Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 12

«Nta kintu yababwira adakoresheje ikigereranyo»

«Nta kintu yababwira adakoresheje ikigereranyo»

1-3. (a) Abigishwa bagendanye na Yezu bari bafise agateka k’imbonekarimwe akahe, kandi ni gute yatumye biborohera kwibuka ivyo yabigisha? (b) Ni kubera iki ibigereranyo ngirakamaro usanga vyoroshe kwibuka?

 ABIGISHWA bagendanye na Yezu bari bafise agateka k’imbonekarimwe. Barigishijwe na wa Mwigisha Ahambaye ubwiwe. Bariyumviye ijwi ryiwe igihe yabasigurira Ijambo ry’Imana akongera akabigisha ukuri kweza umutima. Ico gihe, bategerezwa kugumiza mu bwenge no mu mitima yabo amajambo ahambaye yababwira kuko hatari bwagere ko ashirwa mu nyandiko. a Ariko rero, Yezu yaratumye biborohera kwibuka ivyo yabigisha. Uti gute? Yabigize biciye ku kuntu yigisha, na canecane ingene yakoresha ibigereranyo abigiranye ubuhanga.

2 Mu vy’ukuri, ibigereranyo vyiza ntivyibagirwa ningoga na ningoga. Umwanditsi umwe yavuze ko ibigereranyo «bituma amatwi aba nk’amaso» be n’uko «bifasha abumviriza kubona mu bwenge ibiriko biravugwa.» Kubera yuko akenshi bitworohera gutahura ikintu igihe dushobora kwiha ishusho yaco, ibigereranyo birashobora mbere gutuma bitworohera gutahura ibintu bidafadika. Ibigereranyo birashobora kwongereza insobanuro y’amajambo, bikatwigisha ibintu bidahanagurika mu bwenge bwacu.

3 Nta mwigisha n’umwe wo kw’isi arigera akoresha ibigereranyo abigiranye ubuhanga nka Yezu Kristu. Gushika n’ubu, abantu baracibuka ibigereranyo yakoresheje. Ni kubera iki Yezu yokoresha cane ubwo buhinga bwo kwigisha? Ni igiki catuma ibigereranyo vyiwe biba ngirakamaro cane? Twokwiga gute gukoresha ubwo buhinga bwo kwigisha?

Icatuma Yezu yigisha akoresheje ibigereranyo

4, 5. Ni kubera iki Yezu yakoresha ibigereranyo?

4 Bibiliya iratanga imvo nyamukuru zibiri zatuma Yezu akoresha ibigereranyo. Ubwa mbere, yabigira kugira ashitse ubuhanuzi. Muri Matayo 13:34, 35 havuga hati: «Yezu [yabwira] amasinzi mu bigereranyo. Nta kintu yababwira adakoresheje ibigereranyo, kugira haranguke ivyo umuhanuzi yari yaravuze ati: “Ngira nteranure akanwa mvugire mu bigereranyo.”» Uwo muhanuzi avugwa na Matayo ni uwanditse Zaburi 78:2. Uwo mwanditsi wa zaburi ivyo yavyanditse ahumekewe n’impwemu y’Imana hagisigaye ibinjana bitari bike ngo Yezu avuke. Rimbura ico ivyo bisobanura. Hagisigaye imyaka amajana, Yehova yari yarashinze ko Mesiya yokwigishije akoresheje ibigereranyo. Nta gukeka rero ko Yehova aha agaciro ubwo buhinga bwo kwigisha.

5 Ubwa kabiri, Yezu yarasiguye ko yakoresha ibigereranyo kugira ataramure abantu b’umutima «udadaraye.» (Matayo 13:10-15; Yesaya 6:9, 10) Ni gute ibigereranyo yakoresha vyashira ku kabarore imvo mbi abantu bakorana ibintu? Mu bihe bimwebimwe, yaba ashaka ko abamwumviriza basaba insiguro kugira batahure neza insobanuro y’ivyo yaba avuze. Abantu bicisha bugufi baramubaza, ariko abanyabwibone canke abatabinezwe nta vyo bagira. (Matayo 13:36; Mariko 4:34) Ibigereranyo vya Yezu rero vyarahishuriye ukuri abari bakunyotewe, muri ico gihe nyene birahisha ukuri abanyabwibone.

