Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 6

«Yarize kugamburuka»

«Yarize kugamburuka»

1, 2. Kubera iki umuvyeyi akunda umwana wiwe ahimbarwa no kubona amugamburukira, kandi ni mu buryo ki ukwo kuntu yiyumva ari na kwo Yehova yiyumva?

 SEBIBONDO ariko arabira mw’idirisha agahungu kiwe kariko karakina n’abagenzi. Umupira bariko barakina utarikiye mw’ibarabara. Nya gahungu karawitegereje, bikanka mu nda. Umwe mu bagenzi bako akabwiye ngo kiruke mw’ibarabara kuwutora, ariko karazunza umutwe, kakamubwira gati: «Barambujije kujayo.» Se wako aho ari, aciye amwenyurira mu mutima.

2 Kubera iki se wako anezerewe cane? Kubera ko yakabujije kuja mw’ibarabara ari konyene. Igihe se abonye ko ako gahungu kiwe kagamburutse kandi katazi ko ariko arakitegereza, aca amenya ko kariko kariga kugamburuka bigatuma kirinda impanuka. Ukuntu uwo muvyeyi yiyumva ni ko na Dawe wacu wo mw’ijuru Yehova yiyumva. Imana irazi ko dutegerezwa kwiga kuyizigira no kuyigamburukira kugira ngo tugume turi abizigirwa maze tubone kuronka ibintu vyiza igitangaza itubikiye. (Imigani 3:5, 6) Ni co gituma yaturungikiye wa mwigisha mwiza kuruta abandi bose.

3, 4. Ni mu buryo ki Yezu «[yize] kugamburuka» kandi “akagirwa uwutagira akanenge”? Bitangire akarorero.

3 Bibiliya iravuga ikintu gitangaje ku bijanye na Yezu, iti: «Naho yari umwana wayo, yarize kugamburuka biciye ku mibabaro yamushikiye. Aho amariye kugirwa uwutagira akanenge, yacitse uwujejwe kuronsa ubukiriro bw’ibihe bidahera abamugamburukira bose.» (Abaheburayo 5:8, 9) Uwo Mwana yari yarabaye mw’ijuru imyaka idaharurika. Yarabonye ingene Shetani n’abamarayika bagenziwe b’abagarariji bagambaraye, ariko uwo Mwana w’imfura ntiyigeze yifatanya na bo. Hari ubuhanuzi bwahumetswe bumwerekezako aya majambo agira ati: «Sinagarariza.» (Yesaya 50:5) Ni gute none uwo Mwana agamburuka mu buryo butagira agahaze vyovugwa ko «[yize] kugamburuka»? Ni mu buryo ubuhe uwo Mwana yaremwe atunganye yashoboye «kugirwa uwutagira akanenge»?

4 Rimbura aka karorero. Umusirikare afise inkota y’icuma. Naho iyo nkota itarakoreshwa mu ntambara, yahinguwe neza cane. Ariko rero, ayikavye n’iyindi ikozwe mu cuma gikomeye kuruta. Iyo nkota nshasha iramaze kugaragara ko ari kirumara mu ntambara. None wumva uwo musirikare atagize ikintu kiranga ubukerebutsi? Muri ubwo buryo nyene, ukugamburuka Yezu yagaragaje imbere y’uko aza kw’isi ntikwagira akanenge. Ariko amaze kuza kw’isi, ukugamburuka kwiwe kwariyongereyeko ikindi kintu gikomeye. Kwaragejejwe, kukaba ari nk’aho kwakomejwe n’ibigeragezo Yezu atari kwigera ahura na vyo mw’ijuru.

