Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 2

«Yigisha . . . yongera yamamaza inkuru nziza»

«Yigisha . . . yongera yamamaza inkuru nziza»

Umubaji. Uwukora ibitangaro. Uwukiza abarwaye. Yezu yarakoze ivyo bintu vyose be n’ibindi. Ariko rero, abantu ntibakoresha izo mvugo mu kumudondora. Bamwita Mwigisha. Kukaba nkako, igikorwa yakora mu buzima cari ico “kwigisha no kwamamaza inkuru nziza.” (Matayo 4:23) Kubera ko turi abayoboke ba Yezu, dutegerezwa gukora ico gikorwa nyene. Muri iki gihimba, tuzokwihweza akarorero yatanze, kano kakaba katwereka ukuntu twogikora.