6. Ibigereranyo vya Yezu vyatuma ashika ku vyiza ibihe?

6 Ibigereranyo vya Yezu vyaratuma ashika no ku bindi vyiza. Vyaratuma abantu bashimishwa, bigatuma bamutega yompi. Vyarafasha abantu kubona mu bwenge ibiriko biravugwa, bigaca biborohera gutahura. Nk’uko twabibonye mu ntangamarara, ibigereranyo vyiwe vyarafasha abamwumviriza kwibuka ivyo yavuze. Ya Nsiguro yo ku Musozi yanditswe muri Matayo 5:3–7:27, ni akarorero kaboneka k’ukuntu Yezu yakoresha cane imvugo ngereranyo. Twisunze itohoza rimwe ryagizwe, iyo nsiguro irimwo imvugo ngereranyo zirenga 50. Kugira ubone ico ivyo bisobanura, niwibuke ko iyo nsiguro umuntu ayisomye n’ijwi ryumvikana bishobora kumutwara iminuta nka 20. Ni nk’aho Yezu yaza arakoresha imvugo ngereranyo uko haciye amasegunda 20! Biratomoye rero ko yatahura agaciro ko gukoresha ibigereranyo!

7. Ni kubera iki twokwigana ukuntu Yezu yakoresha ibigereranyo?

7 Twebwe abayoboke ba Kristu, twipfuza kwigana uburyo yigisha, harimwo n’ukuntu yakoresha ibigereranyo. Nka kurya nyene ibirungo biryosha ibifungurwa, ni ko ibigereranyo ngirakamaro bishobora gutuma ivyo twigisha birushiriza kuryohera abandi. Imvugo ngereranyo ziyumviriwe neza zirashobora kandi gutuma ukuri guhambaye kworoha gutahura. Reka ubu na ho turabe twitonze ibintu bimwebimwe vyatuma ibigereranyo vya Yezu biba ngirakamaro cane. Turaheza turabe ingene twokoresha neza ubwo buhinga ngirakamaro bwo kwigisha.

Yakoresha ingereranyo zoroshe

Yezu yakoresheje gute inyoni n’amashurwe kugira yerekane ko Imana itwitaho?

8, 9. Yezu yakoresheje gute ingereranyo zoroshe, kandi ni igiki catuma izo ngereranyo zigira akamaro cane?

8 Mu kwigisha, Yezu akenshi yarakoresha ingereranyo zidahanitse, zisaba amajambo make gusa. Yamara ayo majambo yoroshe yakoresha yaratuma umuntu abona mu bwenge ibiriko biravugwa, akanamufasha gutahura ukuri guhambaye kwo mu vy’impwemu. Nk’akarorero, igihe yariko ahimiriza abigishwa biwe kutiganyira ku bijanye n’ivyo bakenera mu buzima bwa misi yose, yafatiye ku «nyoni zo mu kirere» n’«amashurwe y’amalisi yo mw’ishamba.» Inyoni ntizibiba canke ngo zimbure, eka n’amalisi ntajisha. Ariko rero, Imana iravyitwararika. Iciyumviro kiratomoye, kikaba ari iki: Nimba Imana yitwararika inyoni n’amashurwe, nta gukeka ko izokwitwararika abantu «[baguma ba]banza kurondera Ubwami.»​—Matayo 6:26, 28-33.