5. Ni igiki catumye ukugamburuka kwa Yezu kuba ikintu gihambaye cane, kandi tugiye kurimbura iki muri iki kigabane?

5 Mu gikorwa Yezu yashinzwe co kuza kw’isi vyari bihambaye cane ko agamburuka. Kubera ko Yezu ari «Adamu wa nyuma», yaje kw’isi kugira akore ivyo abavyeyi bacu ba mbere bananiwe gukora, ni ukuvuga kuguma agamburukira Yehova Imana mbere no mu bigeragezo. (1 Abakorinto 15:45) Ariko rero, ukugamburuka kwa Yezu ntikwari ukwo guheza umwuga. Yezu yaragamburutse n’umuzirikanyi wiwe wose, n’umutima wiwe wose be n’ubuzima bwiwe bwose, kandi abigirana umunezero. Kuri we, gukora ivyo Se agomba vyari bihambaye kuruta gufungura! (Yohani 4:34) Ni igiki kizodufasha kwigana ukugamburuka kwa Yezu? Reka tubanze turimbure imvo zatuma agamburuka. Nitwagamburuka tubitumwe n’imvo nk’iziwe, bizodufasha kunanira inyosha mbi no gukora ivyo Imana igomba. Mu nyuma turaza kuraba ivyiza biva ku kugamburuka nk’ukwa Kristu.

Imvo zatuma Yezu agamburuka

6, 7. Zimwezimwe mu mvo zatuma Yezu agamburuka ni izihe?

6 Yezu yagamburuka abitumwe na kamere nziza zari muri we. Nk’uko twabibonye mu kigabane ca 3, Kristu yaricisha bugufi mu mutima. Ubwibone butuma abantu basuzugura ivyo kugamburuka, yamara ukwicisha bugufi kuradufasha kugamburukira Yehova tubikunze. (Kuvayo 5:1, 2; 1 Petero 5:5, 6) Vyongeye, Yezu yagamburuka abitumwe n’ivyo yakunda be n’ivyo yanka.

7 Ikiruta vyose, Yezu yarakunda Se wiwe wo mw’ijuru Yehova. Ivy’urwo rukundo tuzobirumbura neza mu kigabane ca 13. Urwo rukundo ni rwo rwatumye Yezu atinya Imana. Yarakunda Yehova cane, akamwubaha cane, ku buryo yatinya kutamuhimbara. Ugutinya Imana kuri mu vyatumye amasengesho yiwe yumvirwa. (Abaheburayo 5:7) Ugutinya Yehova kandi ni ikintu kiranga ubutegetsi bwa Yezu Umwami Mesiya.​—Yesaya 11:3.

Uburyo bwo kwisamaza uhitamwo bwoba bwerekana ko wanka ikibi?

8, 9. Nk’uko vyari vyaravuzwe, Yezu yiyumva gute ku bijanye n’ubugororotsi be n’ububisha, kandi yagaragaje gute izo nyiyumvo?

8 Gukunda Yehova birimwo no kwanka ivyo yanka. Raba nk’akarorero ubu buhanuzi bwavuzwe ku bijanye n’Umwami Mesiya: «Wakunze ubugororotsi, wanka ububisha. Ni co gituma Imana, Imana yawe, yakurobanuje amavuta y’umunezero kuruta bagenzawe.» (Zaburi 45:7) Abo «bagenzi» ba Yezu bari abandi bami baturuka mu muryango w’umwami Dawidi. Igihe Yezu yarobanuzwa amavuta, yararonse imvo yo kugira umwigino ari wo munezero mwinshi, kuruta abo bandi bose. Uti kubera iki? Impembo yiwe iraruta kure n’iyo iyabo, ubwami bwiwe na bwo bukaba buzana ivyiza vyinshi cane kuruta. Ahabwa impembo kubera ko urukundo akunda ubugororotsi be n’urwanko yanka ububisha vyatumye agamburukira Imana muri vyose.

9 None Yezu yerekanye gute ukuntu yiyumva ku bijanye n’ubugororotsi be n’ububisha? Nk’akarorero, yavyakiriye gute igihe abayoboke biwe bagamburuka ubuyobozi yabahaye mu gikorwa co kwamamaza bigatuma bererwa? Yaragize umunezero mwinshi. (Luka 10:1, 17, 21) Igihe na ho abantu b’i Yeruzalemu baguma bagarariza, ntibitabire utwigoro yagirana urukundo kugira abafashe, yumvise amerewe gute? Yarakoroye amosozi kubera ubugarariji bw’ico gisagara. (Luka 19:41, 42) Ikibi n’iciza vyaragira ikintu kinini bikoze kuri Yezu.

