere. Bibiliya ivuga ku bijanye na Yezu iti: «Kubera akanyamuneza yashizwe imbere yarihanganiye igiti co kubabarizwako.» (Abaheburayo 12:2) Akarorero ka Yezu karerekana ingene icizigiro, akanyamuneza be n’ukwihangana bikorana. Muri make, twobivuga muri ubu buryo: Icizigiro gituma tugira akanyamuneza, akanyamuneza na ko kagatuma twihangana. (Abaroma 15:13; Abakolosayi 1:11) Yezu yari yiteze ibintu vyiza igitangaza. Yari azi ko agumye ari umwizigirwa vyomufashije kweza izina rya Se bikanatuma ashobora gukiza abantu icaha n’urupfu. Yezu kandi yari yiteze kuba Umwami n’Umuherezi mukuru, bikaba vyotumye aronsa n’ibindi vyiza abantu bagamburuka. (Matayo 20:28; Abaheburayo 7:23-26) Guhanga amaso ivyo vyiza vyari bimurindiriye be n’ico cizigiro yari afise, vyaratumye agira akanyamuneza ntangere, ako kanyamuneza na ko gatuma yihangana.

19. Igihe turi mu bigeragezo, ni gute tworeka icizigiro, akanyamuneza be n’ukwihangana bigakorana kugira bidufashe?

19 Nk’uko Yezu yabigize, turakeneye kureka icizigiro, akanyamuneza be n’ukwihangana bigakorana kugira bidufashe. Intumwa Pawulo yavuze ati: «Nimunezerwe kubera icizigiro.» Yaciye yongerako ati: «Mwihangane mu makuba.» (Abaroma 12:12) Woba uriko urashikirwa n’ikigeragezo gikomeye? Nukore uko ushoboye rero uhange amaso ibiri imbere. Nugume ubona ingene ukwihangana kwawe kuzotuma izina rya Yehova rishemezwa. Nugumize amaso ku cizigiro ciza cane c’Ubwami. Niwibone uri mw’isi nshasha yimirije y’Imana, wongere wihe ishusho wibereye mu vyiza vyo mw’Iparadizo. Kubona mu bwenge iranguka ry’ivyiza Yehova yasezeranye, harimwo ukwezwa kw’izina ryiwe, ugukurwaho kw’ububisha kw’isi, n’ugukurwaho kw’indwara n’urupfu, bizotuma ugira akanyamuneza kenshi mu mutima, ako kanyamuneza na ko kagufashe kwihangana naho woshikirwa n’ibigeragezo nyabaki. Vy’ukuri, imibabaro yose yo muri iyi si uyigereranije n’iranguka ry’icizigiro c’Ubwami, “ni iy’akanya gato kandi irahwahutse.”​—2 Abakorinto 4:17.

“Nukurikire neza intambuko ziwe”

20, 21. Ku bijanye n’ukwihangana, ni igiki Yehova atwitezeko, kandi dukwiye kugira umwiyemezo uwuhe?

20 Yezu yari azi ko kuba umuyoboke wiwe bitobaye vyoroshe, ko vyosavye ukwihangana. (Yohani 15:20) Yari yiteguriye gutanga akarorero, azi ko ako karorero kiwe kokomeje abandi. (Yohani 16:33) Ni ivy’ukuri ko Yezu yatanze akarorero gatunganye mu bijanye n’ukwihangana, ariko twebwe ntidutunganye na gato. None Yehova atwitezeko iki? Petero asigura ati: «Kristu yababajwe ku bwanyu, aba abasigiye akarorero kugira mukurikire neza intambuko ziwe.» (1 Petero 2:21) Mu kuntu Yezu yihanganiye ibigeragezo, yaradusigiye «akarorero», ni ukuvuga icitegererezo twokwigana. a Ukwihangana yagaragaje kwogereranywa n’«intambuko» canke amakanda. Ntidushobora gukurikira intambuko ziwe ata gahaze, ariko turashobora kugerageza kuzikurikira «neza.»

21 Nimuze rero twiyemeze gukurikira akarorero ka Yezu uko dushoboye kwose. Ntitwigere twibagira ko uko turushiriza gukurikira neza intambuko za Yezu ari ko turushiriza kuronka ivyankenerwa kugira twihangane «gushika kw’iherezo», ryaba ari iherezo ry’iyi si ishaje canke iry’ubuzima bwacu bw’ubu. Ntituzi ikizotangura gushika ico ari co, ariko ico tuzi co ni iki: Yehova azoduha impera ibihe bidahera kubera ukwihanga kwacu.​—Matayo 24:13.

a Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «akarorero» urifashe uko riri risobanura «icandiko c’indorerwako.» Intumwa Petero ni we mwanditsi w’Ivyanditswe vy’ikigiriki wenyene akoresha iryo jambo, bikaba bivugwa ko risobanura «“icandiko c’indorerwako” ciza cane co mw’ikaye y’imyimenyerezo umwana ategerezwa kwigana neza uko ashoboye kwose.»