9 Yezu kandi yarakoresha cane impinyanyuro mberanya, ikaba ari ingereranyo ikomeye kuruta. Impinyanyuro mberanya yumvikanisha ikintu kimwe nk’aho ari ikindi. No ng’aho nyene, Yezu yagereranya ibintu mu buryo bworoshe. Igihe kimwe, yabwiye abigishwa biwe ati: «Muri umuco w’isi.» Abo bigishwa ntibari kureka gutahura iciyumviro kiri muri iyo mpinyanyuro mberanya, ari co c’iki: Biciye ku vyo bavuga no ku vyo bakora, bari bakwiye kureka umuco w’ukuri kwo mu vy’impwemu ukamurikira abandi maze bigatuma Imana ininahazwa. (Matayo 5:14-16) Raba izindi mpinyanyuro mberanya Yezu yakoresheje: «Muri umunyu w’isi»; «Jewe ndi umuzabibu, namwe mukaba amashami.» (Matayo 5:13; Yohani 15:5) Izo ni imvugo ngereranyo zoroshe ariko zitekeye insobanuro ikomeye.

10. Tanga uburorero bw’ukuntu wokoresha ibigereranyo igihe wigisha.

10 Wokoresha gute ibigereranyo igihe wigisha? Ntibikenewe ko uvuga inkuru ndende kandi zihanitse. Niwiyumvire gusa ingereranyo zoroshe. Dufate ko uriko uganira n’umuntu ibijanye n’izuka, ukaba ushaka kumwereka ko Yehova bitomugora na gato kuzura abapfuye. Ni ingereranyo iyihe wokoresha? Urupfu Bibiliya irugereranya n’itiro. Woshobora rero kuvuga uti: «Nka kurya nyene bitotugora gukangura umuntu asinziriye ni ko n’Imana bitoyigora kuzura abapfuye.» (Yohani 11:11-14) Dufate ko ugomba kwereka umuntu ko abana bakeneye urukundo n’igishika kugira bamererwe neza. Ni akarorero akahe wokoresha? Bibiliya ivuga ko abana bameze «nk’imivyaro y’igiti c’umwelayo.» (Zaburi 128:3) Woshobora rero kuvuga uti: «Abana barakeneye urukundo n’igishika nka kurya nyene igiti gikeneye izuba n’amazi.» Uko ingereranyo irushiriza kuba iyoroshe, ni ko abakwumviriza birushiriza kuborohera kuyitahura.

Yarafatira ku biba mu buzima bwa misi yose

11. Tanga uburorero bwerekana ukuntu ibigereranyo vya Yezu vyari bifatiye ku bintu yabonye i Galilaya igihe yariko arakura.

11 Yezu yari umuhanga mu gukoresha ibigereranyo bijanye n’ibiba mu buzima bw’abantu. Vyinshi mu bigereranyo vyiwe vyari bifatiye ku bintu vyo mu buzima bwa misi yose ashobora kuba yarabonye i Galilaya igihe yariko arakura. Zirikana gato ku buzima bwiwe akiri umwana. Ni kangahe yabonye nyina ariko arasya intete, ashira umwambiro mu gikandu, adomeka itara, canke akubura mu nzu? (Matayo 13:33; 24:41; Luka 15:8) Ni kangahe yitegereje abarovyi bariko baraterera insenga zabo mu kiyaga c’i Galilaya? (Matayo 13:47) Ni kangahe yabonye abana bariko barakinira mu kaguriro? (Matayo 11:16) Nta gukeka ko Yezu yabonye n’ibindi bintu vyari bimenyerewe bivugwa mu bigereranyo vyinshi yakoresheje, nk’imbuto zibibwa, imanza z’ubugeni zihimbaye be n’intete zo mu mirima ziriko zirera ku zuba.​—Matayo 13:3-8; 25:1-12; Mariko 4:26-29.

12, 13. Kubera iki biri n’ico bivuze kuba Yezu yakoresheje ibarabara “ryava i Yeruzalemu rija i Yeriko” muri wa mugani w’Umusamariya w’imbabazi?