10. Dukwiye kwiyumva gute ku bijanye n’ivyiza be n’ibibi, kandi ni igiki kizobidufashamwo?

10 Kuzirikana kuri ukwo kuntu Yezu yiyumva biradufasha gusuzuma imvo zituma tugamburukira Yehova. Naho turi abanyagasembwa, turashobora kwihata tugakunda cane ivyiza kandi tukanka rwose inyifato mbi. Turakeneye gusenga Yehova tumusaba ngo adufashe kurushiriza kubona ibintu nk’uko we hamwe n’Umwana wiwe babibona. (Zaburi 51:10) Muri ico gihe nyene, turakeneye kwirinda inyosha mbi zohava zitubuza kubona ibintu muri ubwo buryo. Birahambaye cane ko duhitamwo twitonze uburyo bwo kwisamaza be n’abagenzi bacu. (Imigani 13:20; Abafilipi 4:8) Nitwagamburuka tubitumwe n’imvo nk’iza Kristu, ukugamburuka kwacu ntikuzoba ukwo kwikurayo. Tuzokora ibigororotse kubera yuko tubikunda. Ntituzokwirinda gukora ibibi kubera dutinya gufatwa, ariko tuzovyirinda kubera yuko twanka iyo ngendo.

«Nta gicumuro yakoze»

11, 12. (a) Ni igiki cashikiye Yezu mu ntango y’ubusuku bwiwe? (b) Ubwa mbere Shetani yagerageje gute Yezu, kandi yakoresheje amayeri ayahe?

11 Urwanko Yezu yanka igicumuro rwaragejejwe mu ntango y’ubusuku bwiwe. Ahejeje kubatizwa, yaciye amara imisi 40 n’amajoro 40 mu gahinga ata co atamira. Ico kiringo giheze, Shetani yaciye aza kumugerageza. Raba amayeri yakoresheje.​—Matayo 4:1-11.

12 Ubwa mbere, yavuze ati: «Nimba uri umwana w’Imana, bwira aya mabuye acike imikate.» (Matayo 4:3) None Yezu yari amerewe gute inyuma y’ico kiringo kirekire co kwisonzesha? Bibiliya ivuga itomora ko “yari ashonje.” (Matayo 4:2) Shetani rero yafatiye ku cipfuzo dusanganywe co gufungura, ata gukeka akaba yarindiriye nkana ko Yezu abanza kugera habi. Raba kandi ukuntu yamucokoye, ati: «Nimba uri umwana w’Imana.» Shetani yari azi ko Yezu ari «imfura mu vyaremwe vyose.» (Abakolosayi 1:15) Yamara rero, Yezu ntiyaretse ngo ako gacokoro ka Shetani gatume agambarara. Yari azi ko Imana itagomba ko akoresha ububasha bwiwe ku bw’inyungu ziwe bwite. Yaranse kugira ico kintu, aba yerekanye ko yiheka kuri Yehova yicishije bugufi ngo amuronse ivyo akeneye yongere amuhe ubuyobozi.​—Matayo 4:4.

13-15. (a) Shetani yagerageje gute Yezu ubwa kabiri n’ubwa gatatu, kandi Yezu yavyifashemwo gute? (b) Tuzi gute ko Yezu atigeze asamara ngo Shetani amuce mu ryahumye?