12 Mu bigereranyo vyiwe, Yezu yarashiramwo amakuru abamwumviriza bari bazi neza. Nk’akarorero, mu gutangura wa mugani w’Umusamariya w’imbabazi, yavuze ati: «Umuntu umwe yariko aramanuka ava i Yeruzalemu aja i Yeriko maze agwa mu bambuzi. Baca baramwiba bongera baramukubita, . . . bamusiga ari mu gupfa.» (Luka 10:30) Biri n’ico bivuze kubona Yezu yakoresheje ibarabara “ryava i Yeruzalemu rija i Yeriko.” Igihe yigana uwo mugani yari i Yudaya, hakaba hatari kure y’i Yeruzalemu. Abamwumviriza rero nta gukeka ko bari bazi iryo barabara. Vyari bizwi ko iryo barabara ryari ribi, canecane ku muntu ari wenyene. Ryari ibarabara ry’amakorosi rica mu gahinga ka nyaganande, bikaba vyatuma abambuzi baronka ahantu henshi bikinga.

13 Yezu yaravuze n’ibindi bintu vyari bimenyerewe bijanye n’iryo barabara “ryava i Yeruzalemu rija i Yeriko.” Nk’uko yabivuze, habanje kurengana umuherezi hanyuma Umulewi, ariko nta n’umwe yahagaze ngo afashe uwo muntu yari yaguye mu bambuzi. (Luka 10:31, 32) Abaherezi bakorera ku rusengero i Yeruzalemu, Abalewi na bo bakabafasha. Abaherezi n’Abalewi benshi wasanga baba i Yeriko igihe bataba bariko bakorera ku rusengero, hakaba hari ku bilometero 23 gusa uvuye i Yeruzalemu. Ku bw’ivyo, barakunda guca muri iryo barabara. Urabona kandi ko Yezu yavuze ko uwo muntu atariko araduga ahubwo ko «yariko aramanuka ava i Yeruzalemu.» Abariko baramwumviriza barabitahura neza. I Yeruzalemu hari hakirurutse kuruta i Yeriko. Igihe rero umuntu yaba ariko «ava i Yeruzalemu», vy’ukuri yaba ariko «aramanuka.» b Biraboneka ko Yezu yazirikana abamwumviriza.

14. Twozirikana gute abatwumviriza igihe dukoresha ibigereranyo?

14 Igihe dukoresha ibigereranyo, na twebwe dukwiye kuzirikana abatwumviriza. Ni nk’ibiki vyodufasha guhitamwo ibigereranyo? Turashobora kuraba imyaka bafise, imico yabo, ivyo bakuriyemwo canke ivyo bakora. Nk’akarorero, ikigereranyo kijanye n’ivy’uburimyi coshobora gutahurwa neza ahantu hagirirwa ivy’uburimyi kuruta mu bisagara bininibinini. Ibintu abatwumviriza babona hamwe n’ivyo bakora mu buzima bwa misi yose, nk’abana babo, amazu yabo, ukuntu bisamaza be n’ivyo bafungura, na vyo nyene twoshobora kubikuramwo ibigereranyo bibereye.

Yarafatira ku vyaremwe

15. Kubera iki bidatangaje kubona Yezu yari azi neza ibijanye n’ivyaremwe?

15 Vyinshi mu bigereranyo vya Yezu birerekana ubumenyi yari afise mu vyerekeye ibidukikije, ushizemwo ibiterwa, ibikoko be n’ibijanye n’ikirere. (Matayo 16:2, 3; Luka 12:24, 27) None ubwo bumenyi yabukuye he? Nta gukeka ko yaronse uturyo twinshi two kwihweza ivyaremwe igihe yariko arakura i Galilaya. Ariko canecane twibuke ko Yezu ari «imfura mu vyaremwe vyose», Yehova akaba yaramukoresheje nk’«umukozi w’umuhanga» mu kurema ibintu vyose. (Abakolosayi 1:15, 16; Imigani 8:30, 31) None wumva bitangaje kubona Yezu yari azi neza ibijanye n’ivyaremwe? Reka turabe ingene yakoresheje ubwo bumenyi abigiranye ubuhanga.