13 Ubugira kabiri, Shetani yajanye Yezu ahantu hakirurutse hejuru ku rusengero. Yaragoretse Ijambo ry’Imana n’uruyeri n’akantu, arosha Yezu ngo yiyerekane mu kwikororera hasi avuye aho hantu ngo abamarayika bamusame. Iyo amasinzi yari ku rusengero abona ico gitangaro, ubwo hari uwokwubahutse gusubira gukekeranya ko Yezu yari Mesiya yasezeranywe? Vyongeye, iyo ayo masinzi yemera ko Yezu ari Mesiya kubera abonye ico gitangaro, ubwo ntivyotumye Yezu yirinda ingorane zitari nke? Kumbure. Ariko Yezu yari azi ko Yehova agomba ko Mesiya arangura igikorwa ciwe yicishije bugufi, ntatume abantu bamwemera kubera akora ibintu bitangaje. (Yesaya 42:1, 2) N’ico gihe nyene Yezu yaranse kugambararira Yehova. Ntiyahahamira ivyo kuba rurangiranwa.

14 Ariko tuvuge iki ku vy’uguhahamira ubukuru? Ubugira gatatu, Shetani yaremereye Yezu ubwami bwose bwo mw’isi aramutse amusenze. Yezu none yoba yaranafashe akanya ko kuzirikana kuri ico kintu Shetani yari amwemereye? Yishuye ati: «Mvako Shetani!» Yaciye yongerako ati: «Kuko vyanditswe ngo: “Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.”» (Matayo 4:10) Nta kintu na kimwe cari kwigera gikwegakwega Yezu ngo asenge iyindi mana. Kwemererwa ubukuru canke ubutegetsi bwo muri iyi si ntivyari gushobora gutuma Yezu agambarara.

15 Shetani yoba yarateshejwe agata? Ego ni ko, yaragiye kubera ko Yezu yari abimutegetse. Ariko rero, Injili ya Luka ivuga yuko «[yamuretse] aragenda gushika aronse akandi karyo keza.» (Luka 4:13) Emwe, Shetani yoronse utundi turyo two kugeza no kugerageza Yezu gushika kw’iherezo. Bibiliya itubwira ko Yezu «yagejejwe mu mice yose.» (Abaheburayo 4:15) Yezu rero ntiyigeze asamara, kandi na twebwe ntidukwiye gusamara.

16. Shetani agerageza gute abasavyi b’Imana muri iki gihe, kandi twokwamirira kure gute amayeri yiwe?

16 Shetani arabandanya kugerageza abasavyi b’Imana muri iki gihe. Ikibabaje, agasembwa kacu akenshi karatuma bimworohera kutugerageza. Shetani abigiranye uruyeri arafatira ku bwikunzi, ku bwibone no ku guhahamira ubukuru. Afatiye ku gatima ko guhahamira amaronko, yoshobora mbere gukoresha ivyo bintu vyose icarimwe! Birahambaye ko rimwe na rimwe dufata akanya ko kwisuzuma tutibesha. Vyoba vyiza tuzirikanye ku majambo dusanga muri 1 Yohani 2:15-17. Igihe twisuzuma, twoshobora kwibaza duti: «Ivyipfuzo vy’umubiri vyo muri iyi si, ni ukuvuga uguhahamira amaronko, be n’icipfuzo co gutangaza abandi, ntivyoba vyaragabanije ku rugero runaka urukundo nkunda Data wa twese wo mw’ijuru?» Turakwiye kwibuka ko iyi si iriko irarengana, kandi n’umutware wayo Shetani ni ukwo. Nimuze twamirire kure amayeri akoresha ngo atwoshe gukora igicumuro! Ese twofatira akarorero kuri Databuja, kuko «[a]ta gicumuro yakoze.»​—1 Petero 2:22.

«Nama nkora ibimuhimbara»

17. Yezu yabona gute ibijanye no kugamburukira Se, ariko bamwebamwe boshobora kuvuga iki?

17 Kugamburuka ntibigarukira gusa ku kwirinda igicumuro; Kristu yarubahiriza amategeko yose ya Se abigiranye umwete. Yavuze ati: «Nama nkora ibimuhimbara.» (Yohani 8:29) Ukwo kugamburuka kwaratuma agira umunezero mwinshi. Ego ni ko, hari abovuga ko Yezu bitamugora cane kugamburuka. Boshobora kuvuga ko wewe yasabwa kugamburukira Yehova gusa, uno na we akaba atunganye, mu gihe twebwe akenshi tubwirizwa kugamburukira abantu badatunganye badufiseko ubukuru. Ariko rero ikizwi ni uko Yezu yagamburukiye abantu b’abanyagasembwa bari bafise ubukuru.