16, 17. (a) Ni igiki cerekana ko Yezu yari azi neza ingene intama zimeze? (b) Ni akarorero akahe kerekana ko intama zumviriza vy’ukuri ijwi ry’umwungere wazo?

16 Niwibuke ko Yezu yavuze ko ari «umwungere mwiza», abayoboke biwe na bo bakaba «intama.» Ivyo birerekana ko yari azi neza ingene intama zimeze. Yari azi ko umwungere n’intama ziwe baba bafitaniye ubucuti budasanzwe. Yaravuze ko ivyo bitungwa, ibirangwa n’ukwizigira umwungere wavyo, vyemera kuyoborwa kandi bikamukurikira bidakevya. Ni kubera iki intama zikurikira umwungere wazo? Yezu yavuze ati: «Kuko zizi ijwi ryiwe.» (Yohani 10:2-4, 11) Intama zoba vy’ukuri zimenya ijwi ry’umwungere wazo?

17 Uwitwa George A. Smith, afatiye ku vyo yiboneye, yanditse mu gitabu ciwe (The Historical Geography of the Holy Land) ati: «Rimwe na rimwe twaranezerwa mu karuhuko kacu ko ku mutaga hampande ya rimwe mu mariba y’i Yudaya, aho wasanga abungere batatu canke bane bamanukana imikuku yabo. Imikuku yose yaravangana, hanyuma tukibaza ukuntu umwungere wese yosubiye kumenya iziwe. Mugabo zimaze guhaga no gukina, abungere baca bakurikirana umwumwe wese akajana inzira yiwe muri nya kabande, hanyuma umwe wese agahamagara uko asanzwe ahamagara; intama z’umwungere wese zaca zisobanura mu zindi zigakurikira umwungere wazo.» Nta kigereranyo ciza kuruta ico Yezu yari kuronka kugira aserure iciyumviro ciwe, na co kikaba ari iki: Nitwemera inyigisho ziwe kandi tukazigamburuka tukongera tukemera ko atuyobora, uwo «mwungere mwiza» azotubungabunga.

18. Ni hehe twokura amakuru yerekeye ivyo Yehova yaremye?

18 Twokwiga gute gukoresha ibigereranyo bifatiye ku vyaremwe? Twoshobora gukoresha ingereranyo zoroshe yamara ngirakamaro dufatiye ku bintu nyamukuru biranga ibikoko. None twokura hehe amakuru yerekeye ivyo Yehova yaremye? Bibiliya irimwo amakuru menshi ajanye n’ibikoko bitandukanye, kandi rimwe na rimwe irakoresha mu buryo bw’ikigereranyo ibintu biranga ibikoko. Bibiliya iravuga ibijanye n’ukunyaruka nk’ingeregere canke ingwe, ukwiyubara nk’inzoka be n’ukuba intungane nk’inuma. c (1 Ngoma 12:8; Habakuki 1:8; Matayo 10:16) Turashobora kandi kuronka amakuru ngirakamaro mu binyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! no mu biganiro n’amavidewo biri kuri jw.org mu rukurikirane ruvuga ngo «Vyoba vyariyadukije?» Urashobora kwigira cane ku kuntu amakuru arimwo akoresha ingereranyo zoroshe zifatiye ku bintu vyinshi bitangaje Yehova yaremye.

Yarafatira ku bintu bimenyerewe

19, 20. (a) Yezu yakoresheje neza gute ikintu giherutse kuba kugira abeshuze iciyumviro kitari co? (b) Twokoresha gute uburorero bw’ibintu biba mu buzima igihe twigisha?