18. Mu bijanye no kugamburuka, ni akarorero akahe Yezu yatanze akiri muto?

18 Igihe Yezu yariko arakura, yari munsi y’ubukuru bw’abavyeyi biwe b’abanyagasembwa, ari bo Yozefu na Mariya. Birashoboka ko yabona utunenge twabo kuruta abandi bana bose. Yoba yaragararije, akarenga akarimbi Imana ishingira abana, akabwira abavyeyi biwe ingene bakwiye kwitwararika umuryango? Raba ivyo muri Luka 2:51 havuga ku bijanye na Yezu igihe yari afise imyaka 12. Hagira hati: «Abandanya kubagamburukira.» Ukugamburuka kwiwe ni akarorero keza ku bakirisu bakiri bato bagerageza kugamburukira abavyeyi babo bakabaha n’icubahiro bakwiriye.​—Abanyefeso 6:1, 2.

19, 20. (a) Yezu yahuye n’ingorane zidasanzwe izihe mu bijanye no kugamburukira abantu b’abanyagasembwa? (b) Kubera iki muri iki gihe abakirisu b’ukuri bakwiye kugamburukira ababaja imbere?

19 Ku bijanye no kugamburukira abantu b’abanyagasembwa, Yezu yarahanganye n’ingorane zitigera zishikira abakirisu b’ukuri muri iki gihe. Rimbura ibihe bitoroshe yabayemwo. Idini ry’Abayuda, ushizemwo n’urusengero rwari i Yeruzalemu be n’ubuherezi bwaho, ryari rimaze igihe kirekire ryemerwa na Yehova mugabo ryari rigiye gukurwaho rigasubirirwa n’ishengero rya gikirisu. (Matayo 23:33-38) Muri ico gihe, benshi mu ndongozi z’idini bariko bigisha ibinyoma bishingiye kuri filozofiya y’Abagiriki. Ubusuma bwari bwiraye mu rusengero ku buryo Yezu yarwise «isenga ry’abambuzi.» (Mariko 11:17) None Yezu yoba yaciye areka kuja kuri urwo rusengero no mu masinagogi? Oya! Yehova yari agikoresha izo nyubakwa. Kubera ko Imana itari bwagire ico ikoze ngo ihindure ibintu, Yezu yaragamburuka akitaba imisi mikuru yabera ku rusengero akaja no kw’isinagogi.​—Luka 4:16; Yohani 5:1.

20 Nimba Yezu yaragamburuka mu bihe nk’ivyo, wumva abakirisu b’ukuri badakwiye kurushiriza kugamburuka muri iki gihe? Nakare, tubayeho mu gihe gitandukanye cane n’ico yabayemwo, igihe cari caravuzwe kuva kera co gusubizaho ugusenga gutyoroye. Imana iradukura amazinda ko itazokwigera ireka Shetani ngo yonone abasavyi bayo basubijwe umutamana. (Yesaya 2:1, 2; 54:17) Ego ni ko ishengero rya gikirisu rigizwe n’abantu b’abacumuzi kandi b’abanyagasembwa. Ariko none, twoba dukwiye kwitwaza amakosa y’abandi kugira ngo tugambararire Yehova, kumbure mu gusiba amakoraniro ya gikirisu canke mu kunebagura abakurambere? Ntibikabe! Ahubwo riho, turashigikira tubikuye ku mutima abaja imbere abandi mw’ishengero. Tubigiranye ukugamburuka, turitaba amakoraniro ya gikirisu n’amateraniro tukongera tugashira mu ngiro impanuro zishingiye ku Vyanditswe tuharonkera.​—Abaheburayo 10:24, 25; 13:17.

Ukugamburuka kuratuma dushira mu ngiro ivyo twigira ku makoraniro ya gikirisu

21. Yezu yavyifatamwo gute igihe abantu baba bamuremereye ngo agambararire Imana, aba adusigiye akarorero akahe?

21 Yezu ntiyigeze areka abantu, mbere n’abagenzi biyumvira ko bamushakira ineza, ngo bamubuze kugamburukira Yehova. Nk’akarorero, intumwa Petero yaragerageje kumujijura ko bitari bikenewe yuko ababazwa kandi agapfa. Yezu yaramiriye kure ashikamye iyo mpanuro itabereye Petero yari amuhaye yibaza ko amushakira ineza. (Matayo 16:21-23) Muri iki gihe, akenshi incuti z’abayoboke ba Yezu zibaza ko zibipfuriza ineza ziragerageza kubajijura ngo ntibagamburuke amategeko y’Imana n’ingingo ngenderwako zayo. Umwiyemezo wacu ni nk’umwe w’abayoboke ba Yezu bo mu kinjana ca mbere: «Dutegerezwa kugamburukira Imana aho kugamburukira abantu.»​—Ivyakozwe 5:29.

Ivyiza biva ku kugamburuka nk’ukwa Kristu

22. Yezu yatanze inyishu y’ikibazo ikihe, kandi gute?

22 Igihe Yezu yari ahanganye n’urupfu, ukugamburuka kwiwe kwarageragejwe ku rugero rw’agaheta. Kuri uwo musi w’amakuba, «yarize kugamburuka» nya kugamburuka. Yakoze ivyo Se agomba, atari ivyo we agomba. (Luka 22:42) Ico gihe yaragaragaje ugutungana kutagira agahaze. (1 Timoteyo 3:16) Yaratanze inyishu ya ca kibazo cavyutse kuva kera na rindi, ari co c’iki: Umuntu atunganye yoba ashobora kuguma agamburukira Yehova no mu kigeragezo? Adamu na Eva vyari vyarabananiye. Yezu rero yaciye aza, araba ng’aha kw’isi, arapfa, maze arishura ico kibazo. Ico kiremwa gihambaye mu biremwa vyose vya Yehova caratanze inyishu ruhasha. Yaragamburutse mbere n’igihe vyasavye ko aheba ubuzima bwiwe.

23-25. (a) Ukugamburuka gufitaniye isano gute n’ugutungana? Bitangire akarorero. (b) Ni ibiki twihweza mu kigabane gikurikira?

23 Ugutangana, ari kwo kwihebera Yehova n’umutima wose, kugaragarira mu kugamburuka. Kubera ko Yezu yagamburutse, yarazigamye ugutungana kwiwe maze abantu bose baravyungukirako. (Abaroma 5:19) Yehova yarahaye Yezu impera nyinshi. Nitwagamburukira Databuja Kristu, na twebwe Yehova azoduha impera. Kugamburukira Kristu bishikana ku «bukiriro bw’ibihe bidahera»!​—Abaheburayo 5:9.

24 Uretse n’ivyo, ugutungana ubwakwo ni impera. Mu Migani 10:9 havuga hati: «Umuntu w’intungane azokwiberaho mu mutekano.» Ugutungana kwogereranywa n’inyubakwa nini cane y’amatafari meza, igikorwa kimwekimwe cose c’ukugamburuka na co kikagereranywa n’itafari rimwerimwe muri yo. Itafari rimwe ryoshobora gusa n’uko ata co rivuze, ariko itafari rimwerimwe ryose riba rifise akamaro karyo. Vyongeye, iyo amatafari menshi agiye hamwe, avamwo inyubakwa y’agaciro kanini. Iyo tugiye turakora ibikorwa vy’ukugamburuka, kimwe tucongera ku kindi, umusi ku wundi, umwaka ku wundi, tuba turiko turubaka ugutungana kwacu, ukwo twogereranya n’inzu nziza cane.

25 Iyo umuntu amaze igihe kirekire agamburuka bica bitwibutsa iyindi kamere, ni ukuvuga ukwihangana. Iyo kamere ni yo twihweza mu kigabane gikurikira, ikaba iri mu bigize akarorero Yezu yadusigiye.