19 Ibigereranyo ngirakamaro ni ibifatiye ku bintu biba mu buzima. Igihe kimwe, Yezu yarakoresheje ikintu cari giherutse kuba kugira abeshuze iciyumviro c’uko ngo ivyago bishikira abavyikwegeye. Yavuze ati: «Bamwe 18 umunara wagwako i Silowamu ukabica, mwibaza ko bari abanyavyaha kurusha abandi bose baba i Yeruzalemu?» (Luka 13:4) Abo bantu 18 ntibapfuye kubera bari bakoze igicumuro cababaje Imana. Ahubwo bashikiwe n’urwo rupfu rubabaje kubera «ibihe bigoye be n’ibintu bishika giturumbuka.» (Umusiguzi 9:11) Yezu rero yarabeshuje inyigisho itari yo akoresheje ikintu cari cabaye abamwumviriza bari bazi neza.

20 Twokoresha gute uburorero bw’ibintu biba mu buzima igihe twigisha? Dufate ko uriko uravuga ibijanye n’iranguka ry’ubuhanuzi bwa Yezu bwerekeye ikimenyetso c’ukugaruka kwiwe. (Matayo 24:3-14) Woshobora kwerekeza ku makuru aherutse kuvugwa yerekeye intambara, amapfa canke vya nyamugigima kugira werekane ko imice kanaka y’ico kimenyetso iriko iraranguka. Canke na ho, dufate ko ushaka gukoresha ikintu cabaye kugira werekane amahinduka akenewe kugira twambare kamere nshasha. (Abanyefeso 4:20-24) Ni hehe wokura ico kintu? Woshobora kwihweza ibintu bitandukanye abo musangiye ukwemera baciyemwo, canke ugakoresha inkuru y’ivyabaye ivugwa mu bitabu vy’Ivyabona vya Yehova. Urashobora kandi gusanga inkuru z’ubuzima kuri jw.org mu rukurikirane ruvuga ngo «Bibiliya irahindura ubuzima

21. Ni ivyiza ibihe biva ku kuba umwigisha mwiza w’Ijambo ry’Imana?

21 Emwe, Yezu yari Umwigisha w’umuhanga! Nk’uko twabibonye muri iki gihimba, “kwigisha no kwamamaza inkuru nziza y’ubwami” ni co gikorwa yakora mu buzima. (Matayo 4:23) Na twebwe ni co gikorwa dukora mu buzima. Kuba umwigisha mwiza biravamwo ivyiza vyinshi. Igihe twigisha abandi, tuba turiko turatanga, kandi ukwo gutanga kurazana agahimbare. (Ivyakozwe 20:35) Ako gahimbare kava ku kumenya ko turiko turatanga ikintu gifise agaciro nyakuri kandi karamba, ni ukuvuga ukuri kwerekeye Yehova. Turashobora kandi kwironkera umunezero uva ku kumenya ko turiko turigana akarorero ka Yezu, wa Mwigisha ahambaye kuruta abandi bose babayeho kw’isi.

a Inkuru ya mbere yanditswe y’ubuzima bwa Yezu bwo kw’isi biboneka ko ari Injili ya Matayo, ikaba yanditswe haciye nk’imyaka umunani Yezu apfuye.

b Yezu yavuze kandi ko uwo muherezi n’Umulewi bariko “bava i Yeruzalemu”, bakaba rero bari bavuye ku rusengero. Ku bw’ivyo, ntibari kwitwaza ngo birinze uwo mugabo yasa n’uwapfuye kubera vyari guhava bituma bamara igihe batabereye gukorera ku rusengero.​—Abalewi 21:1; Guharura 19:16.

c Ushaka urutonde ruramvuye rw’ukuntu Bibiliya ikoresha mu buryo bw’ikigereranyo ibintu biranga ibikoko, raba igitabu Étude perspicace des Écritures, Igitabu ca 1, urupapuro rwa 306 n’urwa 308, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.